article comment count is: 12

« Umukoresha wanje ni we yatumye ndandaza umubiri »

Turakunze kubona abigeme canke abakenyezi bakora umwuga wo kudandaza umubiri. Uretse abiyumvira ku ngaruka mwe n’uwo mwuga ushobora kuzanira abawukora, ni bake biyumvira ku mvo zatumye abo bigeme baja muri ivyo bikorwa; kuko hari ababigiyemwo batabishaka. Hano, Nshimirimana Venansiya aratwiganira uko vyamugendeye.

Navuye mu ntara ya Karusi mu 2006. Nari nje gusaba akazi k’ukurera umwana. Nazanywe n’uwundi mukobwa tuvuka hamwe. Nshitse mu gisagara ca Gitega, naronse akazi ko gucuruza ibutike. Iyo ni yo ntango ya vyose.

Nagakoranye umwete n’ubwira bidasanzwe, kuko na none nari naje ndagashashaye. Sinigeze ngira uruhombo n’umusi wa rimwe. Igihe cose databuja na mabuja baje kurimbura, bama basanga hari inyungu ishimishije. Maze nabo baranezerwa, baramfata neza. Nabayeho ico gihe cose numva ko mfise ivyizigiro vya kazoza keza, kugeza igihe databuja ampindurira uburyo dusanzwe dukorana.

2010: “utampaye…”

Inyuma y’imyaka ine, akabiri karayagayaga; nk’umunyagisagara nyene. Ngo ngire ntya, numva databuja atanguye kunsaba ko tworyamana; ntavyo nari bwigere ndamwumvana, kuva ntangura akazi. Numva isoni zirandenze, ndamuhakanira. Ariko ntiyagarukiriza aho.

Uko imisi yagenda, yakomeza kuza arabimbaza, yisubiriza. Vyakabaye kera, ahava arambwira ati: “Utampaye nzokwirukana!” Ivyo ntivyanca intege, nkomeza kumwankira. Nko mu kwezi kw’indwi, mu 2012, ni ho bigeze kurimbura, naho nyene basanga urudandazwa rwifashe neza. Ariko databuja ntiyahengeshanya kumbwira ati: “Sintahe ndagusanga ngaho!”

Imbanyi ata caha nakoze

Mabuja yarandemesheje, sinagenda. Bugorovye, databuja arataha; ashika antegeka gusohoka urupangu. Mabuja yarabajije ati: “Ko ata ruhombo twamusanganye, yirukaniwe iki?” Uri uwundi arihorera, ati: “Je gusa navuze ko amviraho!”  Hari nk’isaha zitanu z’ijoro.

Narubashe itegeko, ndasohoka, nja kw’ibarabara.Naragize ubwoba bwo kurara kuri iryo barabara jenyene, maze nsaba indaro ku babanyi. Nakiriwe n’umukozi wo mu nzu, ku mubanyi. Uwo na we yabaye agiheza kunyereka aho ndyama, ahengera mw’ijoro, ansimbirako, amfata ku nguvu.

Amagorwa ntasiga ayandi. Muri ivyo vyose, naragumije ibanga, ku gutinya kwambika ibara uwo mukoresha wanje, na mwanya batari bwo banampembe. Naratinye kandi gushira ahabona ivyo uwo mukozi mugenzanje yaraye ankoreye, kuko naratinya ingene ikibano kizoheza kikambona; na cane cane ko ari vyo nari nahunze kuri uwo mukoresha. Agahinda gahindira mu mutima.

Nta kundi!

Ntivyakunze ko nduga muhira iwacu, kuko amahera yanje sinari bwo ndayahembwe. Ariko kandi nazindutse gusaba imbabazi ku bakoresha banje, ngo bankundire mbandanye akazi. Haciye igihe kiri hagati y’ukwezi n’amezi abiri, ni ho namenye ko bwa bundi nagiriyemwo nsama imbanyi ntifuza. Narabuze ayo ncira n’ayo mira; sindi bugume ngaho ku kazi, sindi buyijane i Karusi iwacu, ndabura ayo ncira n’ayo mira.

Nahavuye mfata ingingo yo kwipangira inzu. Igihe kigeze, naravyaye, ariko umwe nyene kuntera imbanyi yaranyihakanye. Ubuzima bwarangoye cane, biba ngombwa ko ngendana n’abagabo benshi, uwumpaye ico ndya nkaba ari we nakira. Nta mugabo mfise, ariko mfise abana 3 badasangiye ba se. Hamwe nahoze nkora, baracamperaniye imishahara y’amezi atandatu.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (12)

  1. None wumva ubwenge wakoreshej mukwanka sobuja ukaruhira guha umukozi wo munzu naband benshi bahita ari ikosa ry sobuja? Canke niwe wagize ihitamwo utiyumviriye,entre deux maux fallait choisir le moindre

    1. Wewe ntiwasomye ko uwo mukozi atamuhaye ahubwo yamufashe Ku nguvu? Kandi n’ivyo yakoze mu nyuma nuko atamahitamwo yaragifise, ntiyari kureka ngo umwana wiwe yicwe n’inzara!

  2. Shaa, pole mugabo uyo mukoresha wawe uramubesheye kuvuga ko ariwe yagutumye kudandaza umubiri. Yaragusavye, hama uramwima, c’est tout. Ivyo kuja mubumaraya niwe wahisemwo.

  3. Iyi nkuru kweli ndayisomye impaye icigwa gikomeye kandi mwakoze kuyishira ahabona kumbure hari benshi yofasha. Abantu bagenda gusaba akazi b’abakobwa nibubahuke kuvuga OYA hanyuma basabe abakoresha babahembe kugihe ! Babonye bigiye kugorana bicomokere!

  4. Nukuri birateye agahinda.ariko ndibaza ikibazo gte wokoresha umuntu ntumuhembe?turumva irya nino bivugwa none ninde wogufasha abo bakozi bo mu nzu?
    Ikindi mbe ayo mashirahamwe yabakozi bo mu nzu yo akora iki?
    Ikindi ko nzi hari amategeko akingira abanyakazi umukozi wo mu nzu ntameze nkabandi bakozi?
    Icanyuma wewe watwandikiye iyi nkuru wafashijiki uwo mwigeme?waramurihishirije ayo mahera yiwe?uwo muntu yatanguye kumukubagurira ubuzima wakoziki kugira umwana basi agire iteka?cnk mutwandikira gusa kugira tubone ko mwakoze?
    Murakoze