article comment count is: 6

Muyinga: ng’ubu ubuhinga bushasha bwo kugwanya abavumvyi

Mu Burundi, urubanza rwamye ari gahuzamiryango, akanya keza ko gusabikanya n’ugusasagaza ubumwe n’urukundo. Ari na co gituma ata mutumire canke umuvumvyi, bose bafatwa kumwe mu nzimano. Ariko rero mu ntara ya Muyinga, hari ubuhinga bushasha bwo kwirukana abavumvyi.

Ata misi irahera ntanguye gukorera muri komine Giteranyi y’intara ya Muyinga, naherekeje umugenzi mu bukwe yari yatumiwemwo. Ngo ngire ntya, mbona mu kwinjira yerekanye agapapuro womengo ni mureke arengane muri urwo rubanza, kazwi cane kw’izina “jeton” aho mu kibano co mu Giteranyi.

Ico bikoze, abatumire twicaritswe ugutandukanye, bivanye n’icanditse kuri twa dupapuro umwe wese yaba yitwaje. Mpava ndarondera kubaza imvo n’imvano y’utwo dupapuro.

Sekura ungurane

Wa mugenzi naherekeje arampa umuco ati: « Aha mu Giteranyi, iyo hari uwuramutse akora urubanza, araterereza, maze uwutanze intererano akagira aho yandikwa hamwe n’igitigiri c’ivyo atanze; gutyo akaronswa ico bita ijeto azokwerekana kugira ngo abajejwe kwakira abashitsi uyo musi baze bamenye aho bamwicarika, n’igitigiri c’ibinyobwa bazomuzimana »; aha rero nkaba nari menyereye ahandi dusangira ibibonetse.

Niho natereza ijisho irya n’ino, nsanga twicaritswe ku migwi, bamwe bariko basamira isazi ku munwa, abandi baronse kamwe bihereza, mbere n’abandi n’ukwongerwa bariko barongerwa.

Tukirindiriye ko batwikurura, ni ho negera Porotazi Barendegere, umutama w’imyaka mirongo umunani n’ine, maze aranyagira amamuko y’uwo mugenzo.

Ati: « Uyo mugenzo wamuka mu karere k’i Ngara muri Tanzaniya duhana urubibe, aho ukoreshwa mu kurwanya ingendo yo kuvumba. Ino rero, kuva aho abantu basigaye bitabira imanza ku bwinshi ataco baterereye, ugasanga bitumye hari n’abaterereye batashe badasomye, abasore benshi banakunda gutemberera aho i Ngara, bahavuye batanguza uwo muco w’ama jeto, gutyo uwaterereye agahabwa iteka, uwatumiwe ntaterere agafatwa nk’umuvumvyi mu bandi ».

Asembwa ku mibano n’akaranga

Toyi Aloys, umwigisha wa kaminuza yanonosoye ivy’imibano, ahanura ko uwutaronse ico atanga atokumirwa; ku bwiwe, « ubuzima si amafaranga gusa, kandi umuco wo gusabikanya wokomezwa. Kuko umuntu yarinze ahashika aba yaterereye akarenge; ari na ko kanabagara ubumwe, ndetse n’umuvumvyi atibagiwe kuko uyo muco wo kuvumba ugaragaza urukundo nk’uko ba sokuru bayamaze ngo “ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi”

Kanatsinda ngo « bike bikehanira abankana », eka ndetse « ahari ubumwe, urusato rw’imbaragasa rwifuka batanu. »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Umugenzo wo kuvumba, waramye mu Burundi. Abarundi bavuga ngo :” Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo”. Kuvumba ndamaze kuvyibonera atari kera cane. Nko mu myaka ya 2007 narabibona, cane cane mu ci. Niho haba hari imanza nyinshi. Umuvumvyi aritora akagenda ku rubanza kwa naka hari urubanza ata wamutumiye. Akicara yihanganye arindiriye ko bamuhamagara gusoma ku tango, abatumire bahejeje gusoma. Hari aho usanga ibitereko bibiri : ic’abatumire n’icabavumvyi. Kuvumba rero birafasha cane. Canecane kubatagira amafaranga yo kw’isororera. Nk’umwungere yiriwe ku nka arasimbira ahantu hari urubanza hafi agasoma umusa agaca asubira ku nka akanyota kagabanutse. Nk’uko bisanzwe kandi mu Kirundi, ku munsi w’urubanza abatumire ntibagenda imbokoboko atari uwabuze. Baratera kandi baterera inzoga batamara : baratwara amabido y’urwarwa canke y’impeke. Abifise baratanga amakaziya y’ibiyeri abandi bagatanga amafaranga. Nico gituma n’abavumvyi baronka n’abo bakivuna akanyota. Kandi nta co bitwaye kuko, ubiravye urubanza ni akaryo ko gusabikanya umwerera. Abadoshoboye gusorora no guterera bagasoma ku musesekara w’abaterereye.
    Ariko rero hari aho usanga, hari ababishiramwo ububegito, ugasanga ahari urubanza hose ariyo babarizwa. Bakibagira n’ibikorwa vyo kwiteza imbere no guteza imbere imiryango yabo. Abo nibo bokwisubirako. Abafise imanza baronse abavumvyi ntibobima, umugenzo wo gutanga inzoga no kuvumba waramye mu Burundi. Nibaza yuko ata co uronona nakare “nta nzoga itagira abavumvyi,” nk’uko Abarundi bayamaze. Kera hoho nabo nyene ngo barabaha ijambo mu rubanza ariko baribaha ubwa nyuma. N’ubu baribahaye nta co vyotwara uretse ico vyokwungura.