article comment count is: 0

« Naratembereye aho banywera ikiyayuramutwe Boost : birateye agahinda »

Twisunze icegeranyo c’ishirahamwe ryishinze kurwanya umugera wa Sida  n’ukugabanya amabi aterwa n’ibiyayuramutwe bitera bakoresheje inshinge, ibibanza bihererezamwo udutu twa eroyine bita Boost vyoba bishika 12 mu gisagara ca Bujumbura. Ku bwa Richard Nininahazwe, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ry’abahoze banywa ibiyayuramutwe (BAPUD), ico gitigiri ngo ni gito cane. Umwanditsi wa Yaga, yaracengetereye arashika muri ivyo bibanza. Aratuyagira ivyo yegeranije kandi bitohojwe neza ata kimucitse. Nimwisomere!

Lennon (izina ryahinduwe) ni umusore muremure afise amaso manini mugabo araba nk’uwurushe, mbere agomba no guhunyiza. Amenyo yiwe, biraboneka ko yigeze kuba ari meza mugabo ni muri kahise k’indengagihe. Twahuriye ku cicaro ca Yaga mu ntumbero y’isekeza ryo kurwanya kwihereza udutu tw’ikiyayuramutwe eroyine ari two bita boost. Ni we yari kutumenyesha ibijanye n’ico kiyayuramutwe, akanaduhuza n’abakinywa.

Amaze umwaka avavanuye n’ukunywa ivyo biyayuramutwe, mugabo avuga ko bitaramuheramwo burundu ku buryo atoja aho binywerebwa. Ni co gituma atubahirije isango twahanye, igihe yari kunjana ku nzu bihererezamwo nya biyayuramutwe, tuza kwita mu birunga.

Kubera ko yatinya gusubira ku vyo yiyonjoroyemwo, Lennon yahavuye anshikiriza umwe mu bo bahoranye basangira nya biyayuramutwe mugabo ataravyiyonkorako, kandi amenyereye cane utwo tuzu banyweramwo Boost, twise ibirunga. Yambariye ati: “Ndagushikirije uyu mugenzi wanje. Yaramaze Kaminuza yize ibijanye n’ukwubaka ni umu enjeniyeri mugabo aracihereza eroyine naho aguma arwana kugira ngo arabe ko yovavanura n’ivyo bintu. Aranahimiriza urwaruka kutihereza ico kiyayuramutwe giteye isibe. Kumbure we yogufasha akanaronka amakuru menshi kundusha!”

Umubonano wa mbere

Wa mu enjeniyeri twavuganiye irya mbere muri bimwe mu biro vya Yaga nk’igihe c’isaha umunani z’umuhingamo. Izuba ryamena imbwa agahanga. Urwuya rwamuca irya n’ino, nca ndamubaza ico nomuzimana. Ataranicara, nagiye mbona nyabuna ariko arihweza ahantu hamanitse amashusho amanitse ku mpome.

Haheze akanya, ni we yatanguye kuvuga. Yambwiye ko akunda umuziki kandi anacurarangisha igitari. Kandi yari afise ikembe mu minwe. Ni umusore muremure rwose apima nk’imetero imwe na santimetero 97 (1,97m). Yoba afise imyaka iri muri 30. Ikigaragara kuri we, ni uko yoba yarigeze kuba ari ikigatanya c’umusore, mugabo ubu yarihereyeko, n’impuzu ziramuroka. Vyaranse ko nirengagiza, nagumye ndamwihweza cane nyabuna kuva mu maso gushika ku birenge. Ni ho yabobibona, araheza aravuga ati: “Narataye ibiro vyinshi. Nahejeje kaminuza mu bijanye n’ukwubaka, nari umu injeneniyeri.Kazoza kanje nabona ko kazoba keza cane, mugabo rero kubera ibiyayuramutwe, nta ho nadodora ngo nugururirwe. Ubu nta ho nkija kubaza”.

