article comment count is: 0

Burundi: hari inyifato zikwiye guhinduka ku bajejwe umutekano

Muri ino misi, ingeso ishusha n’ugusegerereza iribonekeza cane mu bapolisi bamwe bamwe baraba uruja n’uruza mu mabarabara. Ni ingendo iteza urubwa urwego rw’inyamiramabi, igasasagaza umuco wo kurya ibiturire. Noba ndabibona uko jenyene?

« Nyakugira Imana, ntaco unsigiye none? » « Amazi yazindutse ageze kure bosi» « Mwenewa, ngirira Pasika none! Impa umwaka mushasha. » N’ibindi bitandukanye…  

Niwaba umaze kugendera mu modoka, ugahura na bamwe muri ba bapolisi basuzuma ivya ngombwa biranga ingendeshwa, uramaze kumva ayo majambo. Kandi, ndashobora kwemeza ntihenda ko, ku ncuro zitari nke ayo majambo yavuzwe, umudereva yaciye akora mu mufuko, asokorora akanoti k’ibihumbi bibiri, gutyo mubona kubandanya urugendo. Ndabeshe?

Wa wundi ati “akabi gatwengwa nk’akeza”, ayo majambo maze kuyumva kenshi, mu bibanza bitandukanye mu gihugu cacu. Igitwengeje kikanatangaza rero, bene kubikora bose umengo bavyize hamwe. Muga rero bamwe, hari ukuntu babikora, wabumva ukagira uti Ryududuweee!

Indya y’umugayo

Ejo bundi, turi kumwe n’abo dukorana twazindutse dufata urugendo rw’akazi, hagati mu gihugu. Tugeze muri komine ya Matongo y’intara ya Kayanza, abapolisi baraduhagarika. Umwe muri bo aratwegera, adusaba ivya ngombwa, asanga vyose birakwiye. Aho kuturekura ngo tugende, atangura gusuzuma ibindi, akibazisha n’ibitanditse mu mategeko. Abuze ikosa atora imodoka twarimwo, arunama, abwira umudereva ati: “Nyakugira Imana, raba unsigire na makeya nje kwumviriza ko ururimi rukiri mu kamwa; kuva buca ntaco ndashira mu kanwa.’’  Mwe n’abo ni babandi babanza gukoresha umukazo mu gusaba; kuko nyene babanza kukwigenzako.

Hari rero n’abicisha bugufi, wabumva ukagira uti iyo haba hariho ihiganwa ry’ugusega,… Akarorero: mu rundi rugendo hamwe n’umuryango, twari duherekeje mwenewacu gushikana ubuvyeyi. Bugingo tugeze i Nyakararo mu ntara ya Mwaro, umwe mu bapolisi bari ku kirindiro c’aho araduhagarika. Ntiyarinze aranatubaza ivya ngombwa. Agirako nk’umuryi w’igisahira ati: « Ndabaravye ukuntu mushajije, sinipfuza kurinda kubavugisha menshi ; ndabona ko muri beza kandi mwikwije. Enda rero raba ku two mugemuye, munsigire nanje mpave nivune umusase ninagodoka.’’ Umwe muri twebwe afatwa n’ikigumbagumba c’impuhwe, kera aba yakoze mu mufuko asokorora akanoti k’amafaranga 2000, aramuha. Wa mupolisi aca aradusezera n’amaboko yompi, n’imihezagiro itagira uko ingana, turabandanya.

Urubuze inkware

Mu mihingo nka yose y’igihugu bariyo. Udahuye n’uwusabisha igikenye, uhura n’uwugutera akagongwe.

Vyambereye ngombwa ko nokwegera bamwe mu bapolisi tuzinanye; abo nizera ko batompenda, ngo ndababaze ako kageso aho bagaca. Ntakarutimana* ati: “Ahanini tubiterwa n’ubukene.  Iyumvire nawe, umuntu yiriwe yemaraye ku zuba umusi wose, akanyota ntikabura kumusinzikaza.”

Uwitwa Mariko* nawe akamwuhira ati: “Umushahara duhembwa, cane cane twebwe batobato, biragoye ko dushobora kuwikenuramwo mu twa ngombwa twa buri musi, ngo twongere tuwutungemwo umuryango, ukwezi kwose. Biba ngombwa ko twisahiriza mu gusaba ayandi mw’ibarabara, gutyo tugashobora gutunga imiryango.’’

Vyongora kwemeza ko ari kubw’imvo z’agashahara gato gusa. Kumbure hari n’izindi mpamvu zidashoka ziraja ahabona. Uwokora amatohoza y’ubuhinga, hari n’aho yobitora. Ariko, mu kurindira ayo matohoza, iyo ngendo irateye isoni !

*amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (0)

  1. je trouve bien de reclamer la construction de l’ecole en question mais inutile de faire la comparaison avec l’Eglise. La construction des écoles publique, c’est l’ Etat qui s’encharge. Incitez les gens à soutenir le projet de la construction de l’école non pas à critiquer des projets déjà aboutis

  2. C’est devenu assez courant mais le plus pire je l’ai découvert à l’aéroport international de Bujumbura. Depuis l’entrée du hall, en passant par les contrôles de sécurité jusqu’à la sortie dans la salle d’embarquement, on dirait qu’ils n’ont que ça dans la bouche. C’est même frustant à la longue.

  3. ivyobashikirije rimwe na rimwe birumvikana ariko twovyita ingeso mbi kuko nakamenyero kabi mbega iyuvuze umushahara muto ukaca wumv KO utogukwira ubwo naho boguha agatubutse yangeso woyiheba KO tuzi ko akamenyereye gukomba kama gahese akarorero
    iyo umuntu umugaburiye indya nubwo zoba ari nyishi agaca abwira ubwonko ko adahimba kubera ko abayamaze gutanga inkuru ubwonko buguma buvuga ko dahimba
    nibijukire kurya duke hakwaguka

  4. Ivyo nukuri kabisa kandi nica giturire barya izuba riva.None ko permis zizimvye nagira muri OBR barabahemba jewe murantunga kuko ntavyisnhi ariko kandi iyo bafashe umuntu ndazi na OBR irinjiza.Nukuraba bagikorereko.Ataruko turaryambara!