article comment count is: 6

« Gusaba irembo », « gutwikurura », … imanza dukwiye guheba mu Burundi

Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…

Utubazo dukeya : birakenewe ko umuntu arinda gukoranya abantu cumi kugira aje gusaba irembo ? Aho ntituvuze abandi nabo usanga ba bamwana batumiye mu kibano no mu ncuti, bose bakaba bakeneye gufungura no kunywa. Uburyo bitwara ni bwinshi cane. Ikindi naco, ntitwari dukwiye guheba gutwikurura, na rirya bitagifise akanovera vyamanye ? Twoheza tukabisubiriza no gushika mu rugo, aho umuvyeyi aja kuramutsa abana baraye barushinze, gutyo abatumire ntibabe umurengera, hagakora n’uburyo buke.

Gufuba uwitavye Imana ni vyo bindi bisigaye bitwara uburyo bwinshi muri ino misi. Nta kuntu abantu bogenda batwariyeko amafanta canke amazi ku kibanza c’amaziko bakanyweraho, aho kurindira kuja gukota ibibanza vy’agatutu n’abantu batakaza umwanya wabo ? Canke, kubera iki haba uguca ku mazi kandi bishoboka ko abantu bafata umwanya bakitegurira kuganduka  nk’inyuma y’amezi atandatu, bikabera rimwe ? Vyotwara uburyo buke, kandi n’imanza ntizibe umuzigo ku muryango. 

Ibihe vyahaye ibindi

Imanza zisesaguza zaje gusongera isibe, mu gihe ibice 70% vy’Abarundi babayeho bari musi y’umurongo ndangabukene (umurundi abayeho musi y’idolari rimwe ku musi), nabwo Uburundi bukaba buri mu bihugu 5 bikenye gusumvya ibindi kw’isi, urugero rwo gufungura nabi rukaba rugera ku bice 60%. 

Mu myaka iheze, indongozi z’igihugu zarigeze kubuza izo manza « zisesaguza imiryango, zitesha umwanya zigatwara uburyo bw’umurengera ». Zihinduye imirisho abandi baraje barazisubizaho, kumbure kugira bavuge rumwe n’abatari bashimye iyo ngingo. N’aho imigenzo yoba igoye guhindura, ibihe turimwo birakwiye kutwigisha tukareka gusesagura ivyo tudafise. Turashobora kujaniranya imanza zimwe zimwe tudatakaje akaranga, kandi tudataye n’akanovera k’izo manza.

Mu vy’ukuri, kuki tumara umwaka dutegura urubanza rwo kuganduka, mu gihe dushobora kumara imyaka ibiri, itatu n’iyirenga tutararukora ? Abitavye Imana ntibagaruka kutwishuza. Nyabuna, ni ukuraba tugakora ivyorohereza abasigaye.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Personellement je suis pas d’accord. Mbona iyi article iriko i prona la deculturation biciye mukwitwaza ubukene. Igisesagura amafaranga si izo manza,ahubwo ni gushaka kuzigira nkuko « naka » yazigize. Umwe wese yozikoresha unuryo bwiwe ahambije imanza ntizosubira kuba ikibazo.
    La deculturation est très dangereuse pour un peuple

    1. Aho turi kumwe, Mandy we! Hinge nongereko y’uko uko uwo mwanditsi yabivuze wogira ngo igihambaye ni ukugabanya amafaranga, kugwanya ubukene, … Ego turabizi turi mu bukene. Kandi turabizi igiciro c’imanza gitera ciyongera uko imisi igenda. Ariko kuvuga ko umuti ari ukugabanya imanza ni ugufata inzira ya hafi cane. Iyo nzira nayo ntiheza ngo iduhishurire vy’ukuri ingorane aho iri. Nk’uko Mandy wabivuze, umwe wese ashaka kwishira hejuru mu kugira imanza zitwara uburyo bwinshi. Ivyo bituma umutima w’umuco utaba ukiri namba muri izo manza. Yamara umuco w’abantu ni ikintu gihambaye cane gisaba kwitonderwa no kubungabungwa. Dushize amafaranga imbere, twobona ko ha kugira urubanza rubayabaye umuntu yopfuma aruheba. Uwo ni wo muti uwo mwanditsi atwerekejeko. Aho na we nyene, n’aho atari ko yabibona, yabaye nk’abandi bashira amafaranga imbere mu kugira imanza zirengeje uburyo aho gushira umuco imbere. Aha twovuga duti dukore imanza zose kurya zamye, wanashima tukanazikoresha inzoga kama (impeke, urwarwa, umutobe), twonanirwa no kugira izo manza zose ata mwikomo? Twibukanye kandi ko kera abaryango, ababanyi n’abagenzi barenguka ku rubanza bazanye intango z’inzoga, ibifungurwa, n’ibindi. Uwo mutima w’urukundo waranze umuco wacu wogaruka natwe tugategura imanza zibayabaye nta ngorane twogira. Kurinda umuco no kuwitwararika si ivyo gufata minenerwe. Ese twovyitaho bimwe bishitse! Ubuntu bwogaruka mu bantu, Uburundi nabwo bukaba ubundi.

