article comment count is: 5

« Burundi bwacu » : ibintu bitatu mutari muzi kur’urwo ruririmbo

Ni ryari ururirimbo « Burundi bwacu » rwasamirana ubwa mbere ? Amajambo yaririmbwe umusi wo kwikukira yoba ari yo rufise uno musi canke yoba yarahinduwe ? Ni nde yarwanditse ? Mbega Uburundi bwoba bwari bufise ururirimbo rubuhayagiza imbere y’uko bwikukira ?

Icambere co kumenya, ni uko ururirimbo « Burundi bwacu », nk’uko ruririmbwa uno musi, atari ko rwahoze rwanditswe. Rwarahinduwe gatoya mu gitero ca nyuma, igihe intwaro ya cami isenyuwe muri munyonyo 1966. 

Ruherezwa n’amajambo akurikira : « Horana ubumwe n’abagabo n’itekane,… » Ariko, ku ntwaro ya cami, urwo ruririmbo rwaherezwa n’umuhezagiro ukurikira: “Horana umwami n’abagabo n’itekane,…” Ijambo umwami ryasubiriwe n’ijambo ubumwe, kugira urwo ruririmbo rujane n’ibihe Uburundi bwari bugezemwo.

Ni ryari rwasamirana ubwa mbere ?

Hari kuwa mbere mukakaro 1962, umusi Uburundi bukomorerwa intahe yo kwikukira ; ariko, ntihari mu birori vy’uwo musi mukuru. «  Nta birori vyabaye bigaragaza ko Uburundi bwiganzuye. Twari mu musumiranyo wo kugaburamwo kubiri ubutunzi twari dusangiye n’Urwanda»; bivugwa na Piyo Masumbuko, umuhumure w’imyaka 89, umwe mu banyepolitike b’ico gihe akiriho.  

Ariko, nk’uko abandanya abivuga, ururirimbo “Burundi Bwacu” rwasamiranye ku ncuro ya mbere uwo musi nyene, n’aho umusi wo guhimbaza intsinzi wari wungurujwe : « ingabo zaragenzuwe, idarapo ry’Ububiligi riramanurwa, iry’Uburundi riraduzwa ». Nta nkeka ko kwari ukwerekana ko Uburundi buvuye mu bukoroni, bubaye igihugu cikukiye.

Nk’uko Masumbuko abivuga, ibirori vyo kwigina iyo ntahe yo kwikukira vyagiye kuba muri nyakanga 1962.

Hoba hari ururirimbo ruhayagiza igihugu, imbere y’uko cikukira ?

Ba sogokuru bari barakoze ururirimbo rwo kuninahaza umwami Mwezi Gisabo, yaganje Uburundi kuva mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 19 gushika atanze mu 1908.

« Gushika mu 1962, ururirimbo ruhayagiza igihugu rwari « Gisabo hangama », bivugwa na Piyo Masumbuko. Nawe Athanase Karayenga yongerako ati : « tukiri mu mashure matomato, twakubitirwa kuririmba « Gisabo hangama ». 

Ng’aya amajambo y’urwo ruririmbo :

Gisabo hangama

*Gisabo, hangama
UBurundi ntibwigeze bugwa mw’isanganya
Uri ikombe ry’i Burundi
Rishamiye Ndikumagenge, hangama

Rihangarizo na Karyenda
Ryaguteye uhama umumenja, hangama
Haa haa hangama, hangama, hangama,

Abanyaruguru ni ba rugwizangoga, hangama
Ni barutinywa rudatinya
Ni ba nta mpuhwe y’umumenja, hangama

Tera inyonga
Usanga dusa n’irirenga, hangama
Haa haa hangama, hangama, hangama

 

Isoko : Piyo Masumbuko, yari muri Reta ya Ngendandumwe (1963-1964 n’1965)

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Amateka y’ururirimbo ruhayagiza igihugu yarakwiye kwigishwa mumashure. Nkubu nubwa mbere numvise ibijanye n’ugwo ruririmbo « Gisabo hangama » gwahoze arigwo ruririmbo gwigihugu imbere ya 1962 be nuko ijambo « ubumwe » ryasubiriye ijambo « umwami » . Ariko rero uravye imyaka ihaciye vyari bikwiye kwihwezw ko rukijanye nigihe haraho hatobura utworyohogwa kugira ruryohere abana barutse ubu.

  2. Ntavyo narinziko Hariho urundi ruririmbo yuhayagiza igihugu avant yokwikukira niyo ijambo ubumw ryavuy muri Burundi Bwacu