article comment count is: 6

«Ngo nta mukobwa wo kwipangira inzu, aba ashaka ubuhumbu? »

Hano mu Burundi, umukobwa agiye kwibana ntarabwa ryiza n’ikibano; umengo ibara riraguye. Hari abavyeyi bavuga ngo « baba bakeneye kwigenga hama bashobore kuja mu buhumbu atawubabuza »; koko ni ukuri ?

Evelyne* ni umukenyezi yubatse urwiwe, afise abana babiri. Akiri inkumi yari apanze inzu hamwe n’abandi bakobwa. Aratwiganira : « Mpejeje amashure yisumbuye naciye manuka i Bujumbura kwiga muri Kaminuza y’Uburundi. Ico gihe naba mu bigo vya kaminuza. Ndangije ivyigwa, sinari ngifise iyo nja, na mwanya naciye nandama kurondera akazi. Incuti ziba i Bujumbura nta buryo zari zifise ngo zimpe indaro n’utundi twa nkenerwa. Nategerezwa kurondera ubuzima, nkibeshaho, mbere ngafasha n’ab’iwacu bari ruguru. Abantu baravuga amajambo menshi, ko ata mukobwa yokwipangira adafise abagabo hanze baza baramurihira inzu. Ariko, ntivyambujije kubandanya nkorana ishaka uturaka dutandukanye, mpava ndaronka akazi keza, mbere mu nyuma ndonka n’umushingantahe turushinga. »

Stella* ni inkumi y’imyaka 27, agira akwize imyaka itatu ari mu buzima bwo kwipangira aho abaye, mu gisagara ca Bujumbura.  Ku bwiwe ngo “ivyari i Magera vyarageruye” ubu; ati: « Abatari bake twipangira kubera ukutagira aho tuba. Hari na bamwe mu banyeshure usanga bapangirwa n’imiryango yabo, hakaba n’abapanga bashaka kwigenga nyene. Noneho ubu bisa n’ibiriko biramenyerwa, abantu ntibabitebako cane. »

Ntirikabe

Pauline*, umuvyeyi ashima kwidondora ko ari mu muryango w’abanyakarama, yivuye inyuma ati : « Oya! Nta munyakaramakazi w’iwacu yokwibana. Yoba ariko atukisha umuryango wacu.» Akabandanya ati : « Kuki atorindira akaja mu rwiwe ? Yoba yabuze umuryango umuha indaro, nimba vyanse ko yumvikana n’abavyeyi biwe ?»

Si uwo gusa; uwundi muvyeyi w’umubanyi asa n’uwusigura impamvu ati: « Abakobwa b’Abarundikazi bakura mu mutwe batevye. Imico y’ikirundi ni yo ibabera inzitizi. Abavyeyi dutegerezwa kwitaho uburaro n’uburamuko bw’umukobwa, tukamukingira gusumba n’umuhungu, tugakurikirana amaja n’amaza yiwe, ndetse n’abamugendera. Nta woshigikira ko umwana wiwe aja kwibana; kuko ubucuti n’imigenderanire biratituka kandi ukaba utumye amera nk’impene barekuriye hagati y’intambwe. »

Uko ndabibona

Abarundi dukwiye gutahura ko umukobwa afise ubuzima nk’ubw’umuhungu; ko nawe hari intambwe ashobora kugerako mu buzima akumva ko uburyo bumukundiye yokwibeshaho.

Nimba umuhungu yokumva bimutera isoni ashikanye imyaka mirongo itatu akiba mu nzu kwa se, n’umukobwa ni co kimwe. Kiretse uwubuze uko agira.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. La fille azokwiza disons 30ans atari mariée kandi akora bagaca bavuza induru ngo asaziye muhira.
    Yagira ngo agiye kwipangira abe autonome et indépendante.. ngo mama agiye mubuhumbu..
    Donc soit elle est mariée 《atararengerana 》
    Soit elle yicwe nuruvugo rwikibano
    C’EST QUOI CETTE MENTALITE???
    Le mariage n’est une décision à prendre à la légère.. du jour au lendemain et bammm je me marie.. no way..
    Et apprendre à vivre de manière autonome et indépendante est un jon exercice pour l’avenir.. c’est une belle preuve de maturité.
    Ibisigaye navyo ngo il faut kwitaho uburaro n’uburamuko bw’umukobwa.. oui je veux bien, kumuhanura no kumwibutsa ce que dit la culture burundaise… mais l’obliger à rester vivre chez ses parents ni nkakurya kw’umwana, umubujije kwegera imbabura motif ngo arasha arinda akura atazi guteka..
    Niwamufata nkirigi azoba irigi..
    Hama ngo abarundikazi dukura mumutwe dutevye… twokura mumutwe gute tutabaye face à face avec la vrai vu que:《ntamukobwa wo kuja kwipangira》= 《ntamukobwa wo kwilança mubuzima atamugabo canke abavyeyi bamufashe ukuboko??》

