Kuri uyu wa 17 Rusama, Abarundi bahamagariwe kuja kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha. Benshi mu bazotora ni urwaruka. Egide Nikiza yaraganiriye na bamwe, aratubwira ico bamwe n’abandi bazokwisunga mu gutora “Ego” canke “Oya”.
Amatora yose ahagaze ku vyiyumviro abahiganwa baba bashingiyeko imigambi yabo. Yamara abatora bisunga ivyiyumviro bigamije gutuma batera intambwe, mu gutora umuti w’ingorane bafise. Muti none ubu ni ko bimeze ?
Bamwe bati “Ego”
Nzambimana Erike, n’umunyeshure aba muri komine Gitaramuka, intara ya Karuzi. Azoshigikira ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu gutora “Ego”. Yemeza ko Ibwirizwa nshingiro rishasha rizotuma Uburundi bwogorora. Ati: “uno munsi igihugu cacu kiraboshwe n’abakoroni. Basahuye ubutunzi bwacu kuva turonse intahe yo kwikukira. Igitangaje, ni uko n’ubu bakeneye kuguma baduhagaze ku gakanu”.
Ngo hamwe rero ryokwemezwa, Abarundi bazoba batoye ukwikukira nyakuri: “Ntawuzosubira kuturengera akarimbi mu gutunganya ivyerekeye intwaro mu gihugu cacu”. Uwo musore w’imyaka 24 akabona ko ugutora “Oya” bisigura “ukugumiza” Uburundi mu mwijima.
Manirafasha Mariya Goreti, umukenyezi w’imyaka 32 akomoka muri Komine Giheta intara ya Gitega nawe, avuga ko Uburundi bugiye kuba igihugu c’amata n’ubuki. “Kare bahora babwitirira iryo zina ariko atari ko biri. Ibwiriza shingiro niryatorwa, tuzoba dushikiriye isezerano ry’Imana. Nayo izogomorora imigisha”.
Uwo mupfasoni avuga ko igiterwa c’ikawa kizoca kiza kiratanga umwimbu mwinshi kandi ngo n’ubutare buzoca buboneka ari bwinshi mu gihugu. “Ivy’ubutare vyo si agaseseshwarumuri. Leta iza yaratanze impusha ku mashirahamwe abucukura. Uno munsi ari ku kivi”. Avuga ko ibiriko birakorwa muri ico gisata ari intango, ngo “nayo akari inyuma karahinda”.
Kandi ngo niryatorwa, bizogirira akamaro abavyeyi n’imiyango muri rusangi : “bizotuma ingingo zo kuvuza ku buntu abana batarashikana imyaka itanu no kwibaruka ku buntu ku bavyeyi zihaguma”.
Abandi bati “Oya”
Ku rundi ruhande, urwaruka rushimikira kw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha. Ngo ugutora ibwiriza shingiro rishasha bizosubiza inyuma igihugu imyaka myinshi.
Ndayihimbaze Mamesi, umusore w’imyaka 29 wo muri komine Nyabiraba intara ya Bujumbura, avuga ko azotora “Oya” kugira akingire amasezerano y’i Arusha yateweko igikumu muri myandagaro umwaka w’2000. Ati: “yaragarukanye umwizero mu gihugu. Yatumye Abarundi basubira kubana neza mu butandukane bwabo”.
Yibutsa ko abari barahunze bivuye ku ndyane zo muri kahise, bashoboye gutaha kubera ayo masezererano. Adondagura abo mu 1972, 1988 inyuma y’ivyago vyi Ntega na Marangara hamwe n’abahunze kubera urwimo rwo 1993.
Ndayihimbaze Mamesi abona ko abazotora “Ego” bari bakwiye kwihweza neza kahise: “na cane cane ingene Abarundi bari babanye imbere yo gutera igikumu ku masezerano y’i Arusha”.
Kubwa Niyokindi Karori, aba muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura, abibona nka mugenzi we Mamesi. “Ni hamwe abantu twibagira n’ingoga, nta Murundi w’umutima yibuka kahise yotoye ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro rikomoka ku masezerano y’i Arusha, mu gihe iryo hindurwa ritumvikanyweko na bose”. Uwo musore ahamagarira Abarundi gushira imbere ineza y’igihugu.
Soma kandi : Mbabira Ange Gloria : umwana afise kazoza muri politike ?