article comment count is: 0

Abagabo bakwiye guherekeza abagore babo gusuzumisha imbanyi

Naho ata tegeko canke ingingo ihari itegeka abagabo guherekeza abagore babo iyo bagiye gupimisha imbanyi, abagabo bari bakwiriye kwibiriza kuja kubafata mu mugongo.

« Nta tegeko canke ingingo ihari itegeka abagabo guherekeza abagore babo iyo bagiye gupimisha imbanyi canke kwivuza bisanzwe » ; tubisoma mu rwandiko umuyobozi mukuru ajejwe amagara no kurwanya umugera wa SIDA, Muganga Minani Izahaki, mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu.

Urwandiko nk’urwo rwasohowe kuwa cumi na kabiri Ndamukiza, 2019. Ni inyuma yo gusanga « mu mavuriro amwe amwe, abaganga bategeka abagore kuzanana n’abagabo babo iyo baje gupimisha imbanyi canke iyo bashaka ko bagira uburenganzira bwo kuvurwa ku buntu » ; nk’uko rubisigura.

Vyoba vyiza

Naho yemeza ko iyo ngingo itariho, umuforoma akorera mu gisata cakira abagore mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge yongerako ko « ico babahanura gusa ari uko, bishobotse bozanana ; vyoba vyiza gusumba. »

Mbere, hari urwandiko rumanitse impande y’aho bakirira abo bavyeyi, rwasohotse kuwa kabiri Ndamukiza, 2018 ; bimwe mu vyo turusangamwo ni: « Vyoba vyiza ko abagabo bokwijukira guherekeza abafasha babo igihe cose bagiye kwitura umuganga ». Maze mu kurukurikiza, iyo hagize umugabo aherekeza umutambukanyi wiwe, agirirwa akarusho, ugasanga ntatonze mu bandi, ahubwo bakamucishirizamwo ; ngo ni « kugira batere intege n’abandi bagabo », nk’uko bishikirizwa n’umwe mu baganga b’ico gisata co gusuzuma imbanyi, kuri ivyo bitaro.

Ku bwa Caritas, umukenyezi nasanze kuri ivyo bitaro azanywe n’ugupimisha imbanyi ubwa kabiri ati : « Igihe naza kwipimisha ubwa mbere, baranyakiriye neza baraheza bampanura ko bikunze hanyuma twozanana n’umugabo. »

Uwo muganga wo muri ico gisata ati : « Itegeko si ryo ryoza imbere ; ariko, abagabo bakwiye guhimirizwa cane ngo bijukire guherekeza abakenyezi babo gupimisha imbanyi, na cane cane iyo bagiye irya mbere. » Akabisigura agira ati: « ico gihe ni ho tubaha impanuro, mbere tukanabagirira ibipimo bimwe bimwe, harimwo ic’umugera wa SIDA. Ni vyiza rero ko ivyo bipimo babigirira hamwe, bagaheza bakaronswa inyishu bari kumwe, gutyo bikabafasha kubaka biyizi kandi bazinanye. »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion