article comment count is: 0

« Yansavye ko turyamana kugira ampe akazi »

Mu Burundi, ingorane zishikira abigeme n’abakenyezi mu kazi ziri ubwoko bwinshi. Iruhande y’izo basangiye n’abahungu n’abagabo, hari izo bisangije. Izo rero ntizikunda kuvugwa. Ni nk’izi zashikiye bano bapfasoni babiri, ubu bakaba batazi uko bari bwifate.

« Dusanzwe tuzinanye, kuko tuva hamwe. Ejo bundi twahuriye mu kaguriro, hari utuntu nari ngiye gusuma. Nawe andamutsa nk’uwunkumbuye koko, kuko twanaherukana na kera. Hanyuma arambaza aho ngejeje amashure, nanje nti mperuka kuyarangiza. Aca ambwira ko aho bukera nogenda kumuraba aho asanzwe akorera, ngo kandi nze ngende niteguye gutangura akazi. Ku gatima nti Imana iracanye ! » ; uwo ni Mugisha Alida*, umwigeme w’imyaka 23, arangije ivyigwa mu gisata c’ubutunzi, kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika.

Arabandanya ati : « Nibwatevye guca, ndikazanura ndagenda ; nshitse mu biro vyiwe, anyakirana urweze, atwengatwenga, nanje numva ndahimbawe. Aca ambwira ko muri urwo ruganda arongoye bakeneye uwundi munyabigega, ngo ni ko kazi ngiye gukora. Nanje nti nta ngorane, ni ivyo nize. Ariko haciye akanya gato, mbona aranyegereye, atangura kunkora kw’ibere. Ndamubaza nti ivyo navyo ni ibiki ? Uri uwundi ati : none jeho sinaguhaye akazi ? Mpa nawe ! »

Hagati y’ukuvyemera n’ukuvyanka

Ingabire Joyce* ni umukenyezi amaze imyaka ine yubatse, afise abana babiri ; akora muri rumwe mu nganda zikukira reta. Nawe arigana ayo ahaboneye ; ati : « Umusi umwe, umutegetsi adutwara nagiye mbona antumako mu biro iwe. Ndahashitse, aranganiriza ku bijanye n’akazi njejwe, ingorane mpura na zo, hamwe n’ivyo nifuza gushikako mu kazi. Ni kenshi yagiye arantumako gutyo, nkama ngira nti ni mu ntumbero yo gutera intege abakozi, kugira tugire umwete mu bikorwa. Haciye imisi mike, numva ansavye ko twojana mu rugendo rw’akazi, hagati mu gihugu. Ivyo ntavyo nari menyereye, eka mbere si na jewe nategerezwa kugenda. Ariko, ubona ko ata wanka ivy’abarongozi, naremeye turajana. Tugeze iyo twagiye gukorera, bugingo bugorovye, anjana mu kirabo, turanywa, mbere turanafungura. Aho hose, ni we yariha ivyo twihereje vyose. Amasaha y’ijoro yitereye, turagenda ku nzu y’uburaro, aho yategekanije ko turuhukira. Nagize ntya, nsanga yafashe icumba kimwe gusa, ngo turara hamwe. »

Yaba Alida canke Joyce, nta n’umwe yemeza ko yahavuye yemera ivyo umutegetsi wiwe yamusavye, canke ngo abihakane. Ico bikoze, bose barangiza kuvuga izo nkuru z’ivyabashikiye bariko bararira. Joyce ati : « Bibandanije uku, nzota nomoke, ako kazi ndagahebe. »

Uko bigenda kose, kuri jewe, ni ingeso igayitse cane.  Ikibazo ni kimwe gusa : bizohezwa n’iki, mu gihe bene ku bikorerwa bigoye ko babishira ahabona ? Ikindi naco, umuntu aravye ukugene ubukene bw’akazi  bwugarije urwaruka, nta nkeka abazoca mu buriri kugira baronswe aho bisumamwo baracariho. Birateye agahinda !

 

* yahinduwe izina

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion