Mu gihe haheze imyaka yababa itatu, mu Burundi hasohotse ingingo ibuza gushora ibifungurwa bimwe bimwe hanze y’igihugu, bamwe mu bakomerekejwe n’iyo ngingo ni abarimyi n’abadandaza b’icamwa c’umucungwe wo mu bwoko bwa mandarena, mu ntara ya Rumonge. Ndayisenga Pascal aratwiganira uko ibintu vyifashe.
Inyuma y’ihungabana ry’icuka ca politike mu Burundi, mu 2015, imigenderanire hagati y’igihugu cacu n’ibindi bimwe bimwe nk’Urwanda yagiye iratosekara. Naho nyene bigoye kwemeza neza ko ari yo nkomoko nyezina, iryo hungabana mu vya politike ryazananye n’ingingo zidasanzwze, harimwo kubuza abarimyi b’Abarundi gushora umwimbu wabo hanze y’igihugu.
Bugingo rero imicungwe ya mandarena isanzwe yimbuka cane mu ntara ya Rumonge, abarimyi b’ico camwa bagendana imyidogo n’akababaro.
Agahebuza
Bamaze kubona ko umwimbu wabo ataco ukivamwo, bamwe mu barimyi b’ico camwa baramaze gucika inkokora.
Muntunutwiwe Gaburiyeri ati : « nahora ndonka imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi avuye muri ivyo vyamwa, ariko ubu bimborerako. » Aniseti Nahayo nawe ati: « nagerageje kujana ivyamwa vyanje mu gihugu kibanyi ca Kongo, vyafatiwe mu kiyaga Tanganyika, mpomba gutyo. Ubu umurima w’ibiti birenga igihumbi simbona ico ukimariye. »
Gutyo rero, ibikorwa vyo gukorera ivyo vyamwa nk’ukubipompa umuti wica ubukoko buvyonona, ugushiramwo ifumbire n’ibindi, ntibicitabwaho nka kera. Ahubwo mbere, hari bamwe mu barimyi batanguye kwigira imigambi yo gusubiriza ico giterwa n’ibindi bibaza ko vyobagirira akamaro gusumba.
Ingingo itagira imperekeza izana ingorane
Iyo ngingo yo kubabuza gushora ivyo bifungurwa hanze y’igihugu igisohoka, hari ishirahamwe ryitwa Mandalena ryari ryihaye ihangiro ryo gukora imitobe muri ivyo vyamwa vya mandarena. Ivyo vyari vyahaye icizere abatari bake muri ba barimyi b’ico camwa.
Ariko, ayo mahirwe yamaze umwanya urume rumara. Rya shirahamwe ntiryatevye kugara, bano barimyi basigara mu kangaratete.
Ubuheruka narerekanye ingene intara ya Rumonge yotezwa imbere mu buryo bunyarutse kandi bworoshe. Kimwe mu vyo mbona ko vyoshimikirwako, ni uburimyi bw’icamwa ca mandarena.
Hamwe rero ata cokorwa, nk’ugushiraho mu maguru masha ihinguriro ryoshobora kwakira umwimbu munini w’ico camwa, maze ivyo bigaha akaryo abarimyi ngo bikenure, vyoba vyiza leta ihagaritse iyo ngingo vy’imfatakibanza, canke ikerekana izindi nzira zofasha kugira bene kurima ico camwa ntibazere inze, canke ngo ico giterwa gihave gikamangana.
Ingongo ibuza gushora ibifungurwa bimwe na bimwe dufatiye ku karorero k’icamwa ca mandarine hamwe n’igitegwa c’ikawa hanze y’igihugu iraboheye cane amaboko i mugongo abanyagihugu na cane cane abikenura biciye mu burimyi be no mu budandaji. Icibagiwe co n’igihugu cacu gihahombera vyagahomerabunwa.
Nkuko dusanzwe tubizi abarundi batari bake turazi ibihitiye mu gihugu muri 2015. ntituyobewe icuka ca politike caduhekuye ndetse canatunye imigenderanire hagati y’ibihugu duhana imbibe bimwe na bimwe itosekara nkuko mugenzi wacu Pascal Ndayisenga yabitwiganiye. Ugufata gikubikubi ingingo ibuza gushora umwimbu hanze y’igihugu novuga ko yafashwe batabanje kunonosorwa ingorane zizoseruka inyuma y’ishigwa mu ngiro yayo. Nikimenyamenya imiryango myinshi irifumbereje kubera ubukene n’uruhombo vyatewe niyo ngingo.
