article comment count is: 21

Ibintu bitanu biteye isoni bikorwa mu gisagara ca Bujumbura

Turabibona, bamwe bikabatangaza, abandi ntihagire ico bibabwira. Ariko burya birateye isoni. Hari inyifato ziri mu gisagara ca Bujumbura zitubahiriza  umutekano w’abantu kandi ntiziheshe icubahiro igisagara kimaze imyaka irenga 120 kibayeho. Muri izo, ng’izi zitanu zitabereye twama tubona. 

Bishobora kuba bidakorwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Igihe cose ndabibonye birambabaza cane. Ariko ikinsonga, ni ukuntu abandi bantu umenga nta kintu na kimwe bibabwiye ; n’abajejwe umutekano. Ababikora bo baba babinezererewe umenga ni ko bitegerezwa kugenda. Kandi rero izo ngendo harimwo n’izitosaba ibintu birebire kugira zikosorwe. 

1. Ibarabara bita “avenue du marché”

Iryo barabara riri musi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Uravye uruja n’uruza ruhari, abantu baba buzuye muri ryo, ukaja ubona umuntu yubahutse akazanamwo imodokari yiwe, ataco yinona, birateye ishavu n’agahinda. 

Hari igihe iryo barabara ryacamwo abantu gusa, ariko mu nyuma imodokari zirazamwo. Sinzi ko ari jewe gusa bihagarika umutima, ariko ni ukuri imodokari ntizari zikwiye guca muri rirya barabara. 

Ahubwo ku bwanje, hari hakwiye kwigwa ibibanza vyagenewe abagenda n’amaguru gusa aho hose hari uruja n’uruza rwinshi. Vyogabanya amasanganya.

2. Umuvuduko

Nk’isaha zitandatu z’umurango, ukabona umuntu yiruka amasigamana ngo agiye gufungura hanyuma agaruke ku kazi. Ariko birateye isoni umuntu w’umugabo anyonga ukuri aho ajanywe “n’inda.” Mumbabarire cane kuri iyi mvugo, ariko ndabivugishijwe n’umubabaro. 

Uravye ukuntu ivyo bintu bitera amasanganya ijoro n’umurango, ni ukuri turakwiye kwisubirako.  

3. “Satuntutwanje” kuri Bata

Munkundire tuje aho bita kuri Bata, ni hagati mu gisagara ca Bujumbura. Aho hantu, iyo amatara acitse, biratangaje ingene uja ubona umwe wese asohoye akamashini k’umuyagankuba, kitwa “Groupe électrogène” mu gifaransa, ugasanga imbere y’inzu imwe imwe yose buriko buratitima. 

None, ko bose bakorera hamwe, kandi bakenera umuyagankuba bose, bokwitunganya hanyuma bakagura ikimashini kinini basangira hanyuma bakagurira hamwe igitoro, ntivyogenda neza ?  Kumbure bovuga bati kirazimvye, ariko hopfuma haza umugwizatunga akayigurira bakamukota.   Si mu “muji” none ? Ni ukuri burya butitima burateye isoni iyo ari bwinshi mu kibanza kimwe bufukumbura n’imyotsi aho uciye hose.

4. Amabisi ashaje

Abarundi bati: “Ijambo ryama mu kanwa rigacika inkonda”, nta n’ico nari nkwiye kukivugako, kuko cavuzwe kera hasigaye ko gifatirwa ingingo. Mu makaritiye ya Nyakabiga, Buyenzi, Bwiza na Jabe, izo modokari zunguruza abantu zirateye ikigongwe. Zigenda ivyuma vyazo vyose biri hejuru, umusi uri aho nahoze ntwenza abo turi kumwe nti erega duhava tubona igitesi bashizemwo ingene gitembera mu modokari. Baritwengeye ariko birababaje cane. 

Jewe n’ubu sintahura ingene izo modokari zihabwa ivya ngombwa, nk’urupapuro rwemeza ko ikomeye rutangirwa muri OTRACO. Izo modokari ntizikigira impfunguruzo, mu kwatsa bafatanya intsinga, intebe zazo zarashaje ntiworaba. Zigenda zirazima inzira yose, abantu bakidoga gusa ariko bakabandanya bazifata. None bogira bate ?

5. Bagenda bakikamye

N’uruja n’uruza ruhari, aha mu gisagara, hari abakenyezi n’abigeme batari bake bafata amakinga canke amapikipiki, mu kuyicarako bakagenda bakikamye. Igihe cose duhuye n’uwicaye uko, izo mu nda zirasha kuko nguma mbona ko umwanya n’umwanya ahava akoroka. Itiriganye gatoya ikamusevya, yotanguza agakomokomo n’akagongo akamererwa nabi cane. 

