N’aho abantu benshi bariko barijukira gukoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro mu ntara ya Ngozi, nk’uko ishirahamwe UNFPA ribimenyesha, hari imiryango bikigora kuvyumvikanako. Gerevasi, wo mu Ntara ya Ngozi, aratuyagira ivyamubayeko*.
Napfakaye mfise abana bane. Bari bakiri bato cane. Nashimye kuzana uwundi mugore, kugira amfashe kubarera. Yabareze nk’ umuvyeyi nyene. Baribagira n’ uko babuze nyina wabo kubera urukundo yabereka. Yaje ari umuvyeyi koko.
Haciye umwaka twubakanye, twaribarutse. Uwo aba umwana wa mbere tuvyaranye. Tumushira mu bandi, turamurera arakura. Inyuma y’ imyaka ibiri, Imana iduhezagiza uwa kabiri; baba babaye batandatu. Ntibitevye, twongerako uwundi, baba indwi. Bitangura kuntera ubwoba, kuko nari ntanguye kugira ingorane zo kubabeshaho neza nk’uko nipfuza.
Kugaburira abana barenga indwi, kubarihira amashure, kubavuza, kubarera bakagera mu bigero, narabona ko bizongora. Maze nkabona ko kwongera kuvyara kwoba ari nko kwishira akagozi mw’izosi. Yamara umugore wanje we ntiyabibona uko.
Mahindagu…
Ni ko kubwira umutambukanyi wanje ko twohagarika imvyaro. Nyakuntunga ntiyatevye kuvyumva. Twaganiriye duhuza nk’uko vyama, twumvikana ko aho bukera avyuka aja kubaza umuremeshakiyago uburyo yomuhanura gukoresha. Yamuhanuye ko yoja ku rushinge. Aca aragenda kwa muganga bararumutera, duca dutangura kubaho ubuzima bwiza. Tubaho mu munezero nta ngere, twiyumvira indero y’abana twibarutse. Ibihe twabayemwo kuva dufashe iyo ngingo, nipfuza ko vyobandanya.
Haheze amezi atatu, ndamwibutsa ko akwiye gusubirayo ngo bamutere urundi rushinge. Arandahira ararengwa ko atagerayo. Ati: “Sinkeneye ko banyirukana mw’ishengero. Birya bintu idini ryacu ntirivyemera kuko urazi ko twigishwa kurondoka kurya kw’umusenyi wo mu kiyaga n’inyenyeri zo kw’ijuru. Ubu rero sinkeneye ko bumva ko nagiye gukoresha birya bintu. Kandi noneho, nishakira akandi kana.”
Numvise umufasha wanje asa n’uwumpemukiye. Kukaba nka ko, yari yadohotse ku ryo twavuganye. Gute yombwira ko tuvyara nk’umusenyi wo mu kiyaga kandi ivyo kugaburira abo tuvyaye tutari bubironke?
Uwubuze uko agira…
Ndamugobereye akanyankira, naciye nigira inama yo kuja kwa muganga kwipfungisha jewe nyene. Ntawundi muti wari usigaye. N’aho nakunda ko ikintu cose tukiganira tukagikora tucumvikanyeko, narumva neza ko ntobimubwira. Naragiye kw’ivuriro, barabinkorera mu mpisho. Ubuzima bwarabandanije, umupfasoni wanje atazi ico nakoze, kuko twabandanije ubuzima bw’abubakanye ukuri kwamye.
Haheze imisi itari mike, nahisemwo kumubwira ico nakoze kugira ntagume yibaza igituma adasama imbanyi. Vyaramubabaje cane, ariko ngira Imana arateba aravyakira, arihangana.
*yahinduwe izina
Il ne faut pas faire des choses au pouvoir de la religion mais il faut faire ce que vous voulez vous meme prenons par exemple si umupadiri vient devant les citoyens en disant qu’il interdit de faire la circoncision alors qu’il protege contre des Ist
Vrement mubuzima umuntu akora ivyoyiyumviriy kand ashoboy bishobora bitomutera ingoran kk ivyokwubka nibanga ryababiri
Ego niko ijambo ry’lmana niko rivuga muga ico nohanura naho kitoroshe:kwari ukwihangana,bikunze ivyo ntanakimwe vyica.