Ivyo biheze, yasa n’uwunyubahuye, nca nja mw’ido n’ido ry’icaduhuje, ndamubwira ko nipfuza kubonana n’abanywa ibiyayuramutwe kugira ngo menye ibijanye n’udutu twa eroyine bita boost.

Nabona umengo ntibimuguye neza. Ni ko kungabisha ati: “ Burya, abamenyereye mu birunga barinuba cane uwo batazi. Birashobora gutuma ntasubira guhonyozayo ikirenge hamwe bokwikeka ko ngomba  gushira ahabona ivyabo”. Ni ho rero natangura kumwumvisha nongera ndamusigurira ko ntashobora kuvuga abo ari bo, kandi ko igikorwa cacu ari ico gufasha abakozweko n’ingaruka mbi ziva mu biyayuramutwe abo ari bo bose tutaravye imyaka.

Amaze umwanya yiyumvira, yahavuye yemera. Aca ambwira ko nomuhamagara igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo zibura, agiye kwihereza nya kiyayuramutwe  mu Nyakabiga mu kirunga. Twaciye duhana amacensi maze nkoresha imvugo yabo bamenyereye rasta kugira ngo twiyumvanemwo kurusha. Haheze akanya yaransezeye.

Ukwidondorana

Mu vy’ukuri ya saha ntiyayubahirije. Numva ntanguye kwihebura, mugabo naragerageje kwirengagiza, kugira ngo sindamuhamagare. Abantu bene abo baragoye, narirya ryari irya mbere ngize amatohoza ndi mu banywa ibiyayuramutwe gusa. Maze iminota 30 ndamurindiriye, nahavuye mfata ingingo yo kumuterefona, hari hafi igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Umu enjeniyeri utanka aritaba, aca ansaba kumurindira gatoya, kugira ngo abanze abatagure kandi arabe uko vyifashe. Ni ho yari agishikayo. Narasubiye ndamuterefona haciye iminota mikeya, na we ambwira aho ndamusanga mu Nyakabiga.

Tugeze ku gihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro, hariko haragwa akavura kabayebaye. Nshika kw’ibarabara rishashemwo amabuye (pave), imbere y’umuhana utagira uruzitiro.  Enjeniyeri yasa n’uwugomba kumbarira ikintu andindiririye hanze. Yaciye ansaba ko nomurindira nkigirwa kure. Nagiye numva abantu bahamagarana, begerana, hanyuma umwe ampa amakuru ambwira ngo negereze. Hari abantu batanu bicaye kw’ibaraza ry’inzu ntoya ishokera muri rya barabara, harimwo na Enjeniyeri.

Kuramukanya twahana amacensi hanyuma haza kwidondorana. Umwe ambwira ko yitwa Bob Marley. Ni we nyene ako kazu kari mw’iparasera y’umuryango. Aba muri ako kazu gatoya, mu gihe mushikiwe na we aba mu nzu nkuru. Hari itara ry’irampuru rimanitse ku ruhome. Naho ryamurika buhoro, vyaraboneka ko umubiri wiwe unyankabiranye. Amenyo yabo bose ico ahuriyeko ni uko asivye, acafuye cane. Bob Marley ashobora kuba ari mu myaka mirongo ine mugabo umuravye ku mubiri wokwibaza ko ayirenza. Birashobora kuba ari ingaruka zo kunywa ibiyayuramutwe. Ahanze amaso ijuru, yagize ati: “Nabonye abantu batandukanye banywa iki kiyayuramutwe: ba inarugo, imiryango yose, abana b’imyaka cumi n’ibiri, abasaza.”Aca avuga inkwirikizi z’ukwihereza ikiyayuramutwe citwa eroyine , aho wumva umengo uri mw’ijuru, hanyuma ugasanga warapfapfanye. Bob Marley yaciye atora igitari cari aho hasi, ahava arancurarangira uturirimbo turyoshe.