Ababikora kenshi baba bagomba kwicara biyegeranije nk’uko biri mu mico y’Abarundikazi, ariko rero, hagukina ku buzima gutyo, bopfuma bareka kuzifata, canke bakagenda bicaye uko bitegerezwa, hanyuma iyo ndero bagasubira kuyigendera bavuye kuri ico cuma. Erega ni ukwiyahura !

Ivyo bintu vyose kugira bimere neza, mwibaza ko hakenewe ibikorwa vy’umurengera ? Uko biri kwose, ni ibisanzwe cane kandi birashoboka. Bisaba gutahura no gushiramwo ugushaka, ibisigaye birikora. Ariko kuri bimwebimwe harakenewe ingingo z’indongozi kugira binyaruke. 

Mbega namwe nta zindi nyifato mubona  zoba zitabereye igisagara ca Bujumbura ? Dusabikanirize. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (21)

  1. Uvuze ukuri nk’ukurima yamara rero vyinshi mu vyo wavuze biragoye cane.
    -Nka harya wise « avenue du marché », amategeko n’abajejwe umutekano nibo bonyene bokingira abagenda n’amaguru, n’ayo ubundi benshi barataye ubuntu, biyumvira ikiberekeye gusa. Il s’agit d’un manque de civilité qui tend à se généraliser.
    -Ni nk’ivyo vy’amabisi ashaje canke yugurukira mw’ibarabara, abajejwe umutekano w’abanyagihugu barabahevye kuko abofata ingingo kenshi bagendera mu ma camionette afise ibiyo bitabona. Ni abo bari bakwiye gukingira amategeko. co kimwe n’imivuduko y’ umunoho nk’uko wabivuze.
    -Abagenda bakikamye benshi ngo bijanye n’ukwemera kwabo. Ubiravye vyuzuye ubujuju kuko amagara asumba vyose.
    – Biragoye ko abantu bagura imoteri imwe, kuko benshi barapanze kandi gushira hamwe vyogorana cane.

  2. Murakoze cane kuri iyo article yanyu, ariko hari n’ibindi biteye isoni abantu bihagarika aho babonye hose, cane cane abagabo. Barakwiye kwisubirako.

    1. @Kady
      Muri Avril 1991, jewe nanje hamwe n’abandi banyeshule batatu twigana Glendale (= part de Greater Phoenix, Arizona, USA) twaragiye n’imodoka bidufata amasaha makeyi ataho duhagaze imbere yo kwinjira muri petite ville frontaliere Nogales au Mexique (hari icigwa kimwe cadusaba kujayo kuraba ihinguriro rimwe rya maquilladoras (= usines zikoresha abamexicains kuko bahembwa amahera make (par rapport aux Etats Unis) hanyuma umwimbu wabo ugashoregwa muri USA).
      Nasavye gukoresha toilette mw’ihoteli imwe iri aho ku rubibe (ntitwari bwashike neza iyo twari tugana mugisagara) hanyuma babanza kungora.
      Sinzi ko aruko ari jewe gusa nirabura mubo twarikumwe, mugabo vyaciye binyibutsa aho nari najemva muri Tanzania mu myaka myishi y’inyuma aho les petits restaurants zitakorohereza gukoresha toilettes zabo mugihe ataco waguze co gufungura iwabo.

    2. @Kady
      Mumbabarire, nanditse gukoresha toilette (= to use toilet), aho nokwanditse kuja ahari toilette. Bwabundi guhindura mu kirundi c’iwacu ntivyoroshe.

  3. Shirako icubwiherero public.
    Turi mugisagara umuntu ashobora kwihagarika ahariho hose shiti nubwo uwujejwe umutekano yoba amubona,ntaco vyica ariko ndarwa nkagaruka kuko uretse mumasoko ,nta handi hoowihagarika haboneka.

  4. hhhh, ni ikiyago ciza k’ubwanje naho wagiye ukoresha imvugo ifobetse, je maze igihe nibaza kw’ijambo dusgaye dukoresha cane ngo: #IMVUKIRA, hamwe mwonkundira turyiyumvireko.

    1. Ijambo imvukira ririko rikoreshwa cane mugisagara ca bujumbura kuberiki?
    2.Mbega iyo rivuzwe riba rigamijiki?

  5. Emwe,urakoze cane. Jewe nanje hari ibintu nubu ntarumva igituma abatwara mairie bayabihagurukira.
    Isuku: ujubona umuntu w’umugabo adoba mu gisagara hagati ata mutima usimba. Câble ukaja ubona umuntu yuguruye ikiyo c’imodoka nziza ataye igishishwa c’umuhwi canke agacupa kvuyemwo jus mw’ibarabara

  6. Igiteyisoni numucafu nibisash ahuciy hos. Ukongerako nabapolisi baka karangamuntu Kd bunva avuga ururimi nkurwabo. Atanicobakuronderako Atari inoti.ikindi bakagusaba facture yivyufis na téléphone ngendanwa vraiment !

