article comment count is: 0

Ibintu 4 wofasha umunyeshure ariko arakora ikibazo ca Reta

Ni kuwa 28 Mukakaro, abanyeshure barangije amashure yisumbuye baramutse bakora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu nyigisho za kaminuza. Ahenshi mu miryango ifise urwo rwaruka, kubera ukutamenya, canke ukwibaza ko ari urugamba rwega bene gukora ico kibazo gusa, ntibitaho kubafasha. N’iyo babikoze, babikora ukutari kwo. Ng’ibi ibintu 4 mwobafasha. 

Kuri urwo rwaruka, iyi ni indwi “nyeranda”. Iyi misi ine, ni ikiringo gifise uruhara ntangere muri kazoza k’ubuzima bw’abakora ico kibazo. Umunyeshure wese ashitse kuri urwo rwego, hari ibibazo agendana mu mutima wiwe. Ati : « mbega, nzogitora canke kizonanira ? Hamwe conanira, ubuzima buzobandanya gute ? Ab’iwacu bazovyakira gute ? Nokora gute ngo sinze mbe mu mugwi w’abazonanirwa ? » N’ibindi. 

Ivyo bibazo vyose, ntibishobora kuronka inyishu, imbere y’uko umunyeshure arangiza ico kibazo. Maze, bimwe muri vyo, biza kwishurwa neza na neza ari uko abonye umwimbu w’ivyo yakoze. Vy’ukuri umutwaro uba munini, ukamara igihe kirekire. Muti none twomufasha gute ?

1. Mwiteho mu twa nkenerwa

Hari utwa nkenerwa yifashisha muri ico kiringo : ibikoresho vy’ishure, ukwiyunguruza aja kw’ishure, imfungurwa canke uburaro bwiwe, n’utundi twinshi. Fata mu minwe utwo tuntu twose, mutumufashemwo. Bizotuma yumva ko muri hafi yiwe cane, yumve ko hari abantu bamufashije kwikorera wa mutwaro, maze yumve ataremerewe canke atatereranywe ubuzima arimwo. 

Amaze gushika imbere y’urupapuro rw’ikibazo, ah’uko ubwoba bwomutekera, aca agira ati : « nta bwoba, kanaka turi kumwe. » Agakora atekanye. Uwo mutekano wo mu mutima no mu mutwe, uramufasha gushira umutima ku kibazo kiri imbere yiwe (« concentration » mu rurimi rw’Igifaransa).

2. Muganirize neza

Abatari bake, canecane abavyeyi, bahengera umunyeshure agishika muhira, avuye gukora ikibazo ca mbere, ukaza wumva ngo : « gute ? wabitoye ? » Ayo majambo aravuna mu mutima, na canecane bishitse umwana akaba yananiwe. Ikigeretseko, bimwongerereza ubwoba bw’ibibazo bisigaye, kuko mu vyiyumviro vyiwe aca yumva ngo : « ni wihenda ukananirwa, umuvyeyi wawe ntimuri kumwe. » Ni ukwiyubara mu buryo mumuganiriza. 

Mwereke ko mumwitayeho, ahubwo. Mugaragarize ko, ubucuti mufitaniye butagarukira kuri ico kibazo ca Reta gusa. Murondere ibindi biyago mbere vyonamusamaza gatoya, bigakura ivyiyumviro vyiwe ku vy’ico kibazo. Nk’akarorero, mumutere inkuru z’ibihe biryoshe wigeze kubamwo muri kahise, canke ibindi bintu uzi vyomunezera woba wabayemwo. Umutwenze, mu mwanya mutoya. Biramufasha kuruhuka, akitegurira ikibazo gikurikira yumva aremye. 

3. Mufashe mu gukoresha umwanya

Urwaruka rugeze muri iyo myaka, akenshi ivy’ugukoresha neza umwanya ntibavyitwararika. Bitaho cane ikinezereza umutima wabo, batitaye ku cihutirwa canke igikenewe. Mu gihe nk’iki rero, ubufasha kuri ico kintu ni ngirakamaro. 

Mu biganiro bike mugirana, kugira na wewe nyene ntumutware umwanya wose, mufashe kwitunganiriza urutonde rw’ivyo ategerezwa gukora, na canecane ibijanye n’imyiteguro y’ikibazo. Ntugarukukirize aho, mufashe no mu kurukurikiza, mumurinde ikintu cose comuhungabanya. Nk’akarorero, mumurabire ntihagire abandi bana, imboneshakure, amaradiyo canke ibindi vyomuhungabaniriza umwanya wo kwiga. Unamwibutse mu gihe ubonye atariko arakurikiza rwa rutonde. Ukoreshe ijwi ry’umuhanuzi, wirindi gukara no gukankama. 

4. Muhe umwidegemvyo

Womengo ntibijanye ; ukumuba hafi no kumwigira kure mu mwanya umwe ? Ariko ni uko nyene. Utegerezwa kumwereka ko umushigikiye, mu mvugo no mu ngiro, ariko kandi ntumwereke ko ico kiringo c’ikibazo kiguhanze gusumba uko gihanze nyeneco. Mwereke ko uvyitayeho, ariko bitakubujije gusinzira. 

Nk’akarorero, naho ari vyiza kumufasha gukoresha neza umwanya, si vyiza ko woca uja no mu makaye kuraba ivyo ariko ariga, canke ngo ugume umwinjirirako, incuro nyinshi, mu cumba ariko arigiramwo, kugira umubaze uko biriko biragenda.  

Menya neza : nturondere guca uzana canke ukora ibitahora hagati yanyu. Ahubwo, hinyanyura birya vyahahora, ubigire vyiza kurusha uko vyahora bigenda. 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion