article comment count is: 0

Vyari bikwiye ko amashure y’imyuga atunganywa gushasha

«Amashure y’imyuga agiye gutunganywa gushasha» ; Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero ari we asanzwe abazwa ivyerekeye inyigisho niz’imyuga zirimwo. Hari kuwa 7 Munyonyo, mu gisagara ca Bujumbura, inyuma y’ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro kuri bene izo nyigisho.  

Umushikiranganji murezi Ndirahisha Yanwariya amenyesha ko ubushikiranganji arongoye bwasanze inyigisho z’imyuga zatanguye batari bwabitegure neza, na cane cane ku vyerekeye  kumenya ibikenewe, igitigiri c’abigisha, n’igihe inyisho zotangirwako.

Uko bigiye kugenda

Kubw’uwo mushikiranganji, ubu izo nyigisho zigiye gutunganywa ku buryo zizogirira akamaro abazikurikiranye hamwe n’igihugu. Nk’uwize ivyerekeye ukurima ibiraya, azoheza yigishwe ingene bibikwa, n’ukubidandaza.  

Mu ndinganizo nshasha, icigwa cose kizokwirebanga, maze uwucize akironkere urupapuro rwemeza ko yabikurikiranye. Umushikiranganji ati : «Kimwe kimwe ukwa co ntibagifatanye n’ibindi. Uwize ukurima, yongere yige ukubibika, n’ukubidandaza», . Uwuhejeje icigwa kimwe, abishatse, azoheza agaruke akurikirane ikindi.   

No kworora bizoheza bitunganywe nk’uko nyene. I ruhande yo kwigishwa ukworora inka, uwo azoba aronkejwe izo nyigisho, avyishakiye, azoheza yige n’ukugene amata abikwa.    

Ukwinegura ni vyiza    

Ukwemera kw’umushikiranganji w’indero ko inyigisho z’imyuga zitatunganijwe neza imbere y’uko zitangura, ndabibonamwo ikimenyetso ciza. Ahubwo n’abandi batware bari bakwiye kumufatirako akarorero. Ivyo bizotuma abo ubushikiranganji bw’indero buzozeza itunganywa rishasha ry’inyigisho z’imyuga bitwararika ugukosora amakosha yakozwe mw’itunganywa  rya mbere, kandi bareka no gusamara. Aho ni nko ku vyerekeye abigisha bakenewe, umwanya izo nyigisho zotangirwamwo, n’integuro z’ivyigwa bijanye n’ibihe tugezemwo.

Ariko rero ku bwanje, ibintu ntivyogarukira aho gusa; kubera ko ukurangura umwuga bisaba umutahe, nifuza ko reta, ifadikanije n’abasanzwe bayifashe mu mugongo mu gisata c’indero, yoshiraho ikigega coshigikira abazorangiza ayo mashure, gutyo inyigisho bize ntizibapfeko ubusa.

Bitagenze uko, bazokwiga ariko ntibazoheza ngo barangure imigambi yabo kubera ko batazoba bari buronke ingurane mu mabanki, kuko ata ngwati bafise. Maze ivyigwa vyabo azoba ari nk’impfagusa.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion