Kuva mw’ijoro ryo ku wa 17 rishira uwa 18 Kigarama, amakuru yagumye avugwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, ni ayerekeye urupfu rw’uwahoze arongoye Uburundi Petero Buyoya. Nk’uko urubuga rw’Ijwi rya Amerika rubivuga, ntiharamenyekana ico urupfu rwiwe rwavuyeko, ariko hari abavuga ko yoba yahitanywe n’ikiza ca Koronavirisi. None uwo munyeporitike yari nde ? Ng’iyi incamake y’ivyaranze ubuzima bwiwe.
Petero Buyoya yavutse mu 1949 muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi, aho yize amashure matomato n’ayisumbuye. Kuva mu 1967 gushika mu mwaka w’1975, yagiye kubandanya amashure mu gihugu c’Ububirigi, aho yanonosoye ivyigwa vya gisirikare.
Agarutse mu Burundi, yaciye yubakana na Sofiya Buyoya Ntaraka. Inyuma y’umwaka umwe gusa, mu 1976, yaciye asubira kuja kunonosora ivyigwa vyiwe mu gihugu c’Ubufaransa. Mu 1980, yasubiye kuja kubandanya amashure mu gihugu c’Ubudagi aho yamaze imyaka ibiri.
Ubutegetsi bwiwe
Petero Buyoya agarutse mu Burundi, yararanguye amabanga atandukanye mu gisirikare c’igihugu imbere y’uko atembagaza intwaro ya Yohani Batisita Bagaza mu 1987. Bimwe mu vyaranze ubutegetsi bwiwe ico gihe, ni amagume ya Ntega na Marangara yahitanye abanyagihugu benshi bo muri ayo makomine yo mu buraruko bw’igihugu.
Ikindi yaharaniye ndetse agashira mu ngiro ku ntwaro yiwe, ni umugambi w’Ubumwe bw’Abarundi washizweko umukono ku wa gatanu Ruhuhuma mu 1991. Uwo mugambi waciye ushushanirizwa ibendera, rihungabana igihugu cose. Iryo genekerezo riri mu misi mikuru Uburundi bwama buhimbaza buri mwaka.
Ikindi tutokwibagira cabaye ku ntwaro yiwe, naho kitoroshe cane, ni ugusubira kubona mu Burundi umuzo w’imigambwe myinshi hamwe no gutunganya amatora yo mu 1993.
Inyuma y’ayo matora , umugambwe wiwe Uprona uhejeje gutsindwa na Frodebu ya Melchior Ndadaye, yaravuye ku butegetsi.
Amasezerano y’i Arusha
Mu 1996, yasubiye kugaruka ku butegetsi atembagaje intwaro ya Sylvestre Ntibantunganya. Ico gihe Uburundi bwarafatiwe ibihano n’amakungu. Ni na ho yatanguza ibiganiro n’imigwi yarwana, bihava bishika ku masezerano y’I Arusha ku wa 28 Myandangaro 2000. Ayo masezerano yabaye isemo ya mbere imirwi imwe imwe itangura guhangarika intambara mu Burundi. Mu mwaka w’2003, Petero Buyoya yavuye ku butegetsi abishije Domisiyano Ndayizeye.
Inyuma y’aho, Petero Buyoya yagumye muri poritike ari umukenguzamateka, nk’uko ibwirizwa shingiro ryo mu 2005 ryabitegekaniriza abahoze ari abakuru b’ibihugu.
Inyuma y’aho, Petero Buyoya yarajejwe amabanga mu makungu, harimwo guserukira umuryango w’Ubumwe bw’Africa muri Mali no mu karere ka Sahel, aho yari amaze imyaka umunani.
Yaheruka gutanga imihoho muri ayo mabanga inyuma y’aho ubutungane bw’Uburundi bumuciriye urubanza rwo guherayo bumwagiriza kugira uruhara mu rupfu rwa Melchior Ndadaye.
Majoro Petero Buyoya yitavye Imana afise imyaka 71, akaba yari amaze kwandika ibitabu bitatu mu rurimi rw’igifaransa : Naissance et organisation du Front de Libération nationale algérien yanditse arangiza amashure mu 1974, Mission possible : plaidoirie pour la paix au Burundi yanditse mu 1967 hamwe na Les Négociations inter burundaises : une longue marche pour la paix casohotse mu 2011.
« Mission possible : plaidoirie pour la paix au Burundi » sûrement pas en « 1967 ». Vérifier et corriger. Merci.
Imana nimwakire
NTAKUND NIYIHANGAN
Nagende Imana Imwakire Niyaba Yakoze Ibiyinezera.
C’est très synthétique. Et sa mort est subite on aurait du le voir encore
C’est très synthétique. Et sa mort est subite. L’histoire avait encore besoin de lui!
narenguk nimb yakoz nez az kunezegwa
Ni yaba ya rakoreye uwiteka ivyo ya mushinze kuva akimurema uwiteka niwe azi neza Ishimwe ya muteguriye kuvyo yaranguye ku riyisi?
Nagende Natwe Niyo Tuza
Niwigire Wari