article comment count is: 1

“Amateka” y’incungu y’ukwikukira yaririmbwe n’Abarundi

Umuganwa Rudoviko Rwagasore yakoreye ivyiza vyinshi Uburundi, ku buryo bitazokwigera vyibagirwa. Yaharaniye intahe y’ukwikukira atako arayizira, ivyo Abarundi batigeze bahengeshanya kuyaga. Turabire hamwe “amateka” yiwe Abarundi batazokwibagira, yaririmbwe na bamwe mu baririmvyi batandukanye.

“Rwagasore akija kwitanga, yasezeye ikomine zose, za intwari z’Uburundi[…], Yasezeye abavyeyi, ati : mwa bavyeyi mwiriwe ho, bati: nyakuramba twiriweho. Mfise vyinshi binyerekeye, ubu ngiye i Bujumbura, gusezera abagenzi, ndacurwa sinzi ko ngaruka, …”

Ayo majambo ndayibuka mu karirimbo twaririmba tukiri mu mashure matomato ku musi nk’uyu, Uburundi bwibuka igandagurwa ry’iyo ncungu y’ukwikukira kw’Uburundi. Ako karirimbo kari kababaje cane, kuko kadondora ukuntu uwo mwana w’umwami yiyumvamwo ko agira yakwe ubuzima, maze agasezera abavyeyi, incuti n’ abagenzi. Hambavu y’uru ruririmbo, hari n’izindi zigaragaza ubutwari bwaranze uwo mwana w’umwami.

Yakunda umwenegihugu muto

“[Rwagasore] yashaka gukura Uburundi mu buja ”, ivyo biririmbwa na Evode Ntahonankwa mu ndirimbo yaririmbiye uwo muganwa. Ni ho igihe cose agiye kwiga, yaguma araba ico yozana gishobora kugirira akamaro Uburundi n’Abarundi. Yaciye azana ivy’amakoperative, ateza imbere ibiterwa nk’ikawa, n’ibindi.

Ikindi kidasanzwe yakoze avuye mu Bubirigi, kwari ukugwiza ibigwati, gutyo baronke umuyagankuba, amazi meza, n’ibindi.

Yari intwari, akaba imfura nzima. Yemeye gusesa amaraso ngo Uburundi bubohoke.

Umuhuza w’Abarundi

Rwagasore yiyumva ko ari Umurundi. Ntahonankwa akamuririmba ati: “ Yari Umuganwa yiyumvamwo ko atari Umuhutu, ntabe Umututsi, eka ntabe n’Umutwa. Ariko [yiyumva] ko yavuye mu nda y’ingoma, yanavukanye amasaka nk’uko benshi babivuga.”

Rwagasore yatega amatwi abamwituye bose. Ntahonankwa muri ako karirimbo k’inkoramutima avuga ko yatera abiri n’abakuru n’abato, akaba umuhoza w’abakene n’abakire. Iyo ikaba ari inyifato ibereye zina ndongozi ku nzego zose z’igihugu.

Ababizi ni Abisiramu baba mu Buyenzi imbere y’ukwikukira, kw’Uburundi, basa n’abakumiriwe mu bitari bike. Rwagasore yapfuye gushika ava mu Bubirigi, aca arabiyegereza.  Iwe, amahoro n’ ubumwe vyaza imbere ya vyose.

Ariko…

Mu Burundi Rwagasore yarota, nta bisuma, nta mihimbiri, nta bambuzi, eka mbere nta n’abarya ibiturire bari kurangwayo. Icibagiwe coco, ni abicanyi canke abantu bahohotera abandi bitwaje igikenye. Yahamagarira Abarundi kubarwanya iyo barangwa hose.

Ivyo tubisanga mu ruririmbo Rwagasore rw’umugwi Lion Story, aho abo baririmvyi bahamagarira “abana ba Ntare” (Abarundi b’ukuri), gukurira hasi abakora ayo mahano. Ivyo babivuga bisunze ukuntu ivyo uwo umuganwa yagomba kurwanya vyigaragaza mu gihugu cacu.  Kukaba nka ko, igihugu kirimwo ubwo bubegito, kiba iciro ry’imugani, kikama mu marira n’ubukene budahera. Ivyo Rwagasore yari yarabitahuye.

Ntahonankwa avuga ko yari umuhinga akaba inshirwarimenetse, ikirengeye ivyo, akaba yari umuntu ashira imbere amategeko. Yavuga ukuri, naho yahavuye akuzira. Ikibazo umuntu yokwibaza uno musi, abamukurikiye boba babikora uko ?

Nta wobideha, Rwagasore yari umuntu adasanzwe Imana yagabiye Uburundi. Iyo izina ryiwe rivuzwe, jewe ubwanje, muri jewe, numva havyutse umutima w’ubutwari, w’ubuhizi, nkumva nkwiriye kugira ico nkora  kugira Uburundi butere buja imbere. Ese hamwe twese twoba ba Rwagasore nk’uko umuririmvyikazi Bernice The Bell abivuga, asaba guca mu makanda y’iyo ncungu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Attention aux mythes et à la fiction ! Rwagasore n’ pas versé son sang, il a été assassiné. C’est différent. Il n’a jamais dit qu’il allait dire au revoir à ses amis à Bujumbura. Il y est allé pour gouverner, pas pour se suicider. Cette histoire de création de villages est une fiction. Il a par contre crée en plus de l’Uprona, l’Union des coopératives et le Cercle Culturel des femmes Burundaises de Bujumbura. Il y a parfois de la fiction autour de lui.