  7. Muvyo uvuze vyose nivyo birateye isoni ariko n’ukwihweza n’ibituma abantu bakora ivyo bintu.
    – Umuvuduko : n’ukumenya ko harya umukozi afise iminota 30 kugira yifungurire hama aheze agaruke ku kazi. Ishire mu kibanza c’umuntu agerageza kuziganya uduhera ukwo ashoboye kugira aheze kuriha ideni ry’inzu yiwe uwo twomuhora kunyarukira muhira kugira aronke utwarya hakuja mu nzu yuburiro hafi yaho akorer à ?
    – Kuri Bata : harya kugira umwe wese akamashini k’umuyagankuba bituma agabanya amahera akoresha ku kwezi. Ugushira hamwe bisigura ko boriha Bose amahera amwe kandi hariho abakoresha umuyagankuba mwinshi kurusha abandi.

    Kuvyo mbona nuko twogerageza kubanza gutahura igituma abantu bagira ivyo bagira hakubanza kwiyumvira uko twebwe dushaka ko ibintu vyogenda.

  8. Utaraca saint Michel matin naho ngurabe imivyindi iba itonze muri rirya caniveau, mumbarire sinkoreshe imvugo mbabarir matwi nabuz terme bihuye!

  9. Ikindi mbona nanje KO cohinduka ni ikintu kijanye no gusaba Lift nshatse kuvuga bamwe nitwa abagonzi rivuye mukugonda urutoke usaba KO bokunguruza.rero vyarambabaje aho mpora mbona umuntu agonda urutoke kandi urugendo gwiwe rutarenza 1km kandi iyo yazinduka atari gucegwa.iyo ngeso turakunze kuyubona kenshi kubantu bicegwesha kukazi bagaca bateza amasanganya mwibarabara kuko baba bahagaze mwibarabara ngo narindiriye uwubunguruza batasezeranye.

  10. Murakoze cane ariko hariho nikindi kijanye nabantu bama bicegwesha kukazi canke muyindi mirimo yaminsi yose ariko iminsi yose bakama bahagaze mwibarabara basaba KO babunguruza.rero ivyo birateza amasanganya n’umudugararo kuko usanga n’urugendo bafise rutanarenza 1km ariko ugasanga bahagaze mw’ibarabara ngo narindiriye uwubunguruza kandi atawe bavuganye.ivyo rero birateza amasanganya hamwe n’ama embouteillages kandi bituma akazi katakogwa neza kuko ntibaheza ngo batondere kumasaha

  11. Burya murivyo wanditse,, jew ico nkuramo giteye isoni cane, n’ingene ataco vyotwara abajejwe gufata izo ngingo zose kugira babashe kubibona ivyo vyose bikenewe..mu bintu bimbabaza ni ukubura gufata ingingo Aho zategerezwa gufatwa kuranga Abarundi kabisa, canke ugufata ingingo Hama ntibashigikire iryavuwe mu kanwa kano.. haciye akanya ukzbona ibintu ntibigira uwubikurikirana..

  12. -Abantu bihagarika kw’ibarabara;
    – Abantu binjira numa busi bacafuye cane, ukabona ko bitorohereza abo bicaranye;
    -Abantu mwicarana muri bus, uronse message kuri téléphone mu gatanguranwa kuyisoma;
    -Abantu babesha muri bus, uwumuhamagaye akamubwira ahatariho 😂😂😂

  13. Ibindi kidasa neza Land gisigaye gifatwavnk’ibisanzwe ni ava baja muri support i kiriri n’ayandi bari gusa.abantu beshi b’abakobwa basigaye bambara amakora ukabona neza ko naho boyikura atanakimwe cohinduka.igitangaje uyoberwa umwanya uyoberwa nyina ntawuhanura uwundi kandi bava Aho baba babibona.Hariho abarenza urugero nukuri ibihimba vy’umubiri bikicapa vyose uko vyakanye.mbega umusi iyo ngeso yofata abagabo ibarabara ryosa gute!

  14. Abantu banka guca kuri pont pour piétons bagahitamwo guca mw’ibarabara batevya imiduga yihuta avec le pretexte y’uko uwuciye kuri pont afise « retard ya UNE MINUTE » kuwaciye mw’ibarabara