Nkumunyeshure ahejeje igisata c’uburimyi ngaha mu Burundi nashatse kugira ico ndabivuzeko kugira dufashe gukebura ababijejewe. Dufatiye kukibazo kijanye no kubuza gushora umwimbu w’icamwa ca mandarine turabona ko uwo mwimbu bahora baronka ubwa mbere ko uzogabanuka kubw’imvo zukubura isoko,hakurikire ukudebukigwa gukurikirana ico gitegwa. Igitangaje musanzwe muzi umugwi CNTA (Centre National de Technologie Alimentaire). Twovuga ko ariwo mugwi wari washinzwe kugira ufashe ico kibazo ntikirenge inkombe kuko iyaba ico gisata cakora neza cofashije guhingura ivyo vyamwa, ndetse kikanarondera isoko ryo kubigurisha gutyo ca gitegwa ca mandarine kikagira agaciro mu maso y’igihugu nay’abarimyi. Ndetse uwo mugwi wonafashije kugurisha uwo mwimbu gutyo igihugu naco kikahungukira cane.
Ego ntitwogereranya igitegwa ca mandarine n’ikawa. Gushora ikawa hanze n’uruhombo ku gihugu kuko amafaranga y’agaciro yokwinjiye mu gihugu cacu atahira abandi gutyo tukama hahandi mu bukene butagira izina. Mugabo si ikosa ry’umunyagihugu kuko wewe aba ashaka gutunga umuryango kuko ntawobideha igihugu cacu kirarangwamwo ubukene bukabije cane. Reta yari ikwiye gufata mu minwe ikibazo c’ubutunzi kuko umunyagihugu ntazoreka guhurumbira gushora ikawa mu Rwanda azi ko aronka ibihumbi cumi na bibiri vy’amarundi mugihe yoronse igihumbi mu Burundi. Ubukene buragisibije.
Nkuko umuyobozi w’ishirahamwe Agrobiotec abivuga «Ukwikukira n’iterambere ry’igihugu rihera ku burinyi haguhera kuri politike». Arabandanya avuga ko «Uburimyi bwari bukwiye gutezwa imbere mugukoresha ubuhinga bwa none kugira tugwize umwimbu vyo terambere nyakuri». Arabandanya aduha akarorero ukuntu mu bihugu ubu biteye imbere nk’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya vyabigenjeje kugira bigere aho bigeze vyose babikesha ugutunganya igisata c’abo c’uburimyi.
Dufatiye kuribi bihugu duhana imbibe nk’Urwanda rugeze ku ntambwe ishimishije kubwitunganya ry’igisata c’uburimyi nkuko Severin Kodderizsck ajejwe igisata c’akarere k’uburimyi Mwibanki y’isi yose avuga ko «Ubuhinga Urwanda rwashize mu ngiro mu guhingura ivyimburwa vyarwo no mu gufata mu maboko ico gisata ko ata nkeka bizobafasha kuva mu bukene». Nikimenyamenya kibitwereka nuko duhitamwo kujana gushorera mu Rwanda kubera dukurayo agahembo gashimishije.
Nk’intererano nuko ibi bihugu vyacu vyari bikwiye kurengera ibidutandukanya tugakorera hamwe kuko ubugirigiri bugira babiri. Nakare ukwo kwinubana ntaho kuzodushikana kuko ivyo bihugu turasangiye uburaro nuburamuko muri EAC. Ubwa kabiri nuko hoba inagurwa rya politique ijejwe ibijanye no guhingura ibiterwa dufatiye ku karorero kacu CNTA. Yarikwiye gukora ico ijejwe gutyo abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge babandanye batera imbere, imiryango yabo ibandanye ibaho neza ntibadebukigwe babandanye uburimyi bwabo, biteho ivyo biti babikorere gutyo nigihugu kiharonkere akoyokwe.