article comment count is: 27

Agakete ku bakobwa barenza imyaka 30 batararongorwa

Ubuheruka, kuri runo rubuga haraciye igisomwa kituyagira ku makuba yo gukwiza imyaka 30 umukobwa atarubaka, mu Burundi. Hari umusomyi wa Yaga rero abibona ukundi. Arabituyagira.

Bavuga ngo abahungu barinenaguza abakobwa ? Eka jewe si uko ndabibona. Ahubwo bamwe mu bakobwa ubu ni kibazo.  Bishinga ibibaryohera ku maso gusa, ariko ivya kazoza ntibavyiyumvira. Noneho baza kuvyiyumvira iyo babonye bashaje, kuko burya iyo umuntu agomba kwubaka urwiwe, na cane cane abahungu, ntapfa gutwara uw’ari we wese ; kuko benshi usanga bagiye baritwara nabi mu buto bwabo, mbere ugasanga barabikuranye.

Rero umukobwa ameze uko, umuhungu amutwaye aba yiteye ingorane we nyene. Hariho n’abakobwa badashoboka, naho boronka uwubashima batamarana kabiri, kubera ingeso zabo umuhungu aba atazikunze ; nashaka ndababwire ko naho wumva ngo bashikana imyaka mirongo itatu (30) batararongogwa, nta mwaka n’umwe batagendana n’abahungu kandi bipfuza kubatwara.

Intimba y’urukundo…

Ngomba ndabahe akarorero kamwe k’umuhungu twabana nciga kuri kaminuza ; nta myaka itatu irahaca, yari afise umukobwa bakundana, bose bakigana aho muri kaminuza. Barakundanye imyaka ishika kuri 3, mu nyuma uwo mukobwa aca abona uwundi akora mw’ishirahamwe rikomeye, wewe yifitiye amahera data wanje !

Burya uwo mukobwa aca atangura kubwira wa muhungu bakundana ati: « Gira n’ingoga untware, kandi inkwano ni imiriyoni zibiri (2 000 000 Bif), kandi ntituzoja kuba mu ntara za ruguru, ico ntikibaho ! ». N’ibindi vyinshi.

Umuhungu abiravye, akabona uburyo yari afise, ati : « Mukunzi, nagukunda, muga ivyo untegetse ntavyo noshobora. » Aca arenzako ati : « Jewe urukundo nari ndarufise, muga ko ivyo umbwiye binaniye, igire n’amahoro. »

Muti rero bipfira he?

Wa mukobwa aca aragenda no kuri wa wundi akora muri rya shirahamwe ati : « Ubu ndaje, ndakwemeye. » Aca aja ngaho aramwiganira ido n’ido ry’ukugene yahinyanyuye umuhungu bari kumwe ngo bikunde bavane ; ingene yamuhoye ko ata buryo yari afise ngo amutware.

Uwo muhungu ati : « Ni ko ko mwari mumaranye imyaka itatu ? » Umukobwa ati ime ! Umuhungu aratangara cane, aca amubwira ati : «  Uwo wamuhoye ubusa, naje ndumva ntivyokunda » ; kanatsinda yari yamuhinyuye ko yishakira uwufise amaronko ata rukundo rwamuzanye.

Umukobwa yaciye abura bose. Yarasubiriye kuja kurondera wa muhungu wa kera, asanga yarirongoreye uwundi. Si ivyo gusa, umukobwa yarahejeje amashure aca araduga ruguru iwabo, ubu imyaka 30 yarayirengeje kandi aracari aho uko.

Rero abakobwa naho bibagendera uko beshi babifisemwo uruhara runini. Wa wundi ati « ndavuga simvura », reka nce make, nsome nsohoka.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (27)

  1. Ndavyemey ivyo uvuze nivyo kabisa!nanj ndafis uwiwacu vyabayeho yanka umugabo ngo afise amashure make,non ubu ararenza imyaka mirongo 34!rero nkuko ubivuze ntabubeshi burimwo,abakobwa bikigih bakeney ubuzima bworoshe bakibagira ko nabo bandi baburonse babanj guca mubigoye,rero bashaje bakiriko!bishinga ababahenda NGO barabakunda baciy kuma whatsup na ma Facebook bakanka uwo babona ari hafi yabo.

    1. Commentaire *ivyo muvuze nivyo naje narabibonye kuwo twakundanye ubwambere yaciye aba umucamanza aca avugako mpembwa make bitokunda ngo cank ndamutwe ibujumbura none nubu ariko arakwiza 40ans kumvo yiteye

  2. Anicet Ciza*
    Sha ivyabakobwa ni urudubi!wawundi ngo »:amaronko menshi aziba amatwi. »
    Benshi ngobishakira abatunzi ,bakarinda bapfa batarongowe! barakwiye kumenya KO urukundo atari urucuruzwa!

  3. Za murahanura ariko kenshi umuntu yigisha nimpanuro ahawe n’abandonne aba aciyubwenge kandi aba azovayo! Nayo kutundikwa ruhande benshi babimenya iyo bibabayeko.

  4. Mu bisanzwe tugiye kubiraba hariho abakobwa benshi cane babura abagabo kubera bavyishakiye « niko nobivuga ». Aho ni mu gihe tubona abakobwa bashobora gukundana n’abahungu igihe kirekire kandi ugasanga abahungu ubwabo bararyoherewe abakunzi babo uko biri kwose, bikaja kurangira abakobwa babwiye abahungu ngo mwe murakenye tugiye ku bafise ibintu bisigura ko ata rukundo ruri muri bo, ivyo navyo bigatuma baca babura ico bafata iyo abagira kabiri babirukanye.

    Nka jewe nanje sinotwara umukobwa yatandukanye n’uwo bamaranye imyaka irenga ibiri ngo ndamushire mu nzu kuko bisigura ko nanje yonsiga mu nzu akaja kubafise ibisumba ivy’iwanje!

    Bashiki bacu rero bikebuke bamenye ko hubaka abakundanye, niyakunda ibintu, bizomubuza kuronka umuntu wiwe, #ariko niyakunda uwumukunda bizomuha umuntu wiwe maze baronderere hamwe ivyo bintu vyotuma batandukana!

  5. Ego niko biri ubu haribeshi bamanza kwimanzagiza bakabenga abahungu beshi babahorako bakenye bavyita kurira ubukumi bakaza kwikebuka bamwe babahendesha ibintu kwarukubazunguruka(profiter) ivyaka yamara kubimyaka bakipfuza bamwe bambere bagaruka bagasanga baramaze gufata ingingo!murakoze cane

  6. Sintahuye cane ivyo mushatse kuvuga, ko abakobwa bamwe bamwe bakunda amahera n’ugushikana imyaka 30 batararonka ababatwara bihuriye he??? Hanyuma ikibazo kiri he umukobwa ashikanye imyaka 30 atararongorwa ??? abahungu nibo bonyene bavyemerewe ??? Je trouve que vos propos sont très sexistes

  7. Hahahhhhhh….
    Abakobwa ivyabo uwobivuga ntiyobiheza!
    Baraka ng’aho bakiduza ngo nashaka ubuzima bworoshe,abagabo batunze,bakibagira ko amafranga n’aho woba uyafise utoyagura vyose!!
    Hari abasuzugura abahungu babayabaye,bakaja ngo ku batunzi,ariko ugasanga bahukanye batamaze na kabiri!!
    Ariko n’abahungu turabe neza ko ata ruhara rimwe na rimwe tuba tubifisemwo!Ugasanga umuhungu agenda abakobwa 10 ngo bose azobatwara!!Twese twisuzume,maze turandurane n’imizi ingeso y’ugukunda ibihendamaso!!

    1. Jewe sinumva ukuntu muta umwanya muvuga abakobwa.aha murabuze ibindi mwokora. Abakobwa abakobwa…. None batarongowe bibarya he??? Erega kurongorwa si ngobwa bibe kuri bose. Hama mubarekere ama choix yabo nabo ntibaza kwivanga mu yanyu. Bakunda abatunze canke abakenye ico si kibazo canyu. Abanyafrica niyo mpavu tutazotera imbere twishinga kuvuga ibitaturaba hakwiyuvira ico duteza imbere. Ndavuga si mvura murantunga

    2. Jew suko ndabibona mwafatiy muri rusangi ariko Bose ntibamez kumwe hari abafise iyo myaka kandi ari wamuntu atakahise kabi canke atigez abenga kubera amaronko hari umukobwa ahura numuhungu ugasanga afise ingeso mbi numukobwa adashobora kwihanganira none yoca amwemera kandi kumbure mû mutima atakariyo ngo nuko yarengeje 30ans canke uwo bahuye wese boca bafata ngo nuko akuze mbona amafuti menshi muyashira kuri abakobwa ariko mû bahungu hari abahemukira abakobwa bakabasiga mwo ibikomere akabanza gukira ivyo bikomere kugira ngo asubire kugendana numuhungu bigafata umwanya utari muto imyaka nayo ikaba iriko iragenda hari imvo nyinshi zituma abakobwa batarongorwa atari ukubera amaronko nkakarorero ndazi umukobwa yarafise umutype ari hanze aramutegereza 3ans abaza Bose kumuresha ababwira KO afise umutype atari hafi yanka kumuhemukira uwo mutype aje yaciye afatana nuwundi za 3ans ziba zibay impfagusa kandi barakundana nkuyo kugira asubire kwiyumvira numuhungu bizomufata umwanya usange 5ans ziragiye c à d 3ans bamaranye na 2ans afash ngo akire donc ntimufatire muri rusangi abakobwa hariho abumutima de même nabahungu

  8. Abakobw benshi ubu Niko bameze bakira kubona uwufise amahera baca bagenda bariruka ngo bararose abagabo abo barikumw bagata. Har’abo baganga bobo ntibaje bwo ! Ariko birakwiye guha isomo abakobwa bubu kuko ubuzima butangwa n’Imana ushobora kuja kuwo ubonako afise amahera menshi afise n’imodoka ariko hasigara uricuza ari iyo ngumana n’umwe wambere bitagikunda babonye uko babanye numwe birukira !!

