article comment count is: 5

Mu bigo vya kaminuza y’Uburundi : ubuzima bw’agasamazo

Abicishije mu kwerekana itandukaniro ry’ukugene yibona mu buzima bwiwe akiba mu bigo vya kaminuza y’Uburundi n’uko yiyumvira ubu aba hanze y’ivyo bigo, umunyeshure Ndayishimiye Déo aratanga impanuro ku banyeshure bamwe bamwe bo muri iyo kaminuza.

Namaze imyaka hafi itatu mbaye mu kigo kimwe ca Kaminuza y’Uburundi, mu gihe nariko ndabandanya amashure yanje. Muri ico gihe cose, ubuzima bwanje bwaranzwe ahanini n’inyabutatu igizwe n’ibibanza bitatu nyamukuru birangwamwo ubuzima bwa kinyeshure : mw’ishure, mu buraro, mu buriro.

Kuva ku musi wa mbere wa buri yinga kugeza kuw’Imana, ivyo ni vyo bibanza ushobora kurondereramwo umugabane munini w’abanyeshure baba mu bigo vya kaminuza y’Uburundi. Ariko rero, hari bamwe bamwe usanga bacishamwo bagakubitira hanze y’ibigo kurondera ico basahiriza mu twa nkenerwa mu kubaho, n’abandi basohoka rimwe rimwe kuramutsa incuti.

Inyuma y’iyo myaka itatu namaze mba mur’ico kigo, hari imvo nyinshi zakoranye, maze bituma biba ngombwa ko nsohoka, nkaja kubandanya kwiga mba hanze. Ni ko kubona ko ubuzima nahoramwo bushobora gutuma umunyeshure abaho mu gusamara.

Ngo : « uwudatembera ntaca ubwenge »

Kukaba nka ko, ibigo vya kaminuza vyuzuyemwo abantu bazwi nk’incabwenge mu bisata bitandukanye vy’ubuzima mu gihugu. Ariko igitangaje, aho si ho dukunze kumva havumbuwe inganda canke ivyiyumviro vy’imbonekarimwe mu Burundi.

Ahubwo mbere, jewe nkihaba naratinya kwiyumvira ibijanye na kazoza kanje mu buzima, kuko ntivyankundira kubona kure harenze ku musi nzoherezako amashure ndiko ndiga. Ariko mwe n’ivyo vyiyumviro tuba dukwiye kubirenza, na cane cane ko turi urwaruka rukibasha, vyizigiro vya kazoza k’Uburundi.

Maze gusohoka ikigo nkaja kuba hanze, naciye ntangura kubona ubuzima ukundi. Hariho umwanya w’ukwiga, uwo kuruhuka n’ugufungura, hakabaho n’umwanya w’ukwiyungunganya mu buzima, umuntu agategura kazoza kiwe.

Umunyeshure wo muri kaminuza amaze kuba abaye hanze y’ibigo, ya nyabutatu ihinduka inyabune : mw’ishure, mu buriro, mu buraro, mu kibano. Ivyo biraheza bikamufasha kubona ko ubuzima bwiwe butagarukira mu kwiga amashure gusa, ahubwo harimwo n’ukwibeshaho, ndetse n’ugukorera kazoza.

Duhinduke mu vyiyumviro

Hari inkuru yo muri kahise ikunze kuvugwa cane hagati y’abanyeshure bo muri ivyo bigo ngo : « kera ibintu bicoroshe, umunyeshure yegereza guheza inyigisho za kaminuza, agatangura kubona abategetsi bacanacanako bamurondera ngo bamuhe akazi mu gisata kanaka. Bamwe mbere baba bagisohoka ibigo vya kaminuza, uwutabaye umushikiranganji agapfuma aba buramatari mu ntara kanaka ».

Ariko, ubu ivyari magera vyarageruye. Ndetse ivyo kurondezwa akazi, ahubwo n’ukuba muri ivyo bigo nyene bisigaye bigoye, kuko na none ubu hari abagiye kuhaba baza bararihira ubwo buraro.

Mfatiye ku kuntu nibona nkiba muri ivyo bigo rero, hamwe n’ubuzima mbayemwo ubu ndi hanze ya vyo, mbona ko ubuzima bwo muri ivyo bigo butuma ubwenge bw’urwo rwaruka ruhabaye businzira cane. Butuma benshi biyumvira ko kumbure ubuzima bwabo buzotangura ari uko bahejeje amashure. Ni ubuzima butuma urwo rwaruka rubayeho cane mu gusamara. Kugeza n’aho umuntu arengeje imyaka mirongo ibiri aguma arindiriye ko abavyeyi canke leta bamufasha kugeza no kw’isabune amesesha ! Ivyiyumviro bikwiye guhinduka.

 


A relire : Ni nde yavuze ko uwahejeje kaminuza atofata isuka ngo arime ?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Amahoro cane bakunzi namwe banditsi ba YAGA,ntanguye gushima k’ukuntu mwitayeho urwaruka rwa none,Imanibahezagire,
    Hama kuvyereke impanuro za Deo Ndayishimiye,je ndamushigikiye kuko ibintu ubu vyarahindutse kugera kurugero rwohasi,donc ibibazo bigumamwo,kugirango umuntu yiyungunganye ari kuntebe yishure nibibazo bidasanzwe, nditangirako akarorero,jewe natoye ikibazo cokuja mumwaka w’indwi mfise imyaka 14,ivyubuzima ntiwambaza,ncanja kwiga mw’ishure ry’uburaro kugera ndakora ikindi kibazo kintwara gutangura igice ca 2c’amashure yisumbuye,ubwo baciye banshira muyindi shure y’uburaro,nahize imyaka 4,naraye ndayimaze none ubu ntanguye kaminuza kandi ya Leta ubu mpanze mugisagara bibonekako kibzmwo abifise,bisigura ngo jewe narabuze ukuntu nokora ngo niyungunganye kuko ntamwanya nigeze ndonka,nubu ndibaza ico ngiye kuzokora aruko mpejeje amashure bikansigubwenge,Deo ubu niga mugitondo nokumugoroba, ivyakaminuza y’uburundi ya Leta urabizi warabibonye,Ntabara umfashe ukuntu nokwiyungunganya.ntamwanya nigeze ndonka wukwiyungunganya.bitayeko n’agafashanyo batwemerera amezi ararengarenganyeko ataniyambu.

    1. Cher Nestor,
      ndatahura gose ingorane ufise kuko naje narabaye mubigo vya kaminuza (kumutanga).
      Agafashanyo kibihumbi mirongo itatu ntigashobora gukwira ivy umuntu akeneye vyose. kandi nkuko wabivuze ntaho twigera twiga mu mashure yisumbuye uko umuntu yokwiyungunganya. Bitayeko umwanya ni muto cane kuko nimba bikimeze nka kera, wiga kuva isaha zibiri z’igitondo gushika cumi na zibiri. Ng’izi suggestions zanje:
      1. Uburyo bwa mbere nabonye bufasha n’ugukora icitwa voluntariat. Nivyo voluntariat isigura ko witanga mugabo ntuhembwe, mugabo iciza cayo nuko ubona le monde exterieur. Ukamenya ahari opportunites z’ubuzi butobuto canke ubuzi temporaires. Ikigeresteko bituma uronka ico bita network (ni nka ma connexions kubantu batanga ubuzi canke ababufise)
      2.Ndazi ko hari amashirahamwe nka ya gardiennage akoresha abanyeshure mugabo n’ubuzima bugoye cane.
      3. Amashirahamwe. Akarorero: ay’ugwaruka yo kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, aya protection de l’enfance, aya protection de l’environement,etc.
      Igikuru: Ntiwigungane ico kibazo, vugana nabo mubana, mwigana wumve uko nabo babigenza.

      Murakoze cane YAGA kubw’iki gikorwa.
      PS: Mumbabarire cane kuvanga indimi haraho nibagira amajambo amwe amwe mukirundi.

  2. Amahoro abakunzi ba Yaga!

    Deo yarakoze gushikiriza uko yabayeho muri ico kigo ca Kaminuza atashimye kuvuga. Ariko ndaneguye cane ukuntu yatesheje agaciro ico ikibanza gitunze incabwenge zemewe na Leta y’Uburundi ndetse n’amakungu akakigira ikibanza c’isamarariro Kandi ari ikibanza gitegurirwamwo Abadoguteri (abavuzi), Abahinga mu bijanye n’ubudandaji, amategeko, indimi n’imico, indero,uburimyi n’ubworozi, ibidukikije, ubushakashatsi, eka n’ibindi isinzi ntodondagura ngo mpeze. Tuvyinjiyemwo neza bigaragara ko n’ababa bariko barabigisha baba bariko barabasamaza. Ariko sivyo pe!

    Kumbure ngira ntiyari gufatira mu kivunga kugira agire ico ashikirije,yari kwifatirako. Atari uko naho yari kwerekana ivyemeza ko neza Bose bahabona nk’ikibanza c’isamariro. Umuntu yohava yibaza ati « mbega yabajije bangahe kugira yemeze ko uko abibona ariko n’abandi babibona? » Hari ibitigiri bifadika afise kugira yemeze koko ko biri uko?
    Hamwe Deo woba yabayeho mu gusamara, ndaguhojeje warahomvye cane! N’inyigisho wahaherewe ngira zagiye kugishika ari uko wimukiye muri Quartier. Warihenze cane kuko usanga wewe wahabaye mu kwisamarira, Kandi twihweje neza amajambo wavuze tukanayasorongora dusanga koko warahasamariye gose.

    Uti abahaba bose canke benshi babaho ari uko babanje gusaba udufaranga abavyeyi babo?Ufise ivyemezo bingana gute? Gufatira mu kivunga ndavyamiriye kure. Uti mbere abandi na bo biyumvira ko ubuzima dutangura ari uko amashure aheze? Canke wewe ni ko wavyiyumvira? Eka nkaba nogushigikira pe! Kwiteza imbere biratandukanye no kwiga canke guheza amashure. Ariko birafitaniye ubucuti kurugero runaka.
    Womenya ahubwo ko ugiye muri quartier ariho ufise inzira igihumbi zo gusamara, kuko wamwanya abandi bafata mu kwiga usanga wahereje mu nzira utaha, kuja mu gikoni, ndetse no kuruhurira umutwe kugira dushobore gusubiramwo ivyigwa vyawe uri muhira bigende neza ugasanga ntunakiwuro ka nk’uko biri ku baba mu buraro.

    Ndababaye kumva wavuyeyo utaco wimariye atari ukuba mubusamazi.

    Hama k’uruhande rw’uwatohoje iyi nkuru nawe, vyari kuba vyiza iyo abaza abandi kugira yumve ko koko iyi nkuru Deo yashikirije ari iyo kwemeza canke guhakana. Ndazi ko,ninaba ntihenze, hariho uburyo bwo gushikiriza inkuru itihoje neza kugira na ntaryo ntihagire uwo canke abo ihava iryanisha canke ngo itere uruhagarara Kandi binatume no hanyuma agiye gutohoza no kwegeranya ayandi makuru ntibazoheze bamugireko amakenga ngo ahave aca abura nya makuru kandi Ariko kazi kiwe!

    Murakoze kunyumva no kuntahura!

    1. Deo Vrm Abeshe Cne Nimba We Yarahasamariye Ntibisigura Ko Nabandi Bahasamarira.Ibigo Nivyiza Bituma Umunyeshure Yiga Adasameye Cne Kuko Umwanya Mumini Aba Ari Mubigo.Gsa Twe Twiga Ubu Muri UB turababaza nukungene tudashikira mubigo kandi hari chambre nyishi ziri vide.