    Bref,pour qu’un enfant apprenne à marcher, il faudra d’abord lui lâcher la main…

  2. Vyose bivana nicatumye uwo mukobwa aja gupanga.kandi mu burundi turacafate une fille comme umuntu ari fragile knd ashobora guhura ningoran nyinshi.muzorabe nkakarorero akana gatoya kagahungu nakana gatoya kagakobwa ingene babufata.agakobwa urabona ko bagafitiy impuhwe nyinshi gusumba agahungu.

  3. 1. Ibiyago vyanyu « Yaga Burundi » ndabikunda cane kuko kenshi mutayagira kubintu dusanzwe tubayemwo mubuzima. Mubandanye.
    2. iki rero kijanye ni ndero yabigeme, kirajanye nikindi mumaze imisi muvuga kijanye n’ugutwara inda zibitwarire, kwihutisha ubugeni kubera umukobwa yasamye, n’ibindi.
    3. Abavyeyi barageregeza kugumiza ijisho kubana babo abigeme gusumba. Baribwira bati ko umwana yama ataha aho tumubona, nta ngeso mbi izotwinjirana turamubona.
    4. None koko niko biri? Haba amba kuko mukirundi baravuga ngo « NTAWUHOMERA IYIYONKA ». Umwana niyaba afise ingeso y’ubuhumbu, gutaha kubavyeyi sivyo bizomubaza kwigenza uko ashaka.
    5. Harageze ko turaba ingene indero y’abana kubijanye n’uguhuza ibitsina, ibiyago hagati y’abana n’abavyeyi, mumashure, inyigisho zo mumusengero vyogenda bijanye nibihe tugezemwo.
    6. Umwana natabibwirwa n’abamujejwe, azobimenya abikuye ahandi : hari ama télévision, hari internet, hari ingeso z’abo bigendana ivyo vyose nukubiharura. Umwana agakura azi ikibi niciza, azi ingene ashobora kwitwara, agakurana ico nokwita « le sens de responsabilité ».
    7. iyo rero umwana akuranye iyo ndero ntamuhwe umuvyeyi yogira ngo nuko agiye kwipangira inzu.
    8 Erega noneho mubindi bihugu, umwana amaze gukwiza imyaka ni nkitegeko ko asohoka munzu yabavyeyi, niba yiga araheza akaba ahegereye ishure akora naho araheza akimenya uko abaho. Iyo agumye munzu yawe naho hari ivyo usabwa mubijanye n’ugukinga imanuka (assurance) y’inzu nabayibamwo.
    9. Umukobwa rero afise uburyo, afise akazi akora, mugihe ataraja murugo (nta nategerejwe) agiye kwipangira, yibana canke canke abana nabandi ntaco bitwaye.
    10. ahubwo ndetse bimutuma atangura gutunganya neza ivy’urugo. akamenya ivyankenerwa asuma buri kwezi, ivyo agenda agura ashira munzu ndetse bikanamufasha hageze kwaja murugo.
    11. Nukuri ahubwo ico intu uwushoboye kukigira bisigura ko ari « responsable », jewe iyaba nkiresha sinotinye, sinomwikeka ngo ni ikirara kuko buryo ngo « AMAZI ATWARA SI AYASUMA CANE ».
    12. Abarundi turakwiye kuva muri « hypocrisie », turatera ivyatsi umukobwa atwaye inda akayemanga ariko uwumaze gukorora zine tukamufata nk’intungane.
    13. Turere abana bacu muri sens ya responsabilité nkuko nabivuze hejuru. Nayo abakobwa ndetse nabahungu bakora bakaguma bataha iwabo, nukugunda batoya babo. Iyaba hoho wavuga uti amahera ya loyer arayabika. vyokunda naya social yacu?
    14. Ngejeje aho nsubiye kubatera intege igikorwa canyu gifise impact nini kuri notre société. « UKURI GUSHIRIRA MUKUYAGA » tuyage, dutahure, duhindure ingendo, duterimbere. Gira amahor0