article comment count is: 2

Burundi : inkingi zitatu twozibiriramwo ikiza Ebola

Reta y’Uburundi, ifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) iriko iragerageza kuzitira ngo ikiza Ebola nticinjire mu gihugu cacu. Yamara, ibimaze gukorwa ntibihagije. Ng’izi inkingi zitatu dukeneye gushiramwo inguvu.

1. Ubumenyi ni buke cane 

Nk’umunyamakuru, nari maze imisi nkurikirana inyigisho zaronkejwe abantu bababa 2000, bakora mu gisata c’amagara y’abantu, ku kugene gushika muri kino gihe bikorwa ahatari hake, mu kwikingira ikiza ca Ebola.  Ico nabonye ni uko, haba mu banyagihugu canke mu bajejwe amagara y’abantu, iyo migwi yose ifise ubumenyi budakwiye ku bijanye n’indwara Ebola. 

Nk’akarorero, mfatiye nko gukaraba iminwe, mbona ko ata hantu na hamwe vyoba bikorwa nk’uko vyategerezwa. Uwukaraba iminwe kugira yikingire Ebola, asabwa kunyukura cane iminwe, mu bwitonzi bwinshi, kuko bishobora gufata umwanya woba wababa nk’igice c’umunota. Mbere, uretse ugukoresha amazi n’isabuni, ikibereye kwoba ugukoresha amazi arimwo ubumara bwitwa « chlore » bwapimwe gushika ku bice 0,05% canke ubwitwa « javel » bwica imigera y’indwara.

2. Umwitwarariko  

Mu kwezi guheze, narashoboye kuja mu gihugu kibanyi giharanira intwaro rusagi ya Congo nciye mu gihugu c’Urwanda. Icantangaje ni ukuntu umusi ngaruka, nshitse ku mupaka wo ku Ruhwa, nagiye gukaraba, nsanga amazi ntayo. Uwujejwe umutekano, ico yakoze, yahamagaye umuganga apima ubushuhe, amubwira ko amazi yaheze, ariko uwundi ntiyahava ngo azane ayandi.

Nyakuntunga ico yakoze, twaramwegereye aradupima ubushuhe, maze mu bugwaneza ntangere, yihutira kudusaba ati : « nta mafranga y’amanyamahanga mwakuye iyo muvuye ngo ndabavunjire ? » Ngize ndamubaza ko ntarwaye, yambwiye ko ata na kimwe notinya. Aho ni mu gihe « hategerezwa kurenga iminsi ingana 21, kugira umuntu yemeze ko akomeye neza » ; nk’uko abahinga babisigura. Ivyo ni vyo nashaka ko anyishura. Ariko vyagaragara ko ikimuraje ishinga cane ari ukwivunjira inoti. 

3. Inda ndende

Mu zindi nyigisho zari zimaze igihe zitangwa mu ntara zitandukanye ku vyerekeye ukwikingira n’ukugenzura ibiza harimwo na Ebola, ikiboneka ni uko abatari bake mu bazijemwo bashize cane umutima ku gashirukabute gusumba ubumenyi bahabwa. Uretse mu gisagara ca Bujumbura, ahandi hose naciye, na cane cane mu Rumonge na Nyanza-Lac, imyidogo yari myinshi ; e mama ngo amafranga 12 000 bahabwa buri munsi nii make, uri abavuga ko abipakiza mu gutaha batari bakwiye kuronka ayangana n’ayabataha iwabo n’amaguru, n’ibindi. 

Ntivyatevye ko iyo nda ndende ibambika ibara ; hari imyimenyerezo bene gutunganya inyigisho bateguye, abigishwa babo batabwiwe ko ari ukwimenyereza. Noneho, vyarashitse ko ba bigishwa bata bakiruka, babonye abaje babitura bigira ko bafise ibimenyetso vyerekana ko banduye indwara ya Ebola ; aho gukoresha ivyo bize.

Umuti

Umuhinga w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu (OMS), aho yaciye hose mu gihe hariko hatangwa inyigisho, yarashimitse mu kubwira abazitavye ko Ebola izotsindwa mu gihe amabwirizwa y’isuku na cane cane ugukaraba neza yokurikizwa. Ni dukobereze mu kwiga n’ukwigishanya rero.  

Reta y’Uburundi ikwiye gushira ahantu hose hahurira abantu benshi, nko ku migwa mikuru y’intara, mu bisagara, ku masoko, ku mipaka, ivyapa bibwira Abarundi ingene indwara ya Ebola yandukira, ibimenyetso vyerekana ko umuntu yanduye iyo ndwara, n’icokorwa kugira tuyirinde. 

Atari uko, kubera bimwe mu bimeyetso vya Malariya bisanzwe ari navyo nyene biranga indwara ya Ebola, ntihazobura abitiranya izo ndwara zibiri, na canecane muri kino gihe malariya yabaye ndanse. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Nibarabe babikosore hakiri mumaguru Masha .. kuko novuga nko gutinya kwabaganga bumvise uwuvuga kwayirwaye Ari ikibazo gikomeye cane nibagerageze bikebuke vyukuri bamenye ko baramutse babandanije gutinya ico kiza kiramutse gishitse kizotwara benshi Kandi nabo ubwabo kizobagarukira !! Hama abantu bi gishwe cane ibimenyetso vyico kiza ,bongere bahimirizwe cane kuvyo gukaraba n’amafi meza nisabuni kuko benshi ndabona batavyitaho