article comment count is: 11

« Umuti umwe wovura indwara nyinshi gute zidasangiye amamuko ? »

Umushikiranganji w’amagara y’abantu aheruka kwandikira urwete mugenziwe w’intwaro yo hagati, amusaba guhagarika vy’agateganyo amashirahamwe yose y’abavuza bakoresha imiti kama. “Ico ciyumviro kije hageze”; nk’uko Païnette Niyongere abibona.

Intumbero y’urwo rwete ngo n’ukugira batunganye neza ico gisata, bagikingire abafyitirizi babiheka inyuma.

Kukaba nkako, ku musi wa gatanu, igenekerezo rya 16 Munyonyo kw’2018, isaha zitanu z’agatondo, nariko ndarengana kw’isoko ya Kamenge; niho nabona akarwi k’abantu bashengereye umuntu ariko arasemerera ko afise umuti w’ikirundi uvura ingwara nyinshi zishoboka. Kuva ku gucibwamwo, kugumbaha, umushishito, kugumbizwa, amibe, diyabeti, ndetse n’ugukabura igitsina, vyose yasemerera ko uyo muti ubihana gusumvya iyo kwa muganga. Iyo miti yari itandukanye n’iyo twari tumenyereye y’ivyatsi n’amababi canke amafu basekuye, kuko yoyo yar’iy’amazi iri mu macupa yavuyemo ibindi bintu, itagira n’ivyandiko vyerekana ibiwugize n’iyo yakorewe.

Amakenga!

Uburyo iyo miti icuruzwamwo, uko ibikwa, kutagira ivyandiko bigaragaza igihe yakorewe n’igihe izotera agaciro, biri mu vyanteye amakenga maze bintera kwibaza utubazo twinshi: umuti umwe wovura indwara cumi gute kandi zose zidasangiye amamuko? Umuti umwe wohabwa abantu bose ku rugero rumwe gute, kuva ku mwana, umusore ndetse n’umukenyezi yibungenze?

Yozofina, ni umukenyezi atazibagira ben’iyo miti y’abafyitirizi. Agira ati: “Haraheze imisi umugabo wanje atanshimisha mu buriri kubera yataha arushe kubw’akazi k’ubwubatsi asanzwe akora. Niko kumugurira uyo muti ngo mbashe kumukaburira ubugabo. Tukiwugurura, war’ufise akamoto kabi nk’uwataye igihe. Iryo joro sinzoryibagira kuko yaraye adasinziriye.”

Uwokwihenda ni uwokwibaza ko uwo mugabo yahavuye akira. Uwo mugore wiwe ati: “ Yaciye yama uruhere umubiri wose, atangura gucibwamwo. Twagiye kumushikana kwa muganga yaremvye, amara mu bitaro imisi ine.”

Itandukaniro ry’umuvuzi nyawe n’umufyitirizi

Kubwa Patiri Léopord Mvukiye asanzwe ari mw’ishirahamwe ry’abavuza imiti kama, yatangaje ko ico kibazo c’abafyitirizi bakizi, kandi ko bagerageza gukora uko bashoboye ngo bakirwanye. Uyo muvuzi w’imiti y’ikirundi avuga ko iyo umuti udateguwe neza canke ngo utangwe neza, aho gukiza indwara ushobora gutera n’izindi, ndetse ukaba wonatwara ubuzima bw’uwawukoresheje. Abandanya agira ati: “Umuvuzi kama w’ukuri, imbere yo kuvura abanza gutuma ibipimo vyo kwa muganga ngo abanze arabe neza ko ingwara agiye kuvura ayigwaye vy’ukuri, hama amenye urugero rw’umuti atanga.” Abandanya agira ati mu gihe abarwaye aribo barondera umuvuzi, abo bafyitirizi bobo nibo bironderera abarwaye gutyo ukabona neza ko ikibaraje ishinga atari amagara meza y’abo barondera ahubwo akunguko k’amafaranga bironderera.

Mu gihe iyo miti y’ikirundi itazwi, urugero rw’ubumara buyirimwo, hoshingwa umugwi uhurikiyemwo abahinga bo gupima iyo miti, hakubakwa ikigo kijejwe kugenzura no gupimiramwo iyo miti, hakagaragazwa ibiyigize, igipimo cayo, n’igihe izotera agaciro, maze iyo miti ikadandarizwa ahantu hazwi n’ababifitiye uruhusha nka kurya kw’imiti y’ikizungu, gutyo bikagabanya ndetse bikanatuza ibikorwa vy’abo bafyitirizi batukisha uyo mwuga, batitayeho amagara y’abenegihugu ariko bironderera akunguko gusa k’amafaranga.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (11)

  1. Ego kwel biragoy kubona abiyita abavuzi birirwabirukimisoz niyindi ntibagirahobabarizwa ngobarigutangimiti itagir insiguro bakwiye gukurikiranwa kunezayamagara yabantu.

  2. Imiti kama irafise akamaro kani ni mu bihugu vyashoboye kuyiteza imberbe ikibazo Cabaye muburundi n’uko Aho kuyiteza imbere bayigwanije ababikora baca baja mu kinyegero

  3. Jewe numvirije uwo muvandimwe,yadushikirije amajuru,numvise ko ar’umuganga mu mvugo.Muri make imiti y’ikirundi irimwo ivyunyunyu n’amavitamine umubiri wacu ukeneye kugira ngo wikingire ibitero bitandukanye,urimwo kandi n’ama substances atandukanye,ivyo vyose bituma igira ama propriéte atandukanye nyene:nka anti-biotique,anti inflamatoire n’izindi,kuyirwanya no gutuka abahinga bayo n’ukugira nabi,kukwo na basokuru yarabavuza,bakarambabagashikana,imyaka 120,atabirwara bagendana none abazungu ayidukuyeko,musigaye muyita ngo n’ibifutero.Mubindi bihugu nko muri Chine,Inde ,Japon nahandi bo barayitej’imbere barayihinguye,ariko igitangaje n’uko ugura iyivuye mumahanga iya hano ukayituka kandi ari imwe.Natwe dutez’imbere iyo ngabire imana yatwihereye,kuko hariho ibigugu bayipfuza.