article comment count is: 8

Uburundi muri #CAN2019: kurya kw’inka ikamwa ico yariye

Uburundi bwaraye bukuye meza mu mahiganwa y’igikombe ca Afurika kiriko kibera mu Misiri, ata n’inota na rimwe buronse. Birababaje. Ariko, ntibitangaje;  kuko bifise ico vyavuyeko.

Abantu bakurikiranye inkino Uburundi bwakinye muri aya mahiganwa y’igikombe ca Afurika (CAN), barabonye ko abakinyi b’Abarundi bazi umupira. Uravye ukuntu bavugutiye umuti igihugu ca Gabon, bakanikira Nijeriya, n’ukuntu ari ibihugu vyubashwe mu mupira w’amaguru, urabona ko abana b’Uburundi bafitiye ingabirano ikwiye umupira w’amaguru.

Ariko kandi, uravye ukuntu baguma batsindwa, bagatsindwa muri ya minuta nyene, kandi bobo batera batumbereza igori bikananirana kwinjiza, vyari bibabaje. Ariko rero, nk’uko Abarundi bayamaze ngo “nta kabura imvo”, ugutsindwa kw’Intamba mu Rugamba birafise ico vyavuyeko.  

Inka ikamwa ico yariye

Ntawobideha; agahembo gahabwa abakinyi b’imigwi ija mw’ihiganwa Primus League kari hasi cane, ugereranije no mu karere Uburundi burimwo. Mu 2017, umukinyi akina mu mugwi wo mu Rwanda yahembwa hafi 500 000 vy’amanyarwanda ku kwezi (arenga 1 500 000 w’amarundi). Muri Tanzaniya, uwo mwaka nyene, umugwi wahemba make watanga amadolari 500, mu Buganda agahembwa amadolari 400 ku kwezi. Muri Kenya, hoho abakinyi bahembwa hagati y’amadolari 1000 n’3000. 

Mu Burundi, iyo ubajije abakinyi ayo bahembwa bagira isoni zo kuyakubwira. Dido*, akina mu mugwi umwe wo ngaha i Bujumbura, arashima ko umugwi ubarihira aho babana n’abandi bakinyi ariko akemeza ko agahembo babaha ari intica ntikize, kuko usanga gaherera mu kugura impuzu, ibirato, n’utundi twa nkenerwa dutoduto.

Kugira abakinyi bashobore kwikenura, baca bagerageza kurondera ubundi buzi ku ruhande, bakisumamwo. Ubwo rero burabatwara umwanya ku buryo bataba bagikora imyimenyerezo ikwiye n’umwanya ukwiye. 

Ivyo biraheza bigatuma abakinyi b’abarundi bahitamwo kuja mu bindi bihugu kuko hoho baba babayeho neza kandi baronka agahembo gafadika.  N’abitanga bose usanga bakora kugira hagire imigwi yo hanze yobashima.

Birakwiye guhinduka

Kubona Uburundi bwarinjiye muri arya mahiganwa, ndabifata nk’igitangaza. Ariko ni ikimenyetso c’uko urwaruka rw’Uburundi rushoboye. Ico gisata coronka uburyo, bokora ibitangaza isinzi.

Abarundi barayamaze bati “uwushaka akeza aragahebera.” Tukaba dushaka kugira umugwi nserukiragihugu ukomeye, ushobora guhangana n’iyindi utagugumwa, nidukore igishoboka cose ngo haboneke imigambi iteza imbere ico gisata biboneka ko kitari kigoye kwogorora. 

Nayo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB), rikwiye kwongereza uduhembo duhabwa imigwi yarushije iyindi mw’ihiganwa Primus League n’utundi turusho; kuko uharuye uburyo imigwi ikoresha umwaka wose w’inkino, biragaragara neza ko amafaranga baronka, n’iyo batwaye ikibanza ca mbere (ubu ageze ku miriyoni 25 z’amafaranga y’amarundi), ataco amarira uwuyatahukanye.

*: yahinduwe izina.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (8)

  1. Biragoye ko bohembwa meshi mugihe imigwi bakinira nayo itayinjiza, kandi naho FFB yokwongereza agahembo kumugwi wambere ntayoboronka bahemba, yoguma ari make! Ahubw ikibazo twokwibaza nizihe strategies ayandi ma championnat yomuri aka karere akoresha kugira imigwi ironke amafaranga aboneka yoguhemba abakinyi?

