article comment count is: 0

Uku ni ko “dunyuri” yampekuye

Abafata ibarabara rya Bujumbura-Bugarama, ndetse no hirya no hino mu gihugu, baramaze kubona abantu, abato n’abakuze, bategera ibimodokari binini binini, bakabifatako inyuma, maze bikabajana mu ntara zo hagati mu gihugu canke bikabazana i Bujumbura. Ico nico bita « kugenda na dunyuri. » Simbananiye*, umuvyeyi yabuze umwana akorotse kw’ikamyo aratakamba ko iyo ngendo igihugu coyivira hasi.

Bob, umwana wanje w’ikinege, yari mu mwaka wa 5 mu mashure y’intango. Yarakubagana. Imisi yose abandi bana bajana kw’ishure bama batubwira ko yirirwa arenena ku miduga iriko iragenda, agiye kw’ishuri canke avuyeyo.  Twaramuhana twe na se ariko vyasa nko gusuka amazi kw’ibuye. 

Harageze n’aho nkoresha inkoni. Ndamara imisi ndamukurikirana, ndamuragiza abo bigana, aramara imisi atekanye. Nibwira ko umwana yahindutse araheba ako kabi kabishe. 

Ingeso iraraba, ariko …

Ku musi wa kane, nk’isaha zitandatu z’umurango, ni ho numva iterefone. Uwumpamagaye yambwiye ko nkenewe vyihuta kw’ibarabara rya 15 mu Kamenge inzira igana i muhira. Numva umutima urasimvye ngo kwa! Mva hasi niruka atawe nsezeye. 

Ndahashitse nakiriwe n’isinzi ry’abantu bashengereye, bamwe biraburaniwe ku maso, abandi bajorewe. Ntarabashikira, numva umwe mu bahita yidoga ati : «ugukubagana kw’abana ni kwo gukwegera abavyeyi babo». Mw’ibarabara, hari ikidengeri c’amaraso; hirya gato, hari agashakoshe Bob yari avanye kw’ishure. Umwana wanje yari ahejeje kugongwa akorotse ku modoka yariko yenenako. Dunyuri yari ihejeje kumpekura. 

Nagumye ngaho njumarariwe, intuntu inyuzura umutima. Ndabura n’ico mvuga. Uwampamagaye yari umubanyi ; yaciye amfasha kumutwara ku kigo c’abaganga batagira imbibe, yaviriranye cane, amaraso yamuciye mu kanwa no mu mazuru; uwanje yari yamaze gucikana.

Si Bob wenyene

Aho ku rya Bugarama, ntibasiba guhitanwa n’amasanganya aterwa no kwenena ku makamyo. Mu mwaka w’2018, amasanganya yo mw’ibarabara arenga 3000 ni yo igipolisi kijejwe gukinga impanuka caharuye. “Imwe mu nkomoko z’ayo masanganya, ni dunyuri”; nk’uko ico gipolisi kibimenyesha. Ariko, ababikora bo umengo ntaco bibabwiye. 

Iruhande y’ingingo zihana abakora ivyo, harakwiye isekeza ry’uguhimiriza Abarundi ku mabi aterwa na dunyuri. Maze, abofata iyambere muri urwo ruganda boba Reta, amashirahamwe y’abunguruza abantu n’ibintu, eka mbere n’amaradiyo n’ibinyamakuru. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion