Iyo umurundikazi ageze mu bigero, ariko akabura umuhungu amutumberera ngo bubakane, ngo biramubabaza cane. Bamwe mbere bagahakwa n’ukwiyahura. Nizigiyimana Vinciane yaraganiriye na bamwe mu bigeme bafise iyo ngorane.
Ageze mu myaka iri hagati ya 18 na 25, umukobwa arareshwa cane. Abahungu barisuka, nk’uko womengo ni we ari kw’isi wenyene. Yamara kugera hagati ya 25 na 30, bagatangura kugabanuka. Hakaza umwe umwe. Iyo arinze ashika mw’iyo myaka ataratoramwo umwe muri ba bandi isinzi, amakenga agatangura kumutera, ati « mbe basha ko batanguye kumpura biva kuki ? », inyifato igahinduka.
Nayo uwurengeje imyaka 30 wewe, ntahirahire ngo ashikane 35 hoho, ivyizigiro biba vyarangiye. Aba asigaye ari « Mana mpa !» Ic’uko azoteba akongera kuronka uwumushira mu rugo aba yaragisezeye. Ikibano na co kigatangura kumufata nabi. Ni vyo vyashikiye aba bigeme batatu.
Uwutagiye mu bapfumu ahungira mu masengesho
Muhorakeye Joselyne ava muri komine ya Mugamba, agira ati : « narehejwe n’abasore barenga cumi, mugabo abo bose nta n’umwe vyakunze ko tubana. Baraza bakagenda. Harageze igihe abantu bampanura ko noja ku mupfumu, ngo kugira ankureko iceyi, kandi naragiye ku bapfumu benshi. Imiti yose bampaye ntawashoboye kugira ico umariye. Ubu nafashe ingingo y’ukurondera ico nkora, hama ninaronka uwumvyarira umwana, nzomurera bibe bikwiye. Ivy’abagabo narahevye. »
Nshimirimana Annonciate nawe nyene ava muri iyo komine nyene, ati : « jewe ndi umukristu, sinshobora kuja ku bapfumu. Nahisemwo gusenga. Abakozi b’Imana bamaze kunsengera ni benshi. Aha ubona nananutse, ni amasengesho n’ukwisonzesha vyangize uku, ariko ntibirakunda, nizeye Imana. Harageze igihe abakuze n’abana bose bantunga agatoke, ndaba iciro ry’umugani mu kibano. Imana yonyene ni yo izonkurako ako gatwengo.»
Nayo Evelyne Nkurunziza aturuka muri komine ya Mukike we aravyunyura ati : « ivyanje si ivyo kuvuga. Inka zagarukiye mu rugo incuro zibiri, imiryango yakoranye. Ubuheruka hoho twari twamaze no gutangura kwiga mu rusengero ngo dushingiranwe, yamara no kunsezera ntiyansezeye, aheruka gutwara uwundi. Ubu hageze igihe numva umengo nopfuma niyahura. Kuko mu kibano, baramukazanje nta kindi bantuka. Mbere na data akajamwo, kandi ata senaka yahora yubahuka kubwira umukobwa wiwe ibintu nk’ivyo. Ambwira ngo ndi agatetereza. Naciye mfata ingingo yo kugurisha intama zanje, nca ndomoka, ni ko kuza ino mu gisagara. »
Abarundi dukwiye kujijuka
Ivy’uko umukobwa atebaganye kuja mu Burundi ari ingorane, ivyo vyari kera. Si ngombwa ngo umuntu wese yubake, kandi ashobora kubireka bivuye no ku gushaka kwiwe, atari uko abuze uwo barushinga.
Nayo ku bigeme bipfuza kubaka ariko bakaba batararonka abagabo, ni kuki bihebura ? Icobabera ciza ni uko boraba ibikorwa bibateza imbere, bagakora ivyo, ivy’ukubaka bikazoza mu nyuma, bidakunze ubuzima bukabandanya.
Soma kandi: Ukuresha umukobwa yifise
Haaaa.nihatari ivyo muburundi.ms je pense que baba bashak abagabo batunze bagac babura.kuk ushak uwifis vyinshi uramubur ukabur numwe wa bike.kuk gher kur 25ans kugez kur 33ans ntab arakura cane ngo arengerane ikib nuk bac bi decourageant.ic novuga nuko boc bikorera ivyo kwiteza imbere bakrindira uwoz.
Yoooo mwihanane pe kubura umugabo sicaha ahubwo senga imana iruta vyose uzomuronka najewe ndimwo gusenga cane muriyi misi ahubwo muzondondere tuganire
si vyiza kwihebura kuko n abahungu ubu basigaye basatura batararongora
Muvyukuri ukwihangana nikintu kinini rwose iyo ubonye ibintu bitagenda neza ntiwihebure kumbure umenye Ijambo ry’Imana rivuga ati muri Yakobo igice ca mbere kumurongo wicumi na kabiri 1:12-15 rivuga ati HAHIRWA UWIHANGANIRA IBIMUGERAGEZA KUKO NIYAMARAKURAMA AZOHABWA IGITSIBO YASEZERANIWE N’IMANA.
Jew mwene abo bakobwa ndabakunda cane kuko baba bazi ico urugo ruvuzeee gusumba vya binyenzi makwakwa vya Buja . mundangire umwe atarenza 30 ans jew mfise 26 ans mpejeje kaminuza y’u Burundi
Urandungikira uwo yihebuye ko atamugabo aroronka,ndamugirinama.azasige numero ye ndamugire umugambi
Yooo!Kwl umuntu yoba yarabuze umugabo yihangane.gus ndamutekey umugambi muromunzanir twibanire naho noba mfise uwundi ntaribi.ndafise uruyoya rwamezi abiri notuma ndabahebera inyubakwa mbayeho bakibaniramwo.arosig nume yiw ndamushkirize ivyo mvuze
Kuvuga ukuri uvuze ukuri ariko n’abapagani bubu basigaye bavuga ijambo ryimana barisomy.kandi nuwuja kwiba yambaza imana ngaho nshyimye kwishura kuciyumviro cya MUGA M Davide