  2. nukuri uburundi kuba bwaravuyemwo bwari bubikwiye. uravye bimwe bita kugumana umupira(possession de la balle) bagumye bari hasi cane mu nkino zose bakinye: kurukino rwa Guinée ntibashikanye 40% Madagascar ntibashikanye 45%, kurukino rwa Nigeria harageze igihe uburundi bugira 11%,wamenga baje kwugara ntibaje gutsinda. Tumenye neza ko iyo uriko ukina wugara bituma ukora amakosa menshi,twarabonye ingaruka zavyo kuri Omar kurukino rwa Madagascar.
    Twarabonye mukibuga habura kubonana mu kibuga. twarabonye ama passes menshi bahana adashika,mubusatirizi twarabonye ko hari ikitagenda kko twarabonye ko umumenyereza yabuze bamwe 11 bintabanduka (les 11 de départ)
    Uburundi bwarigenjeje neza ariko kubuhinga bari bafise n’abo bari kumwe mwitsinda, nukuri nta nkeka ko ikibanza baronse bari bagikwiye.

    NB: ivyo prophet Prophète Modeste yavugiye kuri Buja fm imbere ya CAN ntaco nabivuzeko🙈🙈🙈

    1. Asha je nabonye bari babishoboye kumbure ntibari bafise gushira amanga ko nabo boshobora gutsinda bakanatwara igikombe.. ariko kandi ni vyiza kuko bibafasha kuba inararibonye mu yandi mahiganwa.

      Murakoze ku ico candiko.

  3. Kuba umupira wamaguru warugeze ku rwego rwiza aha ndavuga ahusanga abakinyi benshi bakinira umurwi nserukira gihugu bakina mu mahiganwa akomeye muri afrika nahandi vyari vyiza cane ariko harikindi bakwiye kwikorako cane cane ku rwego rwishirahamwe ry’umupira wamaguru FFB bakaraba ibitagenda neza bigakosorwa nkihindurwa ryumumenyereza kuko biboneka ko urwego rwo gukinisha abakinyi nkuko bikenewe mur CAN vyamugoye canke bakamurihira ivyigwa nkarisha bwenge (formation) iruhande yimirwi ikomeye canke abamenyereza bakomeye kuko bigaragara cane ko no muvyatumye uBurundi butaha budakoze ku nturire harimwo ubumenyi buke bwumumenyereza na cane cane mugusubiriza abakinyi (remplacement) kuko ubiravye neza twatsindwa mu minota 15-20 yanyuma yurukino kanshi!

  4. nivyo abakinyi bacu barafise impano muri football kandi kuva iburundi kuja ahandi birumvikana ko baba bagiye gukuza impano yabo nokurondera agafaranga. hama kuba ngaha badahembwa meshi je mbonako naho FFB yokwongereza agahembo aha imigwi yambere, amahera ntiyokwiger akwira ahubwo ico dukwiye kwibaza niki: nizihe strategies izindi championnat zo mukarere zikoresha kugira imigwi yabo ironke amahera akwiye ihemba abakinyi?

  5. Icuvuga nico kandi ndagishigikiye kuko Uburundi bwaratweretse umupira mwiza ariko tubura amahirwe so kurico cuburyo nayahe ma strategies yokoreshwa kugira ubwo buryo buboneke kumurwi nserukira gihugu

  6. Mugihugu kiri mois dvpé nukwo arko biragaragara KO dufise talents muburundi!!!ahubwo abakinyi babinezerererwe kdi babimenyere ukwo Hama uwurose occasion yokuja hanze y,igihugu gukinayo agende 😁😁😁😁😁😁😁😁😁

  7. None ugira Uburundi bwavuye muri CAN bugica kubera championat ataburyo bukwiye burimwo? Haba namba! Ntamukinyi numwe yabaye selectionné yakina muri primus league. Imvo ni kuzironderera ahandi. Kira noneho na Madagascar yabaye iyambere muri poul twari turimwo ntifise championat ikomeye. Ukuvamwo muri CAN vyavuye kubuhinga buke bw’umumenyereza hamwe nabakinyi bagiye bashirwa imbere kandi batari en forme, abandi basanzwe atanibibanza baronka mumirwi yabo, ugasangwa abogize ico bafasha ntibakinishijwe canke bagashirwa mu bibanza atari rwabo. Vyarigaragaje rero ko impinga ikiri ndende mugihe amakosa yagiye aribonekeza atokosorwa.

  8. Nukuri Turasubiriye Gutaka Dutakamba Kimba Uwurongoye Ishirahamwe Ryumupira Wamaguru Adashoboye Gufata Ingingo Nabogozwe Turarambiwe Nokuguma Turira Kubera Umugabo Umwe Coacash Nukuri Turavyase