Uwa kabiri yitwa Onesphore (izina rihinduye). Arahoze cane kandi avuga bukebuke. Naciye ndamwegera turaganira. Yambwiye ko asanzwe ari umukozi mw’ishirahamwe mpuzamakungu. Ngo ni imfura, akaba ari we afasha nyina na barumuna biwe babiri.Se ngo yapfuye kera cane, akaba ari we bose bahanze amaso, kandi ntibaca n’ikanda ko yamaze kuba imbohe  y’ico kiyayuramutwe. Akagira ati: “Ndatunganya vyose neza, kandi ndiyubara ku ngingo yose mfata.” Naho biri uko aricuza ko bimukokora. Ababaye, yambariye ati: “ Iyo ntaja mu biyayuramutwe, abana ba Mama baba biga mu mashure meza cane, mba narubatse urwanje nk’abandi, mba mfise umuryango unkomokako.”

Abandi babiri baca barajako baranyidondora, banyiganira ibijanye n’ubuzima bwabo.

Ukurindira

Tukiri aho kw’ibaraza, Injeniyeri yarameze nk’uwuvuga ibindi nanje njako ndamuyagisha. Aho rero naririnda kubara vyinshi kugira ngo ntibahave banyinuba. Emwe nariyubara cane rwose kugira simpave ndabashayako ngo mvuge ikizirana na bo. Nari aho kumwe na bo aho hatabona neza, mugabo nkwirikiza ijisho ikiba cose.

Narabonye ko basa n’abadatekaniwe. Bavugana bukebuke nk’uko womengo bariko baraharira. Erega sinumva n’ivyo bariko baravugana. Ntivyri vyoroshe. Muri ico gihe, Bob Marley yaciye yivugiriza igitari. Mu maso wamengo yajanywe yataye umutwe araba  cane umengo ariko arazirikana ubusa, ku buryo wamengo intoke ziwe ziriko zirakiranura imirya y’igitari, umutwe na wo wibereye ahandi.

Niko Enjeniyeri kundya akara. Erega na jewe nari najanywe ndaba ukuntu Bob acuraranga indirimbo za Canjo akamengo ni we ari aho.  Maze kuraramura amaso, bose bari banyitse nta n’umwe nabonye. Aca aranyakura ngo ndamukwirikire mu nzu, maze ndabigira ntahigimanze. Aho rero sinari ncinona na kimwe. Wamengo bose ndabazi kandi turizigiraniye. Vyoba vyatumwe n’uko bose bambwiye ibijanye n’ubuzima bwabo mu minota 40? Kumbure.

Ukwihebura

Enjeniyeri yinjiye imbere yanje. Kubera bwa brebure bwiwe, yarinda kwunama cane kugira ashobore guca mu karyango kaho kubera kari kagufi. Umutima warasimvye gato nibutse ingene hari haheze akanya bariko baraterana imirarwe ntumva n’ivyo bavugana. Enjeniyeri aca ambarira ati: “Icara ngaha rasta”.  

Muri ico cumba hari agacerere karenze. Ntihabona, hari akabuji. Nya kumba ni gato ku buryo umuntu yokagerereranya n’akumba bapfungira mwo abantu mu giôrisi c’inyamirmabi. Nahavuye rero nca mbona igituma bari mu gacerere nta ngere. Kurya kw’ingwe ziri imbere y’inyama, bose bariko bararaba abagabo babiri ntari nigeze mbona. Umwe aryamye yubitse inda. Mu minwe afise urwembwe n’isahani iriko ututu dutoduto cane rwose tw’ikiyayuramutwe citwa eroyine. Enjeniyeri  aca arampa umuco ati: “Aho ico akora afata karya gatu gatoya cane karimwo agafu ka Eroyine akagaburamwo 25. Ni two aca adandaza, ahandi hoho ntiyoronka uwumugurira kuko birazimvye cane n’igarama imwe ntawoyica.”

Mu gihe abandi bari yicaye ku gatetebe, Bob Marley na we nyene yaciye yinjira, aca arugaza igufuri urugi rwaho. Ubwoba bwarantekeye. Mugabo nibwira ko vyose biza kugenda neza. Naciye ntangura kwiyumvira ingene hari abamenyeshamakuru bahora baja kurondera inkuru mu barwanyi… Ivyo rero bica birandemesha gato.

Maze kubifata ibisanzwe nariye umutima amenyo, nararamuye amaso kugira ndabe ako kumba. Iruhande y’umwango w’icuma, hari ingazi, ari na yo bamanikako impuzu. Hari n’akamatera gato, n’ibikarato bayisasako, bikaba bibaye igitanda. Hasi na ho hari igikombe cuzuye ibikororwa. Onesphore akibonye yaciye yihuta aracigizayo. Aca aransaba imbabazi ati: “Iyo twabuze, birashika tukaguma duciragura buri mwanya.”

Imbere ya ya buji iri hagati mu cumba, Enjeniyeri yari afise urupapuro ruca ibibatsi, bene rurya ruba mw’ipaki yitabi, ariko araruzingazinga aruha iforoma y’urukiramende. Niko gutahura ko banyinjije kugira ngo banyereke ico ari co kwihereza umwando wa eroyine ari wo boost n’inkwirikizi zawo.

Niko guca bahereza inoti zizinze umwe adandaza twa dutu (ari wo mwando) na we aca abahereza kamwekamwe. Aca ashira nya gatu gatoya ubusa kuri ca gipapuro gica ibibatsi. Kumbe nahavuye mbona ko hari n’urundi rupapuro bazinze bwa mukenke, rufasha kwohera umwotsi wa ca kiyayuramutwe eroyine bashuhije ku muriro kuri ca gipapuro bazinga. Ico rero bacita ibati.

Enjeniyeri rero yarampaye umuco ati: “Hari ubundi buryo bubiri rero bwo gufata ico kiyayuramutwe. Urashobora kugashira ku kiyiko ugashusha cane kugeza aho tuba utuzi, uca uzana urushinge rwo kwa muganga ugakwegesha nya tuzi, maze ugaca witera mu mutsi (ubwo buryo rero burakaze kurusha ubundi). Ubundi buryo ni ukubuvanga n’ikindi kiyayuramutwe bita marijwana. Ivyo rero vyitwa cocktail.”

Agacerere kaguma kiyongera aho muri nya cumba. Bose baza bahejeje kwohera nya mwotsi, kuri bo wamengo bibereye mu bwami bw’ijuru. Nariyumvira ikintu coba kiri mu mutwe wabo ngasigwa, kuko  ntibatahuritse ingene akantu gato kaganga n’ica kane c’urutete rw’urushaza kotuma abantu bane umengo bariko bararara. Aho abandi bose ubwenge bwavuye ku gihe, umwe adadanza wewe aguma yiyegeraniriza imari yiwe ashirwa twa dutu mu tumwanya.

Hari umuntu twagiye twumva adodora ku muryango. Bob Marley aca aramubaza uwo ari we. Uno na we yarivuze n’ijwi rito. Bob aca aragenda kumwugururira, yari umutama agira ku kibando, acumbagirira ku kirenge c’ukubamfu. Amaze kubona ko harimwo umuntu atamenyereye, mu maso yiwe haciye hijirwa. Enjeniyeri yaciye avuga uwo ndi, ko ndi umumenyeshamakuru nje gufasha. Wa mutama arandamutsa nk’uwunsumba nyene nanje ndihenda ndamuramutsa ndamuraba mu maso, kandi bari babimbujije kuko bene abo bantu ngo ntibashaka uwubaraba mu maso. Enjeniyeri yari yambariye ati: “Ubaravye mu maso baca bumva umengo ubasomyemwo ico bari.”

Nagize Imana wa mutama wamengo ntaco bimubariye. Erega nyabuna mu nyuma yahavuye ambwira ibijanye n’ubuzima bwiwe. Yagize ati: “Maze imyaka 20 nihereza eroyine. Narigeze guhagarika, mugabo nahavuye ndabisubiramwo maze kubura umuhungu wanje w’ikinege. Nohagaritse none ntibinkundira.”

