article comment count is: 31

Vyokunda ko musangira umukunzi n’uwundi muntu ?

Nahora numva bavuga ngo : « Nta muntu yokunda abantu babiri ». Naratevye ndabona ko bishoboka. Ng’uku uko vyangendeye.

Mu misi mikeya, ndarangiza amashure yanje ya kaminuza. Mélissa, ni umukobwa twigana, turangana mu myaka, tuva hamwe.

Vyose vyatanguye tugeze mu mwaka wa kabiri; mbona imigenderanire hagati ya twe n’uwo mukobwa ikomeza gukura uko imisi ihera. Haraciye igihe dusangira akabisi n’agahiye, arananganirira ko afise umuhungu bapfunditse ko amurindiriye, niyaheza amashure bazoce bagira ubugeni. Maze atako aranaduhuza n’uwo muhungu. Ariko rero, ivyo ntivyatumye ubugenzi bugabanuka canke ngo buhungabane hagati yacu ; twagumye kwa kundi.   

Kw’ishure, abatubona bose, na cane cane abo twigana, bavuga bati : «Luka na Melissa, rurya ni urugo rwigendera ». Ariko ivy’uko twoba turi muri ubwo bugenzi budasanzwe, ntavyo twari bwigere tuganira hagati yacu.

Umukobwa arateba aransokoroza

Haciye igihe kitari gito, tugorobeza twicarana mu kabare, dusangira twongera tuyaga. Vyari bihimbaye cane. Turiko turataha, numva umukobwa arambajije ati :« Luka, urukundo unkunda rungana gute ? » Ico kibazo numva kinteye amakenga menshi, mu gihe naziga ko ivyo gukundana twari twabaye turabizibira hakiri kare, hamwe yanyereka wa muhungu bazokubakana.

Arambandanya ngo nindamwishure. Ndamubwira nti : muri jewe numva ari ibisanzwe, uri umugenzi ashika gusa, co kimwe n’abandi bagenzi b’ukuri nsanganywe. Ubwo nyene mbona amosozi amutanze hasi, ntiyasubira kumvugisha, aca aranansezera arataha.

Iryo joro ntitwasubiye no kwandikiranira na bwa butumwa bwo kuri ngendanwa. Bukeye ndamwandikira nti : « narabonye ko nakubabaje, nashaka tubonane dusubire kubiganirako »; arabinyemerera, turafata isango.

Insigabwenge

Tumaze kubonana, ndamusigurira nti : burya, kuva igihe unyeretse urya muhungu mwimirije kubakana, nari nzi ko ari inzira yo kumbwira ko mu bugenzi bwariko burakura hagati yacu, kizira kikaziririzwa ko nokwiyumvira nk’uwo twohava tukagiranira ubwo bucuti budasanzwe. Ariko warabonye ko bitatosekaje imigenderanire yacu, kandi vy’ukuri sinigeze numva ko vyomera nka kurya k’uriya mwagiraniye isezerano ry’uko yokurindira.

Umukobwa yongera kurira, ariko ubu hoho arampishuka ati :« Vy’ukuri, uriya sinigeze ndamuheba, turacari mw’isezerano kurya nyene. Ariko nawe numva ndagukunda. »

Niko kunyihanikiza ngo ntaze ambone ndiko ngendana n’uwundi mukobwa nk’uko tugendana na we. Ngo vyomubabaza cane mu mutima. Ubu nanje naratevye ndabona ko ndamwiyumvamwo. Ikibazo mfise ubu n’iki : « Nemere dufatane hama nsagira umukunzi n’uwundi muntu ? »

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (31)

  1. Wee Luka wee Luka uri mû so sa hatari😂😂😂😂. C’est une très mauvaise idée. Ariko nawe ni hatari nani. Ki utaciye umwihanikiriza nawe KO utomubona arikumwe n’uyundi muhungu?

  2. Abakobwa niko babaye bakoresha ibishobisho. Muhungu, genza buhoro ntuzohave usanga wiyimye uwundi mukunzi. Biragoye ko uwundi wopropoza yokwemera mu gihe abona imikwegano iri hagati yawe n’uwo mukobwa ata mugambi wo kubana.

  3. Mumigenderanire abantu bagira hagati yabo baba bakwiye gushiramwo ama limites kuko kuba mwageza aho mwiyumvanamwo gutyo nuko atama limites mwihaye. Ubugenzi bufise aho bugarukira bibaye birebire bica vyica ibindi.
    Jewe rero nibaza ko woreka gusambura couple yabandi, mwikuremwo urondere uwundi !!

  4. Mumigenderanire abantu bagiriranira baba bakwiye kwiha ama limites. Ubugenzi bufise aho bugarukira, iyo ata limites zibayemwo hari ibipfa !
    Rero vyiza woreka gusambura couple y’abandi ukarondera uwundi !!

  5. Commentaire *Oooohhhh iy histoire nanj ndayibayemw!!Gus nanj n umukobw nkunda knd naw mbon k ankunda afis uyund knd hagez nah amwim umwany akawuh jew arik akagum anyemez k ariw ashak k boban arik biramuts bidakunz akab jew rer ng ntambonan nuyund!!!,
    iby twovyit gut?

