article comment count is: 14

«Kuki muza kudukunda ari uko tugeze mu mahanga ?»

Nganji Trésor* aheruka kuja mu mahanga kunonosora amashure yiwe ya kaminuza. Kuva agiye, ngo aratangazwa n’ukugene uwahora amwita umugenzi asanzwe, ubu ashaka ko amufata nk’umukunzi. Aratwiganira hano.

Ntaragira umugambi wo kuja kubandanya amashure hanze y’igihugu, nari mfise umugenzi w’umwigeme twagendana cane.  Ndamusaba ko twotera imbere muri ubwo bucuti, ati: “Oya!” Kuko ngo we yashaka ko tuguma turi abagenzi basanzwe gusa.

Ariko, aho mariye gushika mu mahanga, nagiye numva atanguye kumbaza ati: “Mbe ya nyota yo kuba umukunzi wanje woba ukiyifise, nk’uko wari warigeze kubinsaba?”

Kuva aho abimbwiriye, narahanuje abagenzi turi kumwe mu mahanga, ariko bakampa impanuro zitandukanye. Bamwe bati: “Aragukunda vy’ukuri”, abandi bati: “Ivyo si vyo”.

Amakenga

Ibibazo mfise ni injojo: ni kuki atashimye kunyemerera tukiri kumwe hafi na hafi, akaza kubinyemerera ubu ndi kure yiwe? Burya urukundo rw’abari kure na kure, ni rwo rworoshe gusumba abegeranye? Mbe hoho, ninasubira gutaha, ubwo ntazokongera kumbona nk’uko yahora ambona nka mbere hose, gutyo nkaba nataye umwanya?

Hari umwe mu bagenzi yanciye intege ati: “Hari abantu, iyo bumvise ugiye mu mahanga, baca babona ko ugiye kurondera ubumenyi hama ukazotahe ufise ubushobozi n’amafaranga menshi, bigatuma baca bakwiyegereza hakiri kare”; vyoba ari nk’ivyo?

Ico bikoze, ari ukumukunda nari naramukunze vy’ukuri. Ariko rero, ubu vyanyobeye nimba koko rwoba ari urukundo rumunzaniye, canke ugukurikira amaronko, nk’uko abagenzi babimbwira. Mfate iki, ndeke iki?

* izina ryarahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (14)

  1. Nasanze abakobwa baciye ubwenge kuturusha kuko bo baraba ahari ikintu nta erreur,aho reroyamara haraho bahihendera kuko bibaza ko ujabutse imbibe uba usezeye ubukene yamara haraho asanga ivyo yari yibaza atariko biri

  2. Nibaza k urwo atari urukundo rwukuri,kk yaba rwarurwo ukuri yari kuba yakwemereye kare mukiri kumwe,afis ivyo akuronderako autre qu urukundo

  3. Mu bisanzwe nta rukundo rwuzuye rukiri mu bakobwa bubu kuko umukobwa arashobora kwemera kunana n’umugabo adakunda kandi bakavyarana ngo vyitwe ko yarongowe yitwe ko afise umugabo gusa!jewe nakundanye n’umukobwa ariwe andeheje duhuriye muri groupe y’a whatsapp dukundana umwaka yari umuganga,vyose vyari bimeze neza amafranga twarayahana cadeaux twarazihana kuko twaridufise ikashi twese..mugabo hariho ingeso imwe yamunaniye guheba yo gusohokana n’abandi bahungu mu kabare kandi bagasomana ama centrale..narabimenye ndamuheba aransaba ikigongwe ndamuharira yarakomeje kuko yaronserwa na benshi kubera salaire yiwe haca hajamwo n’ikibazo c’amacakubiri muri famille yiwe duca turarandukana mugabo haheze ukwezi arandondera ngo dusubirane basi mu mpisho mais narimaze kuronka uyundi amusunirira nawe ac’aguma agerageza ko ivyanje n’uyo vyosambuka kuko yaguma ansohokana mu bubare hafi amezi 6 yose,abonye ko bitagikunda niho yambwira ati:jewe naho noronka umugabo yompa na 2000 gusa ku munsi y’amakara nokwemera tukagira mariage kuko ndiko ndakura kandi vyose novyikorera…aho hose yansohokana yari afise umufiance ndabizi neza kandi yari aziko ndabizi….sasa abakobwa ntibadukunda ahubwo bakunda ico dufise canke ico twabaye…nahavuye ndonka akazi hanze haraheze imyaka 2

  4. Kbsa uwo muntu arimwo amahinyu kuk iyab agukund yari kubikwemerer mukiri hafi na hafi ngir yatiny kowobon imyitwarir yiw mibi mugih mwob mwegerany Ubu naho akab yob yisanzuy yitwar ukwashak kuk utob umubona.

  5. mutama jewe ngerageje gutahura ivyo utwiganiye ndabona ko umukobwa akubesha kuko uwugukunda azakugukunda ataco ufise nayo uwuza kubera wamaze kuronka aba ariko arakubesha mutaaa, kuko umugenzi mwiza umubonera mumakuba

  6. Commentaire *sha je ndibaza ko wogenda gahoro gahoro ukavyibonera vyukuri ko yoba agukunda biragoye kumenya muga nimba afise icamugarukanye kuri wewe kitari urukundo bizokwigaragaza uheze uronkere inyshu yibibazo vyaw…bishbotse umubaze igtuma agaruka akagusaba ko ubu woba umukunzi wiw…wewe gusa nubwo wob umukunda genda buhoro nushoke utwarwa nibishobisho vyaw ubanze urabe koko ica mutumye agaruka ubw mbere ko yari yarakwankiye hama usenge kko Imana niyo izomuguhishurira

  7. Iyongendo abatari bake barayifise.Ariko icombona hamwe atazindi ngeso mbi umuziko ukaba umukunda vyukuri mbona atacobuzako umukunda.bukebuke muzoza murayaga unamubaze igituma mukiri kumwe yashaka ubugenzi.ariko Ubu akaba ashaka KO muba abachrie.

  8. Jewe kubwanje nbona ugo rukundo ari urukundo rw’ amaronko kuko iyaba agukunda vyukuri aba yarakwemereye ko mukomezanya urugendo kuva ukirino apana ugiye m mahanga

  9. Uwo Ninkunzi Yamaher Nkuko Bakubwiy Iyo Abantu Bumvise Ko Umunt Agiye Hanze Bazi Ko Azana Amaher Meshi Ugaco Muba Abatunz,uzokunde Uwundi Uwo Suwawe