article comment count is: 2

Ni nde yavuze ko gucererwa ari umugenzo w’Abarundi ?

Imico n’imigenzo y’ikirundi irafise ico itubwira ku kijanye n’ugucerwa. Kubwa Niyonizigiye Rivardo, ngo ni ingendo y’icaduka ikwiye kwiyamirizwa. Yunganira igisomwa giheruka guca ku rubuga Yaga.

Mu gihe buri wa mbere Rusama, isi ihimbaza umusi wahariwe abakozi n’akazi, hari Abarundi batari bake bagize akamenyero ko kuguma begeka ingendo mbi yo gucerwa ku Barundi canke ku Banyafrika. Haragera n’aho bayifata nk’uko ari kimwe mu biranga Abarundi. Hari n’abo nokwita ba nyawiyanka baryoherwa no kwiyegekako ico ceyi bakarenga iyindi mico myiza yo kwirata bakiyitirira ako kamenyero kabi, kamye kagwanywa mu migenzo y’ikirundi.  

Imico kama y’ikirundi itubwira iki?

Nk’akarorero dufatiye ku myibutsa nka: “Ubwato bwitangije bukira ihumba, Uwo Imana iha iramunyarukiriza, Akagutanze imbere kaba kagusize, Guca mu rwanko ni ukunyaruka, Guca mu ziko ni ukunyaruka, Igiti kigororwa kikiri gito, Umufa w’imbwebwe unyobwa ugishushe, Uteba kugarura impene yamara kurenga imirambi ukabira nk’ayo, …”, turumva akamaro ko kunyarutsa igikorwa, bikumvikana ko utabikoze ubinyarutsa uwundi abikora canke wewe ntube ukibishobora, kuko amazi aba yarenze inkombe. Turumva uko Abarundi, mu migenzo yabo, basuzugura ingendo yo kutubahiriza umwanya w’ikintu.

Hambavu y’imyibutsa, hari umugenzo w’Abarundi wo “kwigaba”. Uwo ndawita umugenzo kuko waranga Abarundi batari bake, kandi n’ubu hariho abakiwukurikiza. Kwigaba kwari ukwiha umwitangizwa w’urugendo. Kugenda ijoro rimwe canke abiri imbere y’uko umunsi w’isango ugera. Vyavana n’aho umuntu aroye. Kubera kanaka yaba yanka guta isango, akaba atabushobozi bwo kwiyunguruza bunyaruka bwari buhari, bahitamwo kuzinduka, kwigaba. Amajambo ngo: kuvyuka akayurwe, gukoroka umuseke, kuburerekera mu rugi n’ayandi ajana n’uwo mugenzo wo kwigaba.  N’ubu ivyo biravurwa. Ubona neza ko ahantu ugiye udakwiye kuhacererwa, uca uvyuka akayurwe canke ukagenda kare imbere y’uko umwanya w’isango ugera.

Ivyo Abarundi bamye babikora kenshi, mu gushengera i bwami canke i buganwa (n’i butware) barigaba. N’inyuma y’intwaro ya cami vyabandanije bikorwa.

Hariho Abarundi badacerwa

Abantu baba mu bumanuko bw’igihugu barazi ukuntu abadandaza amamesa bayakuye mu Kayogoro bazinduka ijoro basiganwa no gushika kare iyo bayashoye. Eka n’abaha mu gisagara ca Bujumbura, bashobora kuba bamaze kubona abantu bavyuka kurangura imboga mu Ruhagarika isaha imwe yo mu gitondo ikagera bamaze guhindukira.

Abo Barundi benewacu baratahura akamaro ko kwubahiriza isaha. Kandi abo nibo dukwiye gufatirako akarorero.

Hari umugenzi wanje nzi yahebanye n’umusore bari mu migambi yo kurushinga amuhoye kutubahiriza isaha. Abisigura ati: “jewe sinashaka ko tuguma turi kumwe umwanya wose nk’uko abandi bama babikora. Ikintu cose cagira isango. Ariko mbonye ata n’imwe yubahiriza, numvise tutobana. Naramukunda ariko ico narakimuhoye. Tuzoguma turi abagenzi basanzwe.”

Igihe cose numvise umuntu avuga ngo amasaha y’Abarundi, ndamufata nk’umwansi w’imigenzo myiza yamye ituranga. Naho umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango, abantu bihebeye iyo ngeso mbi ntibakwiye kutubera icivugo. Ni haba hari abata isango, bavyemange ko ari ubugaba bwabo, ariko ntibabeshe ko ari wo mugenzo.

Ico gukora, ni ukugwanya iyo ngeso tutazi iyo ituruka twivuye inyuma kugira twisubize agateka, dusubire ku mugenzo wa ba sogokuru, bamwe batubwira ngo “ugona mw’irima ikivi kikaba kiraye.”

 


A relire : « Amasaha y’Abarundi » : ahubwo tuyite « amasaha y’ububegito »

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Kutubahiriza umwanya abantu benshi babifata nk’ibisanzwe . Iyo rero ikintu gikorwa kenshi kirahava kigafatwa nk’igisanzwe . ariko rero iyongendo ni iyo kwiyamiriza ikaranduranwa n’imizi.

  2. Iyo ngendo ibishe iranduranwe n’imizi mu gihugu cacu C’ (Burundi). Abongereza barayamaze ngo « umwanya n’amafaranga », abafaransa nabo ngo « umwanya ugiye ntugaruka » twikebuke.