article comment count is: 7

« Burundi bwacu » : ururirimbo ruriko ruribagiranwa

Mu rukino ruheruka guhuza Uburundi n’igihugu ca Gabon, vyaragaragaye ko Abarundi batari bake batazi kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu. Aho bipfira ni he ? Hokorwa iki, amazi atararenga inkombe ?

Hageze isaha icenda zibura iminota itanu, kuwa 23 Ntwarante, i Bujumbura, ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi rurasamirana. Aho nari mpagaze ku mpande z’ikibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore, naguye mu gahundwe numvise ingene abo turi kumwe bariko bararirimba nabi « Burundi bwacu »; kandi ari Abarundi nkanje.

Bamwe bayingirira mu ntamatama umudiho warwo gusa, abandi bakagira ngo « Burundi bwacu ragi ry’abasokuru… », mu gihe abandi mw’ako kanya nyene baririmba ngo « Burundi bwacu nkoramutima… ». Gica gicika ikiyago, mu kurindira ko igice ca kabiri c’urukino gitangura.

Aho bipfira…

« Kuva umuntu avuye ku ntebe y’ishure ryisumbuye, nta kandi karyo ko kuririmba urwo ruririmbo asubira kuronka ; ku buryo kurwibagira canke kurudidinganya bitahuritse » ; uwo ni Salomo, umusore atari yashoboye kuririmba n’ijambo na rimwe, yumvise ndiko ndavyidoga.

Yohakimu, umukozi mu biro bimwe vya leta ntarinze kuvuga izina, amera nk’uwutanga umuco ; ati : « Mu 2014, mu birori vy’ukurahiza abari bajejwe kuzocungera amatora mu ntara ya Gitega, urwo ruririmbo rwarabataye ku w’amazi incuro zibiri zose. Mu 2017 naho, urugero rwo kumenya urwo ruririmbo rwaragabanutse cane mu banyeshure, gushika aho ubushikiranganji bw’indero bufata ingingo yo gusubira kururirimba, mu gatondo, imbere y’uko ivyigwa bitangura, mu mashure. »

Vyumvikana ko ya ngingo yo guhagarika urwo ruririmbo mu masomero, ari yo yariko ituma bene Burundi barwibagira.

Amazi atararenga inkombe…

Justin Baransananikiye, umwe mu bari bagize umugwi w’igihugu wari ujejwe kuririmba urwo ruririmbo Uburundi bwikukira, avuga ko kwibagira urwo ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu ari nko kwibagira ko Uburundi bubaho. Ati : « Biraboneka ko abari bashinzwe gukomeza ako karanga hariho aho badebukiwe. »

Iyo nararibonye igasaba ishimitse ko urwo ruririmbo rwosubira kuririmbwa mu buzi bwose imbere y’ugutangura imirimo, ndetse rugatsimbatazwa cane mu rwaruka muri ca cirwa co gukundishwa igihugu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Birababaje cane kuba twokwibagira ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu. Harakwiye gukorwa igishoboka cose kugirango urwo ruririmbo rumenywe n’abarundi bose.

  2. C’est vaiment honteux!voir l’hymne Nationale comme un corvée le jour où tu avais l’occasion de l’animer.je suis sûr que tout le monde voudrais chanter mais les mots leurs manquaient.imaginez si c’était à l’étranger avec le peu de spectateurs qui puissent rejoindre le stade.

  3. Ndashimye kuba nsomye ibi jewe icifuzo canje nuko. abanegihugu haba abadandaza abakozi bareta abikorera utwabo. Bojahamwe mugukunda nugukundisha ururimbo ruhayagiza igihugu. Muti vyogendagut? muburundibwos barakora ibikogwarusangi turasavye abakuru bimitumba abarongoye amakaratie bajeje ibikogwarusangi nifuzako bocabaririmba burundi bwacu vyofasha gukunda igihugu nugukunda ururimbo gwihugu murakoze