article comment count is: 1

Uwiziziwe na « Boost » yoshobora kuvurwa ?

Ukwizizirwa n’ikiyovyabwenge ca boost bifise ingaruka nyinshi ku bacihereza. N’ubwo bene kukinywa babizi, basanga badashoboye kugiheba ubwabo. None bokurikiranwa gute?

Haraheze imyaka ibiri muganga Egide Haragirimana afasha abanywa ibiyovyabwenge. Abamaze kuba abaja b’ibiyovyabwenge, abo bita aba junkies (turasoma Janki), uwo muganga aramaze kubona abatari bake, akanababazwa n’uko batandatu mu bo yahora akurikirana bamaze kwitaba Imana kubwo kurenza urugero mu kwihereza ibiyovyabwenge. Kubwiwe avuga ati: “Nta nkeka ko iyaba hari ibigo vyagenewe kubakira no kubakurikirana, abo bantu ntibari guhwera.”  N’ubwo biri uko, Muganga Egide Haragirimana agumana icizere avuga ati: “Ibice mirongo icenda kw’ijana vy’abo twovuga ko bamaze kuba abaja b’ibiyayuramutwe, ni abashobora gufashwa, eka mbere bakanashobora gusubira mu buzima busanzwe”.

Naho igitigiri c’abihereza “Boost” congerekanye, abacihereza baguma ari bake ugereranije n’abafata ubundi bwoko bw’ibiyayuramutwe, ivyo bikava ku kuntu igiciro c’agatu kamwe k’ico kiyovyabwenge ari kinini, bigatuma atari bose bashobora kukigura. Ikindi naco atari ico kwirengagiza ni uko abihereza ico kiyayuramutwe bagaragaza vy’ukuri ko bipfuza kugiheba.

Abafata ico kiyayuramutwe basanzwe bafashwa na muganga Haragirimana, barabangamirwa n’ingwara zitari nke. Ico bakagihurirako n’abandi bafata ibiyayuramutwe bavyiteye mu nshinge. Iya mbere mu ngwara zibabangamira akaba ari ikiza ca Sida. Ivyo bikava ku gutizanya inshinge hagati yabo. Kuri iyo nyifato, hiyongerako abigeme bisanga bategerezwa kudandaza umubiri, kugira baronke amahera yo kugura ico kiyovyabwenge. Icigwa cakozwe I Bujumbura mu mwaka w’2017, cerekanye ko mu bihereza ibiyayuramutwe mu kuvyitera mu nshinge, ikiza ca Sida kirarwiriye ibice 10,2% ugereranije no mu bandi benegihugu (1,4%). Iyo umwe muri bo afashwe n’ikiza Sida, imiryango iba yuguruye ku zindi ndwara z’ivyuririzi, iya mbere muri zo ikaba igituntu

Si ivyo gusa. Ugutizanya inshinge, ni kimwe mu bishobora gutera ingwara ya hepatite C isanzwe itwara uburyo bwinshi mu bijanye no kuyivuza. Bishobora gutera amahere hamwe no kugumirwa, ivyo vyose bigasaba gukurikiranwa.

Umuti urahari

Boost n’ikiyovyabwenge gishobora kugira umuja uwucihereza wese, ivyo bigatuma hasabwa ubuhinga bukomeye mu bijanye no gufasha abacihereza. Ukwo gufasha kugahera ku kwipimisha no gukurikiranwa na muganga, gushika mu gusubizwa mu buzima busanzwe. Ariko ikibabaje, haraheze igihe, uburyo bwahora bugenewe kugura imiti yo kuvura amahere butakiboneka. Isuku n’ugufungurirwa vy’abihereza ivyo biyayuramutwe biteye agahinda, ubona ko abenshi muri bo batagira aho baba hazwi. Ivyo bituma benshi bakamangana igihe co gukurikiranwa cabo kitararangira.

Abari mw’ishirahamwe BAPUD rihurikiyemwo abahoze bihereza ibiyovyabwenge, barababazwa n’uko hari ibisata bibiri bihambaye mu kugabanya amabi ategwa n’ibiyayuramutwe bitabaho hano iwacu. Kimwe ni ico gutanga inshinge zisukuye ku bitera ibiyovyabwenge, ikindi ni ico gutanga ivyosubirira ivyo biyayuramutwe. Ico cosubirira ibiyayuramutwe rero ni umuti witwa “methadone”. Uwo muti utuma uwahora yihereza ivyo biyayuramutwe, iyo awufashe, yumva umunezero nk’umwe yahora akura mu biyovyabwenge, ariko wo ntumutera ingorane. Uko imisi ihera abaganga baza baragabanya urugero rw’uwo muti, gushika aho umuntu akira burundu.

Mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bo babona ko gutanga mwene iyo miti ata kamaro na kamwe vyozana ahubwo kwoba ari ugusasira indava abihereza ibiyovyabwenge. Naho ibintu bimeze uko, igihugu kibanyi ca Tanzaniya gisanzwe kirimwo ibice vyababa 60% vy’abanywa ikiyayuramutwe ca heroyine mu karere, caruhiye kubona yuko badakoresheje uwo muti wa metadone, ata ntambwe bazotera mu kurwanya ibiyovyabwenge. Mu gutorera inyishu ico kibazo, haheruka kwugururwa ibitaro vyagenewe kuvura abanywa ibiyayuramutwe.

Kubwa muganga Haragirimana, aremeza ko gutanga inshinge zisukuye vyogira akamaro katari gato, ariko akanabona ko igice kinini c’abihereza ibiyovyabwenge badakeneye icobisubirira kugira bahebe kubinywa. Arongera akanasaba ko hokorwa icirwa cagutse kugira hirwe ico kibazo. Ubwo ico cirwa nticoba ari iki nyene?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)