article comment count is: 6

Burundi Vs Gabon: « Ese coba icigwa no ku banyepolitike! »

Urukino rwahuje Uburundi na Gabon rwaratwibukije ko Abarundi turi bamwe. Abari hanze y’igihugu, mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura, bose imvugo yari: “Burundi bwacu”. Nibitubere icigwa !

Twese twaravyiboneye. Kare cane, nk’isaha cumi na z’ibiri z’igitondo, aho bita ku ngoro y’imico n’akaranga (“Palais des Arts et de la Culture”), umurongo muremure cane w’abaje kugura amatike yo kwinjira mu kibuga kurorera urukino. Mbere, mu bibanza vyose vyadandarizwamwo ayo matike, kwari uko. Hamwe hamwe, ngo hoba hariho n’abaharaye, kugira ivyo bibanza vyugurure ari ho bari, ntibabure agatike kabo.

Ku muhingamo, hageze ko urukino rutangura, Abarundi bose barahaguruka. Bamwe bashira ikiganza ku mutima, abandi bamanika hejuru ibendera ryacu, bose bati: “Burundi buhire…nkoramutima…Imana yakuduhaye ikudutungire”.

Ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore carakubise kirazima, gisayangana amabara yera, ayatukura n’ay’urwatsi rubisi. Hari n’abari bicafyeko amabara y’ibendera ry’igihugu cacu. Umuhagarikizi yapfuye kuvuza ifirimbi yo gutanguza urukino, #IntambaZacu zihererekana agapira, abarorerezi natwe turasasira n’indirimbo zo kubaha inkomezi. Amashi, amafirimbi, ingoma, twese tuti: “Burundi, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima”; ivyari amajambo bihinduka ingiro. Mbe ni nde yavuze ko Abarundi tutoba umwe?

Intsinzi yacu

Ng’iyo ifirimbi yanyuma y’urukino iravuze; abato, abakuze, abakenyezi, abagabo, abanyeshure, abapolisi, mbere n’abasirikare, bihereza amabarabara. Kuri bose, ururirimbo rwari rumwe: “Burundi Oyeeeee!”

Nta dini, nta bwoko, nta mugambwe, eka mbere nta n’intara nabonye uwo musi. Ntiwombaza ba banyepolitike bacu, bamwe batigera bibagira na gato kutwibutsa ubutandukane bwacu, iyo bari baroye. Kumbure wosanga na bo nyene bariko batambira hamwe n’abandi, mw’ibarabara.

Iyo Rwagasore aba hafi, sinkekeranya ko yari gusubiramwo ka kajambo kiwe ngo: “hatsinze Uburundi”; Ndadaye nawe akamwuhira ati: “ivyo ni ibiranga Uburundi bushasha…Uburundi dushaka.”

Icigwa gikomeye

Urya musi, mwatambira hamwe n’umuntu, mwaruhuka ukumva akubajije ngo “mbega Uburundi bwatwaye igikombe c’isi?” Vyari biryoshe pe! Uwundi mugenzi ni we yavuze ngo: “uwutagaragaje umunezero uyu musi, ni uko atawigeranye.”   N’abatahora bakunda inkino, baraje kwifatanya natwe.

Hari umutegetsi umwe wa hano i Bujumbura, yabonye ingene ivyo bintu biteye igomwe, arinamura ati:  “ni ibintu tutari duherutse kubona muri iki gihugu, abantu bafise umunezero udasanzwe, abantu baryohewe n’intsinzi. Nibaza rero ko twoshigikira inkino, tukagira ubumwe, tugateza imbere igihugu cacu.” Nanje nti: ubivuga ubizi he !

Umunezero Abarundi bari bafise urya musi wari ukwiye guha icigwa abanyepolitike baraho. Bakumva ko bakorera igihugu kimwe. Uravye ugushamirana n’amajambo aremereye twumva ku nsamirizi canke dusoma ku mbuga ngurukanabumenyi, kuva n’imbere y’umwaka w’2015; wogira ngo ntivyokunda ko Abarundi tuvuga  rumwe. Intamba mu rugamba zaraye zerekanye ubudasa.

Abanyepolitike bacu barakwiye gusenyera ku mugozi umwe, bisunze burya bumwe Abarundi berekanye urya musi. Mbega yemwe vyogenda gute ngo bamenye ko na bo ari bo “Ntamba mu rugamba” Uburundi bufise, mu gisata ca politike?   

Iyo mba umwongereza, nogize nti “one people one victory”; ariko, ko ndi Umurundi, reka ngire nti: Ese twoba umwe, no mu 2020 !

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Nibaza ko comparaison mugize araho ihuriye na politique.imw munsiguro ry’ijamboni urubuga ruhurirako abadasangiy ivyiyumviro contrairement y match twese twar twipfuza intsinzi yigihugu cacu!!ahubwo mwar kubarya akarabakareka gucanishamwo abarundi mumvugo zabo kk inyuma yivyo kunigamira gutwara twese turabarundi

  2. Ijambo aho!!!! Abaduserukira n’ababiharanira, bafatire ngaho. Barazw ishinga n’icoza kinezereza abarundi Bose Atari akagwi k’abari Ku rushi mugihe ama Millions y’abarundi aba ari mu marira n’umwiheburo.

  3. Nukuri vyari biryoshe cane gusubiza hamwe navyo bisaba urukundo nabindi kuko uwufis urukundo aba afise vyose ntakumira uwundi cank amwank abamotari murabonak bake kand muziyuko batajabuja ibiraro nukubakumir kand baba bariko bahiga amahera kand ntimube inkuzi zamahera mutoteze aband kuko ivyisi ningah tubisiga ninde witeze wumva ngo ntiyafuye kubera yarafise amaher nibihinda vyishi icamber Ni urukundo kand dusenge cane

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.