    1. muta nawewe urumva ko ubayeho mubuzima butagira umwidegemvyo, ntavyo kuba pneu de reserve shaa kuko kenshi ama pneu de reserve hari igihe batigera bayakenera kabisaa hohoooo

  6. Ewe Luka Na Sogo muranezereje. Nimba abo bigeme muvuga ko mukundana mubakunda vyukuru ni mubagaragarize urukundo mubafitiye kugera aho bibagira abo bandi. Iyo ukunda vyukuri utegerezwa kugwanira uwo ukunda kugeza aho atakintu nakimwe canke imuntu numwe womugutwara. Ukaba wumva mu mutima wawe utamukunda neza naho ugerageze umwigire kure buhorobuhoro azokwibagira. kuko mugumye muri ivyo ntimuzubaka muzosambura izubatswe. Gira amahoro

  7. Ewe Luka nawe reka kutugoza ibibazo nawe niwiyishure, ariko ndazi ko wamaze kubona ko ari rwawe kuko vuba nawe uzomubwira ko akeneye ko mubandanya ko yoheba burundu urya wundi kandi ayo mosozi yarize arerekana neza ko yamaze guhitamwo wewe. Ganire mu maguru masha mubandanye mufise intumbero nyayo

  8. mutama mutama mutama, noguhanura ko uwo mukobwa womureka kweli kuko reellement nimba agukunda urya wundi yomuheba kabisa kuko ntagusangira umukunzi muri 2, ntaho vyakabaye nukuri croyais moi tot ou tard vous allez le regretter

  9. Ikintu bita »friend zone » carabataye kuwamazi ,il fallait gerer cela bien apres amaze kukwereka le type bakundana,muga rero nimba nawe l’amour envers elle yagucakiye aho ntibigiye kworoha,soit uramuheba,soit elle quitte son ancien copain et laaa ca va etre carrement de la merde pour vous tous trois.

  10. ni comédie cnk nivyo?
    vyoshoboka bit m gih umukobwa afs uwo bari mwi sezerano,uraraba Luka ntuzohav ugum uriko uriruka inyuma yiw ukubur aho aciy erga nivyo utgrej azognd ubona hhh

  11. Ivyi ni ibishobisho kuku mwamana gafi ntarukundo rurimwo. Ukamutora kubera emotion n’abandi bazomutora kubera emotion nawe usigare wipfimbereje. Canke hagere aho akenge kagaruka yisuburire kuwobasezeranye ubwambere nawe usigare wipfumbereje.
    Ivyo vyama vyabaye ariko igisumba vyose nugufata ingingo rugabo ku neza yawe n’iyabandi. Naj vyaramvayeko nivyukiranije ngire mpereyo.

  12. Haaa jew uko mbon uyo mukobwa bmucungu kuk ntakunt wkunda abantu bbiri icrimwe kndi bazinany.kuk bac umugani mukirundi : »agakunze babiri karabateranya »
    Uw muhungu snumva ukunt wokund umukobwa uzik afis uwund bakundana kndi ybikwibwiriye nuw bkundan umuzi.jew ic mbon ego womwerekak umukund kugir ntahav aca akwiyumvir nabi cnke haz hze ibindi bintu.je mbon wokwihigir uwaw ukabimuhisha mbe ukzobagira abagenzi bkamenyan nkuk naw ybigiz ham uzomujan ahant mwicare umubarir uk bimeza.umwerekeko urundo mugira mujemwo ataho rwoshika kndi rwohav rumubabaz agtakaza umwe basezrana ukuban.

    1. C’est vrai l’amour est beau et bien.. But, As u said ntmuntu ashbra kugunda abntu bbiri
      Mubwire k she must take a choice between u and him if SH really loves u she will chose u..

  13. No ntivyokunda ko inkuba zibiri zisangira igicu,nkumuntu nanje vyanshikiye burya nasanze ari urukundo rudashika Kuko wama uriko urapimwa,ICO akubwiye cnk agusavye aca akibwira nuwundi hama uwumuhaye inyishu nziza niwe acaba cheri du jour wew ucutakaza agaciro,knd umusi wamukorey agakosa nagato ntazoshobora kukihanganira!

  14. Oya namba ntibikabe mbere nishano knd biteza igikomere kumutima hagati yamwebwe bahungu babiri Kuko umwe ategerezwa guhemukirwa,ikindi wama uri kugipimo (balance) agufatira kuwundi ,knd ibibazo ababaza nibimwe uwumwishuy neza acaba uwo acamwita mbere cheri du jour!L’Amour ne se partage point!

  15. Jewe mbona ataco bitwaye,bandanya ubucuti ndumva bizoza ico ukora umubehafi ndumva amahigwe meshi arayawe ariko kandi ugende bikebuke udashiramwo imitahe myishi kuko vyoguhanga

  16. Vaux mieux kumurek ukaronder uwundi,si non nukwiter ingorane,kuk yarakwerets uwo mu type wundi birisiguye,kuk akubuza knd naw afise uwundi c’est de l’egoïsime

  17. Ivzo bibaho. Muga umukobwa nk uwo ntabwo aba azi gufata ingingo. Ni ngombwa ko umuntu akuze amenya gufata ingingo imbere y ikibazo kimushikiriye. Ataruko usanga yahurudutse akaja muvyo kwicuza munyuma.
    kuri uwo muhungu ntibimuteshe umwanya je mbona yokunda uwundi kuko uwomukobwa ntiyobakunda ari babiri iherezo ryoba ribi

  18. inkuba zibiri ntizisangir igicu kand ntawukorer abami 2 gisigurak wamuhungu woreka gusambur urukundo gwaband kuk naw vyokubak ukababara.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.