article comment count is: 1

Covid-19 : ibi bibanza bishobora kuduhonya ni tutiyubara

Naho abantu basa n’abadebukiwe mu gukurikiza inyifato zibuza kwandura umugera wa Covid-19, ico kiza ntaho caroye. Narirya “uwutosora ifuku agumiza akatsi mu jisho ryayo”, ntawohengeshanya gusemerera kugira Abarundi bagume bikingira. Turabire hamwe ibibanza bibiri ababijamwo n’ababikoreramwo bakwiye kwiyubara gusumba. 

Kuva ikiza ca Covid-19 cadutse, harakozwe vyinshi kugira ngo abantu bakimenye, bacirinde. Reta y’Uburundi mbere yahavuye itanguza isekeza yise iti: “Ndakira, sinandura kandi sinanduza.” 

Naho biri uko, nk’uko tumaze kubibonera hamwe, hari imirimo myinshi canke ibibanza abantu bokwanduriramwo canke bakanduza. Ng’ibi ibindi bibanza vyiyongera kuri vyinshi twashikirije, bishobora gutuma uwo mugera uhanahanwa kurii benshi kandi vyoroshe.

Amazu yo kunonoreramwo imitsi bita “gym tonic”

 “ Yo! Erega ico kibazo umbajije giciye kinyugurura amaso. Urazi ko duhurira mu nzu imwe kandi hari aho usanga umwe yikorera uwundi. Sinokubesha birashika nyene umuntu agakorora kandi twoca twanduzanya twese hamwe hoba uwufise umugera wa Covid-19.”

Iyo ni inyishu nahawe n’umugenzi nabonye asohotse abigiragira ivyuya ari kumwe n’abandi benshi bari kumwe, mu nzu imwe mu zo biberamwo mu gisagara ca Bujumbura. 

Aremeza ko atari bwiyumvire na gatoya ko ashobora kwandura canke kwanduza bagenziwe bagirira iyo myimenyerezo hamwe. Ko turi mu gihe kigoye cane, abagirisha bene iyo myimenyerezo barakwiye kuraba ukuntu bohatunganya bisunze inyifato zituma abantu birinda kwandura canke kwanduza.

Amazu bamweramwo

Ahantu henshi abantu bimoshereza, usanga uwumobwa bamwambika igitambara cari cambitswe uwundi, imashine ikaba yayandi nyene. Uravye neza, ahenshi usanga bitwa ngo barazihanaguye mugabo umuti bakoresha udashemeye na gato. Ibaze namwe umuti bashiramwo amazi bagashira mu gacupa kavuyemwo amazi, bakawukoresha imisi myinshi bafundurura basubira bongera bakozamwo ipampa riri ku rutoke. 

Iruhande y’ivyo usanga uwukumwa ashobora gukorora canke kwasamura akaba arahaye wewe uriko uramobwa, co kimwe n’ababa bari ngaho bose. Eka n’uwimosha canke uwundi wese aba ari ngaho ni ko kw’uko. Ubona ko vyoroshe ko uwo mugera urandagata muri bose, kubera ko aho bamwera nka hose haba hari ivyuma bizana umuyaga,  na vyo vyoshwiragiza uwo mugera muri bose.

Abamwa abantu rero, co kimwe n’abimosha botegerezwa kwama bashize ku muzirikanyi amategeko yo kwikingira ico kiza, bakama na ntaryo bambara agapfukamunwa. 

Ivyo bibanza bibiri biri mu bikwiye kwitonderwa cane, hagahinyanyurwa ikoreshwa ryavyo. Kurya n’ahandi bashishikara gukurikiza impanuro zo gukinga ico kiza, naho nyene bigakorwa bishimitse. Ivyo vyofasha cane. Ahandi hoho twese tuzokwandura, twanduze, dusange urugamba rwo kurwanya ico kiza gihanze isi ruratunaniye kandi hari uburyo bwo kuzitira tutakoreshejeje.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)