  9. nukuri nivyo kuko abakobwabese niko bameze. muga bavuga bati wanka kurya akaryamye kamaze kuvyuka kakakugora irya nuko iyo yemera uwo muntu wambere biba vyaragenze neza murakoze

  10. sha muvze ukuri. Ark ku rund ruhande ndavga ko ubukene nabwo busongera isibe. Ubu nabahungu bake biha kuzana abagore kubera ubukene beshi baratinya bagahitamwo kwigira kure umukobwa

  11. Ivyo vyavuzw ntakinyoma kirimwo aba bashik bac bakunda ivyuzuy arik natw abahungu twikebuk uzosanga tubibafashamwo mukugur bamere uk tubon bamez ub

  12. Haaaa twaratoye ubuhinga natwe duca tubareka yamara gusaza ntumuvugisha wapi reba mubo mwiganye wokubahuka kubaresha bibagirwa ko ari nabeshi heeee abavacacciens rero nibo babahenda mbewamukobwa wee iyo uwomuhungu ari ntabakobwa bariyo ? Ndagutwenga naho utwiratako umusi yaguhevye niho uzobibona

  13. Tuyaga uyu musi abokobwa barabaye ibisuma cane kuko usanga barira uyu canke uriya.ivyo bigatuma aba ikirara.kandi tugiye kuraba abana baba kobwa kubera atandero yo ku ziko ikihari atangura guswasura ku myaka mike cane aho ku myaka nka cumi n,itanu usanga amaze kuryamana n,abagabo barenga i cumi.kubera ivyo vyose ibikuriramwo kaandi aka bigirira mu kibano ,aho agedera ,aho yiga abantu baramubona .kubera aba yaraswasuye usanga ubwambere akengera umuhungu aciriye hagufi n,ukuvuga afise uburyo buke.Abantu bamaze kumubonako iyo ngeso baramuhanirana; bakamuyaga bigatuma atakaza icizere ku basore. »uvumwa na benshi ugatota »ico gihe nta musore aba ikimutumbera.Ngiyo rero imyaka iramujanye atangura kwiyegereza abantu muga kubera kakageso bikaba ivyibusa .Abenshi baca bafata ingendo yogukizwa ugasanga yahora yambara impenerezo yarahinduye arakwebereza.umwaka wa mbere ukagenda uwundi ugatangura ,umusore yinjiye mu dini asengeramwo amubonye ngo amubaze akemera ubutarariye.uwo nuwugize amahirwe akaronka uwumubaza.Ngabo bararushinze hagera irondoka bakabura niyikoroka kubera wamukabwa yagiriye mu ngeso mbi anwa imiti ikinga inda ugasamga yagize ingaruka mbi ku magara yiwe bigatuma adasama.urugo rwabo rutangura gusha hadukamwo imishwano.ku babura nabo iyo baja nibo baca basambura inga zihagaze ubasanga mu mazu y,ubutambiro ha noy,ubunywero.Abagabo bubatse ngo bababone kubera uko bambaye bigatuma bata umutima bakerenga ibigo .uduhera twose bagahereza kuri .Iyo hageze ko bataha imuhira bagataha mu gicugu aho rero abanarugo babo barabarindiye ugasanga nugufungura ntibafunguye ngo bashike muhira umugore ati cheri karibu dufungure umugabo agatangura kubesha ati: cherie narikumwe n,umugenzi yanguriye kamwe arampa n,akabrochette.Abandi nabo bagapfa kurya mbe sokuruati  »amagorwa y,umugabo n,ukurya ahaze. »ivyo rero abigira kugira ivyiwe ntibimenyekane.nguko rero uko ingo zubu usanga zidahararaneza murakoze.

  14. Jewe mbona iyi nkuru irenganya abakobwa mu buryo bwinshi. Niyo mpamvu nagira ntange iciyumviro canje muri izo ngingo zitatu zikurikira:

    1. Gukwiza imyaka 30 utarubaka ku mukobwa si icaha
    2. Birababaje uko iyo nkuru yumugenzi wawe yagenze ariko siko biba vyagenze ku bakobwa bose barenza imyak 30 batarubaka urwabo.
    3.Umukobwa arengeje imyaka 30 nawe « ntiyopfuye uwo atoye » ngo ni kubera imyaka afise. Nibaza ko nawe, nkuko wabivuze ku bahungu, yari kuba akwiye guhabwa amahirwe angana yo guhitamwo uwo yiyumvamwo (hariho abavyita ngo ni « uwo akunda »).
    Hari umusazi aherutse kumbwira akantu kanshika ku mutima. Yavuze ngo « ntawanka kuba agashurwe ko mu nzu, aba abuze uwukamugira » 😉

    Murakoze!

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.