article comment count is: 0

Ikiringo co kwakira inoti zahahora cari gikwiye kwongerezwa

Kuwa 2 Myandagaro 2019, ni ho ikiringo co kwakira inoti z’amafaranga 500, 2000, 5 000 n’10 000 carangira; nk’uko Yohani Ciza, umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu, yari yabimenyesheje. Ariko, icibonekeza mu tuguriro, ni uko izo noti zikiri mu bantu ku bwinshi; zigaheza zikabaryanisha. 

Kuwa kane w’indwi iheze, nari ngiye kw’ibutike ngo ngire utwo nikenuje, maze umudandaza mbona abanje kwitegereza inoti yanje. Arayihweza, ayihindukiza, asubira. Haheze akanya mbona arayinsubije, ati: «Iyi noti yawe ni kayogoro, yarataye igihe»

Kayogoro! Ndagwa mu gahundwe, sinatahura ico uyo mudandaza abikuyeko, kuko ryari n’irya mbere asuzuma inoti ndamuhaye, kuva ndamushorera.

Kuzihindura ku neza ya bose

Prosper Niyoboke, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’umwigisha kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika, asigura ko umugambi w’ibanki nkuru wo guhinyanyura inoti zimwe zimwe wari ufise intumbero ibereye ku neza ya bose: gukinga ngo inkozi z’ikibi ntizigane izo noti. Ku bwiwe rero, « vyari nkenerwa ko ikiringo ntabanduka gishingwa kugira ngo inoti zidakingiye neza zikurwe mu ruja n’uruza rw’amafaranga.» Ariko…

Izo noti ziragoye gutandukanya n’izahahora, kubera ibimenyetso vy’inoti nshasha bigoye kumenya na canecane ku batazi gusoma, inoti za kera ziracuzuye mu bantu, ikitoroshe muri ino misi.

Akari mu mpene…

Mw’isoko nkuru ya Gitega, kuva ikiringo co kwakira inoti zahahora kirangiye, hamaze imisi harangwa ukutumvikana hagati y’abadandaza n’abakiriya babo. Ubu uko ibintu bimeze, abadandaza banka inoti zimwezimwe bahawe n’abakiriya, abakiriya nabo bakanka zimwe mu noti abadandaza babagaruye. 

Umwe mu badandaza bakorera mw’iryo soko avuga ati: «Iyo turiko turadandaza, abakiriya nta zindi noti batuzanira atari zimwe za kera. Ntibikunda ko tuzakira kuko aho natwe turangurira batazakira.» 

Uyo mudandaza akamenyesha ko abadandaza, muri ako kajagari, bahahombera cane. Ati: « Akazi kacu gasa n’akahagaze, kuko impande zose hari intambamyi: izo noti za kera, zituma tutarangura, ntitunadandaze»; uruhombo rukaba uruhombo.

Ikigongwe

Kuba ikiringo catanzwe n’umuyobozi w’ibanki nkuru caheze inoti zitarasubizwa zose mu mabanki, bishobora kuba vyaravuye ku bugaba bw’abanyagihugu, mu gihe tuzi ko ata konti vyasaba kugira ngo asubize inoti mw’ibanki, posita canke COOPEC imwegereye. Ariko ntitwokwibagira kandi ko bishobora kuba vyavuye ku kujuragirika; na rirya tubona zigoye gutandukanya n’izo nshasha.

Ariko, ikigaragara coco, ni uko izo noti zicuzuye mu bantu,  kandi ziriko zitera akajagari mu gihugu, hagati y’abaguzi n’abadandaza, hakaba hakenewe iyindi ngingo yotorera umuti ico kibazo.

Ibanki nkuru y’Igihugu yari ikwiye gusubiramwo irya ngingo, maze ikiringo co kuzakira ata hadabu ririnze gusabwa kikongerezwa nk’ukundi kwezi; maze abazisigaranye bazitange.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion