Tumenyereye ko umwuga wo kuroba ukorwa n’abagabo eka mbere iyo bishitse ukabona umuntu w’umugore ahegereye icambu c’abarovyi aba ari muri bamwe bafasha abarovyi mu kubazanira nk’imfungurwa canke utundi bakeneye. Pascal Ndayisenga yaravyihweje hama yigira inama yo kumenya imvo zituma abagore bataroba nk’uko abituyagira.
Haraciye imyaka itari mike ndabibona. Ku kagoroba, harya izuba rihumvye, abarovyi baba bariko barikazanura ngo binjire mu kiyaga gukora umwuga wabo. Hari naho, mu gaturuturu, harya bukeye, ndbabona ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika batahutse, bazanye umwimbu w’amafi n’indagara bashoboye kuroba ijoro ryose. Ico gihe cose maze ndabihweza ntaho nigeze mbona umugore aja gukora uwo mwuga. Bamye ari abagabo gusa. Ubu rero muri ino minsi abantu bamaze gutahura ivy’ukunganisha ibitsina muri vyose na hose, birashika aho nibaza igituma abagore ntababona muri uwo mwuga. Kwoba ari ugukumirwa ? Yo ba ari imiziro n’imigenzo y’uwo mwuga ? Canke n’abagore boba batiyumvamwo uwo mwuga? Aba na bariya biyumvira ibitandukanye.
Bamwe bati : « Nta mugore yoshobora kuroba! »
Umwe mu barovyi bo mu Rumonge amaze igihe c’imyaka mirongo ibiri n’itatu muri uwo mwuga, Pascal Ndikumana, aradusigurira igituma abagore bitoborohera kuroba: « Ibisebuzi hamwe n’umuyaga uri mu kiyaga bituma haba amasanganya menshi. Iyo rero bishitse mugabo aragerageza kwigwanako canke iyo ari benshi bagashira inguvu hamwe. Hari naho bishika ibisebuzi bikabarengera, bikubika ubwato mu mazi. Biranashika hakaba n’abitaba Imana mbere. Umwigeme canke umukenyezi rero vyohava bimugora kwirwanira canke kugira ico afashije abo bari kumwe ».
Ku bwiwe rero, ngo umwuga w’uburovyi uragoye cane ku buryo ata mugore yopfa kuwinjiramwo. Aho ni mu gihe abo barovyi binjira mu kiyaga buhwibiye, bagakesha ijoro ryose bataryamye. Bubakerako bariko bararondera ayo mafi hama bakazozinduka bakwega urusenga rurenza imetero 40 z’uburebure. Runo narwo ruba rusanzwe ruremereye kubera rutose ariko kandi iyo rurimwo ifi nyinshi, birushirizaho gutuma ruremera cane.
Ntirandekura Mariya n’umwe mu bakenyezi barangurira imirimo yabo ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika nawe aratahura ko ibikorwa abarovyi bakora ari vyinshi kandi bisaba inguvu ku buryo umukenyezi atobishobora. Uwo rero ntahakana ko hoba hari abakenyezi bafise inguvu mbere zisumba iz’abagabo. Ariko agira ati naho biri uko burya ntigahera: intege nke zo ziguma zibonekeza.
Hoba hariho imico, imiziro canke akaranga bibuza abagore kuroba ?
Kaburiyeri Butoyi aserukira imbere y’amategeko urunani rw’abarovyi n’abadanza b’amafi mu Burundi nawe aragira ico ashikirije : « Nta wukumira umukenyezi ngo ntaje kuroba. Eka mbere naho yojana n’abagabo, nta mugenzo canke imiziririzo vyobimubuza . Nta gikorwa cagenewe bamwe gusa. Haba na mba ! Kurya hari abakenyezi bashoboye kugendesha imiduga minini, abari mu nzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi, abubaka amazu,…n’ibindi n’ibindi niko no kuroba yobikora ».
Naho biri ukwo abatari bake ntibatahura igituma uwo mwuga wo kuroba abakenyezi batawitaba ? Ikiri ukuri coco n’uko ata mico, imigenzo canke imiziro ibuza umukenyezi kuroba ihari. Ni naho rero umuntu yohanura abakenyezi n’abigeme ko bojijuka, bakitaho n’ibijanye n’uwo mwuga. Nta gutinya ngo uwo mwuga isaba ingufu nyinshi kuko vyose bisaba gukura amaboko mu mpuzu. Na kare ngo «uwushaka umuce acika ijoro » kandi ngo « uwusha umubira akabira akuya ».
Soma kandi : Rumonge : Imvo zitatu zituma baharika cane