Mu manza Abarundi bakora, bakurikije umuco w’ikirundi, inyuma yo kubura umuntu, harimwo urwo guca ku mazi. Ariko rero, benshi barukora batazi ico urwo rubanza rusigura koko mu mico n’imigenzo kama vy’Abarundi. Egide Nikiza yarabidutohoreje.
Abapfishije umuntu aho hambere hahise ntibiyoga mu kiringo baba bari mu kigandaro. Basubira kugira isuku ku mubiri ku munsi wo guca ku mazi. Ndetse ko mu gihe ca none ivyo kudasubira kwoga mu gihe c’ikigandaro bitagikurikizwa, ahubwo uruganwe rwa none ntirunazi neza ivyo ari vyo. Nico icatumye negera inararibonye zitandukanye kugira ngo zibimpeko umuco.
Inkomoko n’insobanuro
Ndaruzaniye Gamaliyeli, umutama wo muri komine Mukike ma ntara ya Bujumbura, avuga ko kera bafata urupfu mu muryango nk’umuvumo. Ngo abasigaye bategerezwa kwicisha bugufi kugira umuzimu w’umuhisi ntugaruke kubatera. Ati: «Ntibareka kwiyoga gusa. Ibintu vyiza vyose co kimwe n’ibiryoshe baravyirinda. Nk’akarorero, ntawasubira gufungura ibirimwo umunyu». Maze izo mfungurwa zitagira umunyu akaba ari zo bita « ibiryazagu ».
Abakera rero biyumvira ko batabigize ukwo, umuzimu w’uwapfuye waca uheza ukagaruka gutwara uwundi muntu mu muryango, nk’uko uwo mutama w’imyaka 65 abandanya abituyagira. Kandi ngo ni na co gituma iyo umuryango wabuze abana benshi batwawe n’urupfu, abavuka mu nyuma baca babita amazina bibaza ko azirana n’urupfu nka Kabwa, Kayabu, Mayabu, Buyoya, Rurikumunwa, n’ayandi.
Kazoviyo Gereturuda, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi n’amayagwa nyafrika, yunganira insiguro za Gamaliyeli avuga ko ukutiyoga mu gihe abantu baba bagandaye kwari ukwerekana umubabaro kuko ukwigira neza, ukwisiga neza, uwubikora aba ariko ariyongerereza akanyamuneza. Ngo Abarundi bareka kwiyoga kugira bagaragaze umubabaro bafise bivuye mu kubura umuntu wabo.
Hamwe n’ivyo rero, i ruhande y’ukwihutira gufuba uwashengeye, ukutiyoga wari umwe mu migirwa ijanye n’urupfu mu muryango mbere bene kubura umuntu bakazosubira kwisukako amazi ku munsi wo kurangiza ikigandaro, ivyo bita « guca ku mazi ».
Ariko vyagiye birazimangana
Umukamakare Kamariza Roza, asanzwe aba muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, avuga ko ivyo guheba kwoga abantu bagandaye vyatanguye kugabanuka mu myaka y’1990. Ati: «Kuva aho urwimo rutanguriye, kubera ko abantu baciye batangura gupfa ari benshi. Abarundi benshi ntivyabaye bigikunda ko bitaho ivy’imigenzo». Uyo mupfasoni w’imyaka 72 yibaza ko n’abize bagize uruhara rukomeye kugira uwo mugirwa uzimangane.
Ariko umwigisha Kazoviyo Gertrude akavuga ko uwo mugirwa utarazimangana burundu mu gihugu cose. Avuga ati: «Hariho aho bakibigira n’ubwo bitibonekeza. Imico n’imigenzo y’abantu irahindagurika na cane cane mu bisagara. Ariko abagumye mu mitumba hariho utwo basigarana. Ni ho hantu imico n’imigenzo bigoye ko igenda burundu».
Ngo « igikuru ni ukwibuka… !»
Patiri Ntabona Adriyano, incabwenge yatohoje ivyerekeye imico n’imigenzo y’ikirundi ikanavyigisha muri kaminuza, ngo : « Abagikurikiza uwo mugirwa bakwiye kuwuheba ». Ku bwiwe ngo igihambaye ni uko abantu batibagira uwabo aba yagiye.
Soma kandi : Mbega umuco wo gufashanya wagiye he ?
Mudutohoreze ku »kuganduka » n’isano riri hagati y’iyo misi ibiri. kubera iki umwana batamugandukako?
Vyiza hari umugenzo wokugandara kubwanje mbona wogumaho naho bimwe bimwe bitera bigabanuka kuk wo urafashe kuremesha ababuze ck abatameny ko nyakwigendera atakiri kw’isi!!
ivyo guca kumazi nokuganduka nukubiheba kuko bishingiye kugutinya umuzimu w’uwapfuye! Abapfuye ntaco tubafasha nabo ntaco bodufasha tureke kubitwaza! les morts sont morts !
None kubwiwe padiri ngotwobigenza gute?
Yavuze ko imigirwa idakenewe. Icokorwa ni ukuremesha ababuze.
Umugirwa wo kugandara ntawoshobora kuwukuraho kuko ni akababaro ko mu mutima atawoshobora kugakuraho. Ico kurwaho ni imigirwa iwuherekeza kuko umubabaro w’uwabuze ufata igihe kirekire kugira use nuwaheze. Ibitabo vyeranda biratwereka ko kugandara Imana ivyemera. Ico kwibaza ko uwapfuye agaruka sivyo kuko ibitabo vyeranda bitubwira ko aba asinziriye itiro ry’urupfu, adashobora kumenya ibikorerwa aha kw’isi, ko azokwikangura igihe Umukiza azoba aje kjana abamuyobotse kuruhukira mw’ijuru. Soma umusiguzi igice c’icenda. Nkuko uwusinziriye ataba azi ibibera aho ari, ninako uwapfuye atamenya ibiriko biraba, atanico yofasha abazima cange ngo agire ikibi abakorera. Aba yiruhukiye koko.
Muze mudutohoreze inkomiko y’umugirwa wo kuva ku rupfu