article comment count is: 3

Ngo: “abatwa n’ishure vyaguye kubiri”, ni ukubesha!

Abavuga ko abantu bo mu bwoko bw’abatwa badakunda ishure, bakabaremeka ayo  bashatse yose, barihenda cane. Nzoyisenga Joantine, aba mu kigwati c’abatwa ca Busekera, kiri ku nkengera y’ishamba rya Kibira mu ntara ya Muramvya, arahinyuza ivyo ubwoko bwiwe bwagirizwa. Aradushingira intahe, agaheza agatera n’akamo abana nkawe.  

Uwo mwigeme w’imyaka 16 ageze mu mwaka w’umunani kw’ishure rya Ecofo Kavumu riherereye mu micungararo y’ico kigwati. Nk’uko avyivugira, kazoza kiwe akabona “mw’ikaye, nta handi”. 

Ku bavuga ko abana b’abatwa badakunda ishure, mbere ko ata n’ubwenge bafise, Joantine agira ati : “ubwenge turabufise; mbere n’ikimenyamenya, kuva ntangura ishure sindigera ndenga muri batatu ba mbere. Bitayeko muri uyu mwaka w’ishure wa 2019-2020, mu gice ca mbere n’ica kabiri nabaye uwa mbere. Murumva rero ko ivyo bavuga bitagira ifatiro”.

Ico kigwati ca Busekera kibamwo abana bagera kw’190. Kuva mu mwaka w’2006 bahashikirizwa, Joantine ari mu bana bambere bafise amashure menshi kuko abamubanjirije imbere, benshi bagiye baraheba batarashika kure.

Ibanga ry’ubwenge

Gukurikira umwigisha iyo ari mw’ishure eka ndetse no gusubiramwo ivyo baba bize ageze muhira, ngo ni ryo banga uwo mwana w’umwigeme akoresha kugira agume aronka amanota meza. Ati: « nta kidasanzwe nkora. Iyo ndi mw’ishure ndakurikira umwigisha hama ngeze muhira naho ngasubiramwo ivyo baba batwigishije. Ivyo ntatahura navyo ndegera abandi kw’ishure, bakamfasha; kuko nanje nama ndabasigurira vyinshi. I muhira, abavyeyi baramaze kubimenya; iyo hageze ivy’ishure, nta gikorwa na kimwe basubira kuntuma”.

Hampande y’ivyishure, uwo munyeshure arakunda kubumba, akaba ari navyo biheza bikamufasha kwigurira twa nkenerwa tumwetumwe. Akagira ati : “Biragoye ko abavyeyi baturonkera twese ibikoresho vy’ishure. Kenshi, abagiraneza ni bo badufasha; natwe iyo tubonye ivyo bikoresho, duca dukoresha inguvu zacu kugira turonke amanota meza, gutyo ntibabone ko bariko bakorera ubusa, n’aho hariho abo bigora bagaca baheba”.

Intambamyi

Aloys Niyonahabonye, umwigisha w’umukorerabushake afasha gusubiriramwo ivyigwa abana bo muri ico kigwati c’abatwa, avuga ati: “biragora cane guhimiriza abo bana ngo baje kw’ishure, kandi ata n’umwe babonerako akarorero”. Agashima cane ubwira bwa Joantine, abona ko buzobera akarorero abandi bana. 

Muri kazoza, uwo mwigeme yipfuza kuzoba “umudogiteri”, ari naco gituma ashaka gukurikirana amashure y’ubuvuzi. Agakebura abandi bana bo mu miryango y’abatwa ko ivyo abandi bashoboye n’abatwa babishoboye; gutyo, bijukire ishure, mbere barigire umugenzi, kuko ari ryo soko ry’iterambere rirama.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Barashoboye ikibazo nuko badafatwa mu mugongo mu mikoro make ari naco gituma benshi baheba.barabikunda kandi bavyitaho intambamyi ni izo mvuze

  2. Nivyukuri Pe! Barazi Ubwenge Ahubwo Babura Umwete Hamwe N’ivyankenerwa.Letta Yarikwiye Kubakurikirana Kubijanye N’ibikoresho Vy’ishure Kuruta Abandi (amakaye Karamu Impuzu..,)niyo Bageze Muyisumbuye Ba Bakiga Kubunt