article comment count is: 2

Amagara y’abantu – “FBP”: ngo “nta wuhomera iyiyonka ?”

Kuva mu mwaka w’2010, mu Burundi, mu gisata c’amagara y’abantu, harashizweho uburyo bw’ugutanga agashirukabute gafatiye ku bikorwa, iciswe “Prime basée sur les performances” mu rurimi rw’Igifaransa. Uwo mugambi FBP (Financement basé sur la performance) waje gukiza vyinshi, ariko, hari abakozi bafise ka “gatoke kamenyereye gukomba” bawubangamiye.

Uwo mugambi ufatanye no kuvura abakenyezi bibugenze n’abana bari munsi y’imyaka itanu ku buntu, washizweho muri Ndamukiza 2010 kugira ukosore utugorane twari tuhari mu vyerekeye gushira amafaranga mu gisata c’ubuvuzi. 

Ni umugambi rero ushingiye ku gusubiza amafaranga amavuriro, hisunzwe ivyerekana uko ivuriro be n’akazi kahakorerwa vyifashe. Uwo mugambi usanzwe ufise ihangiro ryo guteza imbere ingene akazi gakorwa neza, gushiraho uburyo bwo gusuzuma ivyakozwe, gushigikira ubwigenge bw’amavuriro, gutera intege abakora kwa muganga, eka mbere n’ukungana kw’abantu mu vyo kuvurwa. 

Ni no muri iyo ntumbero ivuriro iryo ari ryo ryose ribanza gusuzumwa imbere yo guhabwa ayo mafaranga.

Muti bikagenda gute ?

Hari umugwi uja gusuzuma ivuriro kanaka. Uba ugizwe n’abantu bava ku mavuriro abiri atandukanye n’iryo baja gusuzuma, ukaba urimwo kandi abaserukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida. Uwo mugwi uraheza ugasuzuma ivuriro, hisunzwe ibintu bitandukanye.

Ica mbere ni kuraba ubwiza bw’ibikorwa bakora : bavura gute ? Bafise abakozi bangahe ? Bafise ibikoresho bikwiye ? Ahantu bakorera hasa gute ? N’ibindi. Ubwa kabiri, barihweza ibikorwa vyakorewe kuri iryo vuriro uko bingana: havuriwe abarwayi bangahe ? Bavujwe iki ? N’ibindi. Ubwa gatatu hakaba gutohoza mu bantu, kugira babaze ko abitura ivuriro kanaka bashimishwa n’ibikorwa bihakorerwa.

Inyuma y’aho, uwo mugwi uraheza ugatanga amanota kuri iryo vuriro, ari yo aheza agafatirwako hageze ko Reta itanga ya mahera. Ariko imbere y’ukuyatanga, hariho uwundi mugwi uza gusuzuma kandi amavuriro (icitwa “contre-évaluation” mu Gifaransa), kugira barabe ko batanga amanota amwe.

Uwo mugambi uri mu vyafashije kuvuza ku buntu abakenyezi bibungenze n’abana isinzi, wongera ufasha kandi gukomeza ikorwa neza ry’akazi kwa muganga, n’ukugene ivyo kuvura bisanzwe bitunganijwe.

“Aho mwabukaranga…”

Uwo mugambi, n’aho ari mwiza, nturi mu mavuriro yose ari mu gihugu. Ukorana n’ayafitaniye amasezerano na Reta gusa.  Vyongeye, amafaranga atangwa ku mavuriro uyasangamwo utunenge, bivuye ku kugene ivyo kugenzura amavuriro bigenda. 

Nk’akarorero, umusi w’igenzura, abo mu mavuriro babimenya hagisigaye imisi, nya musi warwo rero, ugasanga biteguye nk’abakira abashitsi nyene. Yaba isuku, gutunganya neza ibintu,… Eka mbere, hari n’aho usanga ibikoresho utari bwigere ukubita ijisho na rimwe kw’ivuriro, uwo musi bihari; igenzura ryahera, ntusubire kubikubita ijisho kandi.

Gutyo, uraheza ugasanga ivuriro rihawe amanota ritategerezwa kuronka na gato. Aha ntituvuze ivy’uko abajejwe amavuriro rimwe na rimwe babesha mu kuvuga ibitigiri vy’abarwayi birengeye abavuwe vy’ukuri, canke ivyo babakoreye ; tutibagiye n’uko hari abarwayi basabwa kwigurira n’amafaranga yabo imiti, kandi yotanzwe ku buntu, ivyo vyose kugira bazoronswe agashirukabute kisununuye.

N’igihe hageze guha agashirukabute umwe umwe mu bakozi bo kwa muganga, kenshi usanga ata kintu kiboneka bafatirako. Ni vyo, bararaba impamyabushobozi n’uburambe mu kazi umukozi aba afise, ariko kenshi harajamwo n’ikimenyane; ha kuraba uwakoze ngo ahabwe agashimwe kurusha abandi, kuko na none aba yarabarushije n’ibikorwa.

Umugambi ubwa wo ni mwiza, ariko, abawinyegeza inyuma bagakora amanyanga, bari bakwiye guhagurukirwa.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Uyu mugambi ni mwiza cane kuko uradufashiriza imigwi yabantu babangamirwa n’ingwara(abana_abavyeyi bibungenze). Ni mwiza kandi kubera amavuriro yotera imbere ,abakozi bagakora neza hama abo bayitura bakaronka akoyokwe bagiye kwivuza!
    Mugabo atwo tunenge twabikorakoze bagomba gusubiza inyuma iterambere ry’amagara y’abantu aryi shimikiro ry’iterambere ry’igihugu, Dusaba Leta yacu mvyeyi ko yobahagurukira ikabahanura vyase ikabahana!
    Ndangije mvuga nti:  » ivuriro ryifashe neza ni ubukiriro bwabose abantu bararihurumbira, arako irifashwe nabi rihinduka akaburi n’abantu ntibarirumbera baca bitura rumenyi »
    Murakoze

  2. Uti none hakogwe iki kugira iyomiti abagwayi baja kwigurira amumahera yabo bihagarare
    1 nuko reta ihashira tel fone kugira umuvuzi azotuma umugwayi aj kwigurira imiti azoce abahamagara
    2 ico mwavuze ko bashobora kumvako bazoza kubakontorora bagaca baja gutira ibikoresho bati basanzwe bafi kugira baronke amanota akwiy nuko reta yohashira abagenduzi niburiburi uko bahora baja kuraba ko bakora neza bakakagwiza nagatatu