article comment count is: 8

« Naratevye ndomoka kubera amabi umugore ankorera »

Iyo havuzwe amabi afatiye ku gitsina, abenshi babona abakenyezi bakubitwa canke bafatwa ku nguvu n’abagabo. Ariko, ntibiyumvira  ku bagabo bagowe nk’ayo nyene. Ng’iyi inkuru y’uwubibayemwo.

Amaze imyaka cumi n’itatu yubatse urwiwe, afise abana batanu mu nzu iwe, ariko uwa gatanu na we nyene ntazi se wiwe. Disimasi Ndikuriyo (izina ryahinduwe), aba ku mutumba wa Bwoga mu ntara ya Gitega, ni umugabo yahahamukiye mu mpisho, kubera uguhohoterwa n’uwo bubakanye. Kugeza aho ata aromoka.

Arigana uko vyagenze

Disimasi ati : mu ntango vyari vyiza; ariko umukenyezi wanje yagiye arahinduka, uko imyaka igenda. Haciye igihe kitari gito twubakanye, yatanguye kuja aragaya ivyo nasumye; ubona ko nifitiye n’amikoro make, ntateke, nkarara ubusa. Yahavuye atangura kwambara impuzu ntazi iyo zaguriwe. Yazambara azi ko ntari muhira, akantahirako ijoro. Vyakabaye kera, yaratanguye kunyankira ko turangura amabanga y’abubatse. Mu nyuma, umwe wese atangura guteka inkono yiwe. Twaragabuye ivyumba.

Mu 2017 rero, narahavuye ndomokera mu ntara ya Bubanza.  Umwaka waraheze naromotse. Haciye igihe, umugenzi wanje arampamagara, ambwira ko umugore yavyaye. Naciye ntaha. Yapfuye kumbona, aca arayanyaga. Yagiye atwaye abana.  Yarabanyegeje, wewe aca yimanukira i Bujumbura. Yamazeyo igihe gito, maze aragaruka. Gushika ubu ntituvugana. Sinamenye n’uwavyaye uwo mwana ahetse ubu, ni uwugira gatanu mu bitwa ko bavuka iwanje. Abana bacu ni bo bahagorewe.

Si ivyo gusa; nasanze yarasavye ingurane mu mashirahamwe. Ayo mahera sindigera mbona ico yayakoresheje. Nta na hamwe ntarashika mpanuza, ikibazo carabuze umuti. Kubera abaguma baza kumwishuza, naragurishije ikivi kugira ngo ndamurihire amadeni nari nzi. Yaciye ambwira ko amahera asigaye ntegerezwa kuyamuha. Narayamuhaye. Ya mashirahamwe avyumvise, yaciye agaruka kwishuza, ariko ntiyabariha. Baciye begeranya ibintu vyose vyo mu nzu baratwara. Eka n’isuka bararokoye. Abatishuwe baguma bahiga kuzotubomorerako inzu. Nahavuye ngurisha ikivi cari gisigaye ndariha; ubu rero nsigaranye ahari inzu gusa.

Aho bigeze, singishaka kumubona; ndetse ivyo, nta n’umugore ngishobora kwifuza. Abo ndavyiganiye bambwira ko ashobora kuba yarantwaye ubugabo akoresheje amangetengete; ntavyo nokwemeza. Ategerezwa kumviraho. Naramugerageje biranka. Abatubona bukeye bibwira ko bimeze neza, ariko umuriro waba waraye uraka.

Akari mu mpene ni ko kari no mu ntama

Hari abagabo batari bake babayeho mu buzima bwo gukubagurwa n’abo bubakanye, ariko bakavyigumizamwo, ngo “amosozi y’umugabo atemba aja mu nda”.

Ico bikoze, iyo abantu babanye muri bene ubwo buryo, baba bakwiye kwiyumvira ku ngaruka mbi bizana mu bana; hama bakisubirako.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (8)

  1. Wewe nuko nabo bana ababona. Ahandi ibara ryaraguye. Abandi bagabo nta nabana bakibona kuko abagore babagize ibidandazwa kugira tribunal ibahe ibirezo kuri salaire n’itunga bivuye ku mugabo. Ariko kandi nabagore basigaye banywa inzoga bongera barya caane mu resto no mu bubare kuburyo ubu benshi basumvya i mburujwa abagabo babo. Aho rero umuntu yofata ko atari abagore gusa bakomerewe i Burundi muvyimibano nabagabo bogarukirwako.

  2. burya biragoye kuvuga ko hahohoterwa abagore gusa ariko nabagabo barakomerew, ndazi urugo umugabo agiye muri voyage umugore yaca aja mubasore , umugabo yagiye kumubona amubeshe ko agiye muri voyage d’affaire(mission de travail) ariko atarivyo, aca arataha muma 20h , yumugore siho yarari kuko umugore ntiyamenye ko umugabo yagarutse aca yitahira sa munani zijoro asanga ari munzu … none nkivyo harumugabo yovyubakirako?? nsimvuze ko mumyaka bari bamaranye bari bafise abana batatu ariko umwe mubribo umugabo ntiyarazi se… umugabo nawe ntiyari mweranda ariko abagore bokwisubirako

  3. Arko ivyo vyose nibazako bivana nugusamara kwumwe hagati yumugabo canke umugore. kuko vyiza uja kwubakana numuntu wagenzuye neza ukamenya imico yiwe, kko ingeso ubona kumusore canke kumwigeme kugira azihndure biragora kuko abariko yakuze, rero beshi kubera baba bishakira kwubaka ivyo ntamwanya babiba, ugasanga umunt mubanye ahubwo bimwd wahora ubona yagwije nakabiri.vyiza umuntu ubonako afise ingeso mbi canke afise imico udashoboye mureke hakiri kare. kuko wewe nahuzomugira gute ntushobora guhindura kamere kiwe. igiti kigorogw kikiri gito nayo gikuze kuba arukuvuna.

    1. Niwivugire sha.Uwutaranigwa agaramye agira ngo ijuru riri hafi.Ukimuresha arigora agahisha ingeso kugira uzomushikane mu nzu akaguhinduka mu nyuma

  4. Ihohoterwa kenshi rikunda kuba kuba kenyezi ariko si bo gusa nabagabo barahohoterwa. Rero uwo Mugabo arakeneye impanuro zizomufasha kubaho kugira ntagume ahahamuka canke ngo ashobore no kurwara mu mutwe kandi kugira yiyakire yongere amenye uko yokwifata; namba muri abo bana harimwo abiwe azi, arakeneye kumenya uko yobashikira bukebuke kugira nabo nyene ntibazohave bagira ingorane muri kazoza.