Muri uwo mwanya wose, sinigeze ndeka gutereza akajisho irya n’ino. Ubwa mbere baguma bikwashagura, ku buryo baza bafise n’inguma ku mubiri kubera ivyo. Muri uwo mwanya, bosa bahuriza ku kintu kimwe: “Twese dushaka kuvavanura n’ukwihereza iki kiyayuramutwe. Dushaka umuti wodufasha kubivamwo. Ahandi hoho iki kiyayuramutwe ni uburozi. Iyo tuba twari dufise ico dukora hoho twobijamwo gake. Abenshi muri twebwe barashoboye vyinshi, mugabo nta n’umwe ashobora kutwizigira ngo aduhe akazi…”

Muga rero bose bamaze kwihereza, ibintu vyabaye ibindi. Baciye bahora ntibakakaza, wabona bajanwa biyumvira cane. Mu nyuma, Onesphore yaciye afata ijambo. Amaso yiwe yabaye igishirira. Yaciye atangura kumbwira ko hari ibihuha vyinshi bivuga ko utwo dutu bihereza twoba tuva mu magufa y’inzoya canke mu mahinguriro. Akavuga ko ivyo vyose ari ibinyoma. Ukuntu yumva amerewe neza vyatuma avuga neza eroyine.

Igitangaje rero ni uko bose basa n’abariko baramutahura. Bariko bamwihweza ukabona ko bamukengurutse. Uno na we yarabandanije nyene yishigikira, mugabo naho yavugana inguvu, wamengo ni umurwayi ariko afata umuti w’abarwaye mu mutwe. Erega na Enjeniyeri yahavuye amushigikira aramwunganira, akeye mu maso ati : « Eroyine iva mu giterwa citwa pavot. Biravugwa ko muri Afuganistani hoho coba ari ciza cane ku buryo kuvavanura na co bidashoboka. »

Erega nasigaye numiwe, kuko bamwe bose bari bamye bambarira ko bashaka kuvavanura n’ibiyayuramutwe ubu bavuga ibindi. Umuntu yohava yibaza ko bose bari bafashwe n’urwibagiza. Muga rero nahavuye ntahura ko ivyo bavuga vyose ari eroyine ibavugisha. Imibiri yabo yari yaronse agahehengwe ntibari bacikwashagura. Naramaze umwanya mutoya nitegereza ka kabuji kuguma gashonga kitonze…nja numva wa mudandaza ababwiye ngo basubire bihereze kandi. Ku bwanje nari nashengeshwe. Uretse ko hari hashushe cane kandi hanamota nabi, bwaza bwije hari hafi isaha zine z’ijoro . Nategerezwa gutaha. Naciye ndabakengurukira ukuntu banyakiriye neza, maze ndabemererera kuzogaruka akaryo kankundiye. Nta n’umwe yari buhaguruke kugira ansezere.

Enjeniyeri na Onesphore baciye bahaguruka bagoyagoya. Bukeye bari bafise akazi, bagategerezwa gutaha. Tugisohotse, abandi na bo baciye basubira kwiyugarana.

Nshitse hanze nagiye numva akabobera k’akayaga kampuhera mu maso, nca mbona ingene nari bwagwe muri ako kazu. Nkubitije ijisho irya n’ino, twaza turi mw’ibarabara, maze turatambuka tutihuta. Nta bantu nabona mw’ibarabara. Igihe nari natwawe n’ivyo vyiyumviro, numvise ijwi, maze mera nkw’uwugaruye iakenge. Ni Enjeniyeri yariko avuza igitari. Yacuraranga ururimbo ntazi mugabo ruryoheye ugutwi cane… Twarabandanije gatoya turi kumwe, mpava mpamagara itagisi. Narahindukiye duhana amacensi maze turasezerana. Ntitwahanye akagaruka, kari agasaga.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion