article comment count is: 7

#KwitunganirizaImigambi: ko inganda zivuka ku bwinshi, ziherera he?

Ishirahamwe API rijejwe kworohereza abanyamitahe riremeza ko amashirahamwe n’inganda zotanga ubuzi zivuka ku bwinshi buri mwaka, mu Burundi. Yamara, biratangaje ukuntu ubuzi buguma bukena, kandi n’ayo mashirahamwe ugaheruka avutse, ntubone impinduka ku rubuga. Umuco.

Nk’uko biri mu cegeranyo gitangwa n’ikigo API, hagati y’umwaka w’2013 na 2017, mu Burundi, haravutse inganda zababa 2041 ku mwaka ku mwaka. Nayo mu mwaka w’2018, havutse inganda 3430. Uyu mwaka w’2019, kuva utangura gushika mu kwezi kwa Ndamukiza, inganda 2 822 ni zo zari zimaze kuvuka. 

Ivyo biharuro ni ivy’inganda zaciye mu kigo API; ikigo cahora ari kimwe rudende cemewe, maze zikaronswa ivyangombwa vyose bikenerwa kugira uruganda rutangure gukora ku mugaragaro. 

Ivyo biharuro uvyihweje wohava wibaza ko, mu Burundi, ukwitunganiriza akazi ari nk’aka kanya. Ihibambewe! Nyinshi muri izo nganda uheruka zitangura gusa.

None ziherera hehe?

Anatonie Batungwanayo, ajejwe kumenyesha amakuru mu kigo API, avuga ati: “Mu bashinga izo nganda, hari ababa bamaze gutunganya umugambi wabo, bafise uburyo bukwiye kugira batangure. Abo rero ni bo inganda zabo ziguma ziboneka ku bikorwa’’.  

Hari amashirahamwe canke inganda ziza kwiyandikisha mu kigo API, ariko mu nyuma bikagorana ko batangura ibikorwa canke naho batanguye, ntibabandanye bakora; biva ku mvo zitadukanye, zaba iz’uburyo canke ibindi. 

Uwo asanzwe abikurikirana imisi yose yongerako ati: “Hari bahitamwo kwandikisha inganda zabo kugira ntizibandanye zikorera mu rufuri, hakaba  n’abandi baza kuzandikisha batararonka umutahe. Baba bashaka kuba bararonka inganda zuguruye, kugira bishitse bakaronka nk’isoko y’ugukora ivyo bashoboye, bazobe bafise hafi ibisabwa. Iyo bitagenze uko, ni ho haba amashirahamwe yugara ariho akivuka.”

Ukuyakurikirana

Mu kigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API, hari igisata kijejwe gukurikirana ku munsi ku munsi amashirahamwe n’inganda zivuka; naho atari zose. Ariko, ico kigo kiracahanzwe na vyinshi, kugira gikurikirane neza amashirahamwe yose aba yavutse. 

Isaie Ntidendereza, ajejwe gukurikirana izo nganda n’amashirahamwe muri ico kigo ca API; avuga ati: “gukurikirana izo nganda bisaba uburyo bwinshi, bwaba amahera canke abakozi. Muri API, kugira bakoreshe neza uburyo bafise, baza baragira icegeranyo mu bisata vy’amashirahamwe atandukanye. Ni ukuvuga ko dushobora kwiga igisata c’amahinguriro hama mu nyuma tukiga ic’abarimyi. Rimwe rimwe birashika kandi tugakurikirana n’ayandi mashirahamwe, tutisunze ibisata, bivanye n’intumbero runaka tuba dufise.’’ 

Ariko rero, nk’uko iyo umwana avutse aba akeneye gukurikiranwa neza, n’ayo mashirahamwe aba akwiye gukurikiranwa n’imiburiburi nk’imyaka itanu. Umwana adakurikiranywe neza, araheza akarwara indwara zitandukanye, zinashobora n’uguhagarika ubuzima bwiwe; ariko, akurikiranywe neza arakura, akagera mu bigero. Uko ni ko n’amashirahamwe yarakwiye gukurikiranwa neza, kugira ashike ku ntumbero yishinze. Maze bigatuma agashomeri kigize ndanse kagabanuka mu gihugu cacu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Ukwitunganiriza imigambi birashoboka mugabo kenshi usanga uriko uraturatuzwa n’uwo gukingiye.akarorero n’abantu biyungunganya badandariza Mu mitaka urazi ko birukwako

  2. Haaaa!! Uti inganda ziravuka ariko ubuzi bugakena!! Nukuraba neza nimba aringanda koko. Unomunsi umuntu avyutse agira bricolage yutuntu akabona turakunze ukoyabishaka mubitekerezo vyiwe,aca yiyita umuhinga hama uruganda. Kobatubwira kwihangira imirimo tudafatiye kuvyo twize,niyo mpamvu dufise abize abaganga bize plombier,etc. Ntagitangaj akataraza kar nyuma

  3. Gushinga ishirahamw nikimwe, kuronka akazi naco nikindi,
    ikibazo nyamukuru nacho umuntu yokorera Kko kenshi usanga amategeko aremeye cane,bigatuma bamwe bahitamwo guheba