Itariki 28 Rusama buri mwaka, isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubutinyanka. Mu Burundi, kuyaga ivy’ ubutinyanka bifatwa nk’ikiyago ca nyina n’umukobwa. Ndorukwingira Franck Arnaud ati : « na senaka biramuraba ».
Kwoba ari uko abagabo canke imisore bitababako bigatuma batavyitaho canke ngo bagire ico bafashije mw’ivyo bihe?
Ubutinyanka ni igihe kigoye cane ku bakenyezi co kimwe n’abigeme, kuko ari Igihe bagira impinduka nyinshi mu mubiri ndetse no mu vyiyumviro bijanye n’inyifato. Aha iwacu, abigeme batari bake bagitangura kuja mw’ivyo bihe, ntibiborohera kuko badatahura ibiba biriko birababako. Kukaba nka ko, nta n’umwe aba yarabibayagiye. Iyo hoho umwigeme adafise nyina hafi, birunyuka.
Bamwe ubuzima bwabo burononekara
Nivyo vyashikiye Ndayisenga Anita, umwigeme w’imyaka cumi n’itanu wo muri komine Giteranyi. Yabuze nyina amuvyara afise imyaka ine, aca akurana na se gusa. Ati : « igihe naja mu butinyanka irya mbere, nabaye nk’uwutewe atiteguye nyene. Nari mvyutse mu gatondo, nsanga mfise amaraso kuvyo narayeko. Ndagira ubwoba nibaza ko hari aho noba nakomeretse, canke noba nagwaye. Ndabibwiye dawe, yarabuze ico ambwira, aca andungika kwa senge ariwe yansiguriye ko nakuze. » Anita agarutse muhira, ntivyamworoheye kubandanya yiyumva ko ari amahoro mu maso ya se ; uno nawe bikamutera isoni ko bobiyaga, ndetse ntanamutahure iyo amusavye amahera yo kugura udutambara dukoreshwa mw’ivyo bihe.
Ubwo buzima burangwa n’ugutituka kw’imigenderanire hagati ya se n’umukobwa bwarabandanije, maze buhereza kuviramwo akarambaraye wa mwigeme. « ukutitaho ivyerekeye ubutinyanka kwa data, vyatumye nja kurondera mu bagenzi uwoza arandonsa udutambara dukoreshwa mw’ivyo bihe, buri kwezi; maze mpava nsanga nagiriye iyo, bituma ntwara inda ntipfuza, ndahakura ikibondo ntiteguriye, none ubu narirukanywe no mw’ishure ».
Burya n’abagore bubatse ntiboroherwa. Konsiriya wo ku mutumba Mugano, muri komine Giteranyi, ati: « mw’ivyo bihe, abagore ntituronka akaryo ko kwigira neza. Tuba twumva ko ata bwiza dufise muri ako kanya, tutagikwega umugabo. Ni mw’ivyo bihe umugabo aba akenewe cane kugira anyereke ko nkiri umuntu agifise ku mutima, akamfasha mu kunguma hafi kugira mbone ko ibihe ndimwo ataho bisa bisana n’ugutakaza ubwiza , canke igikundiro kuri we. »
« Amase ya kera ntagihoma urutaro »
Aho hari kera, aho ubuzima n’indero vy’abigeme vyaraba cane inarugo, maze iy’abahungu ikaraba serugo. Mu bihe vya none, ubu umwana ni umwe, gutyo ubuzima n’indero y’abana bikaraba abavyeyi bose, hatitaweho ivangura ry’ibitsina.
Marcelle Ndanezerewe yanonosoye ibijanye n’inyifato, akaba anarongoye ikigo INEZA citaho ineza y’ibibondo, yibutsa ko impanuro zijanye n’ivy’ubutinyanka zitaraba abavyeyi b’abakenyezi gusa, ngo ahubwo ziraba n’abavyeyi b’abagabo. Ku bwiwe, ngo biciye ku baremeshakiyago bo ku mitumba, hoba inyigisho n’amanama ahimiriza ibijanye n’ukuyaga ivyerekeye ubutinyanka ku neza y’imiryango. Nanje aho ndi nti ivyari i Magera vyarageruye, twese biraturaba.
Soma kandi : Amakuba adasanzwe y’abigeme bakiri bato iyo bari mu butinyanka