article comment count is: 13

Ngo « nta mugabo yobwira umugore wiwe amatungo yose ? »

Mu gihe ukwezi kwa Ntwarante isi yaguhariye agateka k’umukenyezi, nahisemwo kubasangiza ikiganiro nagize n’abagenzi kuri ico kibazo. Bamwe bati : « Nta mugabo wo kubwira umugore wiwe ivyo atunze vyose », abandi bati : « Amirwa ! ». None ukuri ni ukuhe ?

Mu mpera z’iyinga riheze, nagorobeje nganira n’abagenzi, aho twari duhuye ngo twiginane, inyuma y’imisi itari mike tutabonana na benshi muri bo. Mu biyago twagiranye, hadukamwo ibijanye n’amateka y’abakenyezi. Ni ko kumva umwe yinamuye ngo : « Ni ko, abakenyezi barakeneye kugira amateka angana n’ay’abagabo ; ariko nta mugabo wo kubwira umugore wiwe ivyo atunze vyose, ubwo ni ubujuju butagira izina » ; impari ziba ziradutse.

Bidatevye, Aline, umwe mu bigeme bari muri ako kamarwa, amusamira hejuru ati : « Uko ni ko uvyumva vy’ukuri ? Twubakanye nkaramuka nsanze hari ivyo wampishije, ndakubwiye ko utokoroherwa. »

Impamvu

Robert arubatse, afise abana batatu, mukuru muri bo ageze mu mwaka wa gatandatu w’ishure shingiro. Yaratwiganiye ivyamushikiye ati : « Ntarubaka, narabona cane ko data hari amatungo atabwira mama ko afise. Hari amatongo menshi yaguze ruguru, ndetse n’impangu, ariko ivyo vyose twagiye kubimenya ari uko mutama yitavye Imana, tuza turabibwirwa n’abantu. Bimwe bimwe mbere twabikomoje biciye mu mburano. »

Tumubajije ko nawe nyene ari uko bimeze mu rugo iwe, yaranse kwishura ego canke oya. Ico bikoze, yaratwemereye ko umugore wiwe atazi neza na neza umushahara ahembwa ; kandi ngo no kuva bakireshanya, ico kintu ntaco bigeze baganirako, n’ubu.

Si uko bimeze kwa Pascal ; uno yubatse vuba, umugore wiwe aribungeze imbanyi yambere. Wewe ati : « Nimba hari ikintu catumye umukunzi wanje anyizera, ni uko namubwira ayo mpembwa n’utwo mfise twose, kuva tugitangura gukundana. Ntiyarinze no kubimbaza, ni jewe nyene nibwirije, ndabimubwira, maze kuva ico gihe, aca atangura kumfasha mu kumpa ivyiyumviro vy’ingene nokoresha neza ubutunzi mfise, ari naho havuye ivyo kuziganya kubw’urubanza rw’ubugeni bwacu ; ntavyo nari gushobora jenyene, canke naho nkabikora nabi nabi. »

Ngo « ivyo mufise vyose murabisangiye ! »

Emerance ni umwigeme ahejeje vuba cane amashure ; yize ivy’amategeko. Avyura ikibazo kuri Robert n’abamushigikiye ati : « None ko nziga muri sentare, harya muja kwandikwa ku bugeni bwanyu, bahejeje kubaraganisha, baca bababwira ngo : ‘’ivyo mufise vyose, kuva ubu murabisangiye’’ ; aho ntiwumva ko uwo mugore wawe akwitwariye mu gihe wagize ivyo umuhisha, wotsindwa ? »

Gushika aho, wamengo arahejeje guca urubanza, uwo mwanya haba agacerere, twese ngo cwe ! Bugingo tukizirikana ico uwo munyamategeko avuze, twumva Claudine, umwigeme yimirije kwubaka urwiwe arinamuye ati : « Ntabara ! Mpfa kutagira ico mbuze gusa, kandi nkabona umuntu wanje ko ankunda, ivyo vyo kumbwira akantu kose atunze, biramuraba ; yombwira adashatse akareka. »

Ikiyago caciye kiba nk’igisubiye itoto, bamwe bakagiriza abagore n’abakobwa ko ari bo ntandaro abagabo batababwira ido n’ido ry’ubutunzi bafise, abandi bakabita ku mico y’ikirundi ngo ni ko vyamye kuva na kera. Ico bikoze, ntitwigeze twumvikana kuri ico kibazo. None ikibereye ni ikihe ?

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (13)

  1. Ijamb Ry’ Imana Ngo « abo Babiri Bazoba Umubiri Umwe » Nimb Ari Ukwo Biri, Ukwo Guhishanya Kuva Kuki? Na None Iyo Babwirana Vyose Bararushiriza Kwizigirana.

  2. Ico kibazo ninkoramutima.
    ikibazo ntikiri k’ukugana kw’abakenyezi n’abagabo. ariko umuntu yokwibaza. None ni kuko abagabo badashima kubwira abagore babo ivyo batunze vyose? Canke mbe ho kubwira umugore wawe ivyo utunze vyose n’ivyo bigaragaza ukungana kw’umugore n’umugabo?
    Mbe kuko amatungo y’umugabo ariyo akwiye kumenywa n’umugore, umugabo we ntakwiye kumenya amatungo y’umugore?

    Ivyo vyose n’ibibazo umuntu yokwibaza ariko atabirangije. Je novuga ko imvo zituma abagabo badashima kubwira abagore babo ivyo batunze vyose zishirwa mû mirwi itatu.

    1. Biva ku mico y’ikirundi ikumira abagore kubijanye ni gutorana bigatuma umukobwa aja kw’ubaka asa nuko ataco afise. vyose abizeye ku mugabo wiwe,

    2. Biva kandi ku bakenyezi bonyene ubwabo badashaka kutondera ubutunzi bwabo. Gutyo bakaguma bahanze amaso amatungo y’umugabo. Hakiyongerako n’inyifato z’abagore bamwe bagira mû matungo y’umugabo. Ahandi naho ugasanga umugore agomba gutanga ategeko arenze y’ikoreshwa ry’ayo amatungo kandi atatuharara runini yagize mû kuyarondera,

    3. Amategeko yo mû Burundi harimwo agahaze mû bijanye n’isangira ry’ubutunzi mû rugo. Kuko umengo umukenyezi ntaco asabwa iyo yubatse urugo. Hagize ico bapfa n’uwo bubakanye umugabo niwe yama ahomba kuko amategeko ntatomora neza amatungo yo mû rugo akwiye gutunganywa. ko ari gusangira amatungo yose , canke ayo barondereye hamwe canke gutandukanya amatungo. Ivyo rero bikarushirizaho gutera amakenga abagabo na cane cane igihe urugo rutabandabije rugenda neza nkuko avyifuza.

    Ivyo nivyo mbona bituma abagabo batifuza kubwira umukenyezi wiwe amatungo yose.

  3. Umugore n’umugano ni umubiri umwe.ariko kubwira umugore ivyo ufise vyose sinumvako bikenewe cane kuko hari igihe satani atera mungo ugasanga habaye ukwahukana.muri icogihe iyo ari umugabo ataco yisigarije aca agira ingora.kuko haraho umuntu aronka umugore aho kuba umufasha wiwe akaba umusuma wokwiba itunga bitwako bari basangiye.

  4. Commentaire *ni vyiza ko iyo umuntu afashe ingingo yo gushira uwo akunda mubuzima bwiwe bwa misi yose ko yomenya buri kimwe cose kiberekeye nicerekere urugo gwabo kuko umuntu agigwa n’ubundi.kandi ngo ukuboko kumwe ntikwimara uburyi

  5. haaaa!ingorane nuko harabagore iyo bamenye amatungo mufise usanga bacabigira ingare mu rugo niyompamvu batomenya amatungo mifise yose

  6. Vyose biva k nyifato y umugore mu gutunganya ivyo umugabo amushikirije
    Ivyo bikunda gushikira kenshi abagora basanzw badakora bazey vyos k bagabo ugac usang umugabo ntakeney k ivyiw vyos biherer mu muyaga

  7. Ivyo bisanzw kenshi bishika k bagore badakora bazey vyos ku bagabo ugasang umugabo aratinya k asabwa vyinshi ngo bisesagurwe bitumw nuko yahishukiy umugore ivyo afis vyose

  8. Nico abagabo batamenya,kutabwiza ukuri umugore wawe bituma atakwizera kandi arashobora kwadukana nizindi ngeso mbi .akarorero:arashobora kukwishiramwo nabi kubera muri ico gihe aba afashwe nabi,kandi ntasubira kwumvako yisanzuye.mbere iraba n ‘inyanduruko y’ihororokerwa mubijanye n amabanga yabubatse …

    1. Raba ikibitera cane cane
      1.Abagore benshi bashima gutega amashi, bakihutira ama dépenses ataco binjiza, bagashaka no kugaba ivy’ umugabo yabiriye akuya.
      2. Mu ngo nyinshi participation financière y’abagore ni ntoya
      3. Ntitwibagire ko hariho benshi barongogwa bakurikiye amatungo
      Impamvu ni nyinshi, urugo ni mureke rutunganywe na nyenerwo ni we azi uwo bubakanye. Abagore bari kune bari gutanu

  9. Nanje ndabishigikiye kumenyesha umugore wawe amatungo yawe yose yaba make canke menshi bituma akwizera cane akagufasha gutunganya urugo nimigambi yoguteza imbere umuryango kuko aba yahawe ikibanza ciwe muri vyose.nivyiza kubimubwira atanabikubajije.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.