  2. Ntacoroshe muburundi,j mbona harihimico abarundi beshi bakigenderamwo ariko arinkaho arugutakaza umwanya:nkakarorero:kumuntu yapfuye j mbona imisi mikuru bamwbamw mubarundi kandi beshi bakora atac’imaz,nibarek kera ivyakorwa kuko harindya,murimak kwari ukugabanya mumitungo baribafis,nayubu beshi mbona Barbara ubusa bakanabwirirwa

  3. Ahubwoo jew nabona uretse ko guca kumazi vyobera rimwe no kuganduka,hakwiye kuvaho nivyo twita ngo ni Gukaraba.

    Ntibatware amafanta n’amazi nkuko mwabivuze ahubwo rirya jambo rimwe rikavugigwa aho Bari gushingura,Hama bigaherera ahoo,kuk biba vyatwaye uburyo bwishi.

    Gusaba irembo navyo nubu si Bose babigira,hariho ababiheba

  4. Ivyo mutuyagiy nivyo.nukuri hari imanza zikwiy gufatanywa.muga mariage ntaco mwayivuzeko?ndabona kubera izomvo z’ubukene mwavuz dukwey guheba gukota ama salles ahubwo tukaja mukabare bakadutegurira ikibanza tugafata moya moya ijombo rikavurwa Hama tugataha.

  5. Kabisa ndabona tugira tuje kure cane kabisa.kuki dukuraho imanza zimwe zimwe?ahubwo mwari mukwiye kwigisha abarundi gte bofashanya imanza nkuko vyakorwa kera.kugira tugumye iteka ,imico nakaranga vyamye biranga abarundi

  6. Izo manza bavuze zose, uko zitegurwa biva kuri benezo. Iyo ubonye ubutunzi butifashe neza mu mufuko wawe, utegerezwa guca bugufi, ukagira urubanza rubayabaye. Nta muntu n’umwe azogutwenga. Naho yogutwenga ntaco kuko imyenge y’inzu ibona nyeneyo. Uwufise nawe umufuko ubogaboga, ntakimubuza gutegura urubanza rw’akaroruhore. Umwe wese akwiye kwiraba. Ivyo imanza z’impfu, navyo nyene ni ukuraba ko bitovuna nyenezo. Hari ibihugu mbere biteye imbere basigaye bagira izo manza mu co bise dans l’intimité. Ni ukuvuga ko ugena abantu bakeyi bagufasha urubanza. Abandi benshi ukaba warababikiye. Nayo abavuga ngo déculturation, oya si vyo: culture nayo nyene iragira évolution, aspects zimwizimwe zigahebwa kuko zitagihuye n’ibihe tugezemwo.

    1. Ivyo uvuga ko abantu bakwiye kugabanura imanza nivyo. Ariko wihenze cane mukuvuga ko ABARUNDI BAJA KWIHEBERA IMANA NGO BAHUNGE UBUKENE. Il faut retirer cela

  7. Nashaka kuharuka gatoya ku manza nko gutwikurura. Mwagarutse cane ku kibazo c’uburyo aho mwavuze ko bivanye n’ukuntu bigaragara ko uwo mugirwa watakaje akanovera wahorana. Koko gusubiriza uwo mugirwa vyoba ari vyiza canke umuntu yorondera kuwusubiza agaciro mu gihe vyoba biboneka ko wari ufise ishingiro/ insiguro.

    Ibisigaye biba mu manza vyo ni akajagari gusa akaranga k’uburundi ntikacubahirizwa na gato. Aho hambere nta washingira umukobwa wiwe ariko ubu bisugaye ari ibisanzwe.

    Gutwikurura bamwe barabigira abandi ntibabikore ugasanga ni akajagari.

    Twari dukwiye kuraba imigirwa ifise insiguro ikabandanya

Cookie Policy

Nous utilisons des cookies analytiques / de performance pour améliorer votre expérience utilisateur sur notre site. En savoir plus.

Non