article comment count is: 1

Amagara yacu: mu gisata c’uguhanahana abagwayi ni akajagari

Iyo umuntu akitswe n’amagara akaja kwitura muganga, si imisi yose amenya aho yotumbera; ugasanga umurwayi yituye uwo atari kwitura, akanya kakaba karagenda, uno nawe ariko arasinzikara. Yamara umuti w’iyo ngorane urahari; naho nyene utoroshe.

Ica mbere twokwibukanya ni uko abaganga mu Burundi bakiri bake cane, dufatiye muri rusangi. Mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi rihanura ko haba umuganga umwe ku banyagihugu ibihumbi cumi, twe mu gihugu cacu, turacari ku bice 0.6 % gusa. Aho rero ni muri rusangi. Hagera muri ba baganga babinonosoye (“spécialistes” mu Gifaransa ) ho, bigakomera. Uretse ubuke bwabo mu gihugu, nka bose ubasanga i Bujumbura gusa, na canecane mu bitaro vy’abigenga, aho usanga hatazwi na bose. Ivyo rero ntibiheza ngo vyorohereze abashaka kubitura.

Ikindi gikunze gutera ibibazo, ni ugushaka kwitura umuganga yabinonosoye imisi yose. Yamara ubundi, si abarwayi bose bakenera abahinga, kuko hariho indwara zishobora kuvurwa n’abavuzi basanzwe canke n’abaganga atari ababinonosoye. Ivyo vyose biraheza bigatera ingorane cane. None muti umuti woba uwuhe, ko abantu bama bidoga igitondo n’umugoroba ?

Kunagura igisata co guhanahana abarwayi

N’aho biri uko, iyo haba hisungwa uko igisata c’amagara y’abantu gitunganijwe, ibintu ntibiba bimeze uko. Nk’akarorero, hari igisata co guhanahana abarwayi, ico bita “système de référence et contre référence” mu Gifaransa. Ico gisata cari inyishu kuri ivyo bibazo; ariko ikibabaje,  ntigikora uko categerezwa. 

Kihari ubundi kugira gihuze ibitaro n’amavuriro aba ari mu gihugu, kugira hatezwe imbere amagara, vyose ku neza y’umurwayi. Mu ndinganizo yaco, hafatirwa ku kugene amavuriro agenda arasumbasumbana, no ku kugene ayo mavuriro angana n’ivyo ashoboye gukora. Aha, twomenya ko hari ingero zine z’ayo mavuriro : amavuriro matomato, amavuriro y’uburere bw’ubuvuzi, amavuriro y’intara z’ubuvuzi, hamwe n’ibitaro vyo ku rwego rw’igihugu (“Hôpitaux de réference nationale” mu rurimi rw’Igifaransa).

Mu bisanzwe, umurwayi wese yategerezwa guhera kwivuza kw’ivuriro ryo ku rugero rwa mbere, babona batabishoboye akaba ariho bamurungika ku bitaro vy’akarere, vyanka akaja ku bitaro vy’intara, vyananirana gose bakabona kumurungika mu bitaro vyo ku,rwego rw’igihugu. 

Ubundi ho, ntaho vyakabaye aho umurwayi atangurira kwivuza ku bitaro vyo ku rwego rw’igihugu. Ivyo rero bikurikijwe, vyotuma umuganga yabinonosoye aja kuronderwa n’abamukeneye vy’ukuri, gutyo bikagabanya ubwinshi  bw’abamurondera, ubona ko n’uwunishe umutwe bisanzwe yisabira umuhinga yabinonosoye, rimwerimwe ugasanga ntivyari binakenewe. 

Igisata co kuranga

Uko imisi igenda ni ko amavuriro, yaba ay’abigenga canke aya Reta, agwira. Eka n’abaganga b’abahinga ni uko nyene. Ariko rero, si imisi yose aho baba bakorera hamenywa na bose canke ubuhinga baba bafise ngo bumenyekane. Ni muri iyo ntumbero hakwiye kujaho igisata co kurangira canke gutumbereza abarwayi, na canecane abakeneye abaganga b’abahinga. Uko kurangira kwoba hafatiwe ku bimenyetso umurwayi aba afise canke mbere uko asanzwe arwaye (indwara agendana). 

Hariho imigambi mwe n’iyo yagomvye gutangura, ariko ikigaragara ni uko idakora nk’uko vyotegerezwa, eka mbere ntinazwi na benshi, na nya baganga si bose bayikoresha. Kumbure, hari bamwe bataronka umutahe ukwiye wo kubishira mu ngiro neza, ari naho Reta ikwiye guhagurukira, mu gushigikira canke mbere igashiraho umugambi nk’uyo. Ikindi, kwoba gutunganya neza ico gisata kugira ntihagire ugutirigana kubamwo, ubona ko, mu vy’amagara y’abantu, ukwihenda gato bishobora kuba inkwezi y’amarere.

Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.

https://www.yaga-burundi.com/questionnaire-rapport-aide-developpement/

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. igisata c’ukuranga cari ciza. Mugabo iyo utomora abokijamwo. kuko nk’umiganga yigenga ashobora kwemera KO ashoboye vyinshi kandi hariho ibimusoba, gutyo bikamugora kurungika umufwayi kubabiboye. Twibagiye kuvuga ko bibaye ngombwa Muganga yorungika umugwayi kumu psychologue, psychiatre, tradi-praticien. A-ha turacari Kure.

    Ndashimye iki gisomwa nubutumwa burimwo. Murakoze