article comment count is: 0

Ingingo ku bigeme batwaye imbanyi baciga yobangirwako

Hari ingingo y’umushikiranganji iheruka gufatwa ivuga ko abigeme vyashikiye bagasama imbanyi hamwe n’abahungu bazibatwaje, bakiri mu mashuri matomato canke ayisumbuye, ata burenganzira bwo kwiga ibindi bisata uretse inyigisho z’imyuga baba bagifise. Ku bwa Nikiza Egide, ngo iyo ngingo ishobora kuba iciye kubiri n’ayandi mategeko y’igihugu nk’uko avyerekana.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, yashikirije ati: « Inyigisho z’imyuga zifise akarusho kanini. Abazize bararonka ubuzi eka ndetse bakanashinga rwabo gusumba ababa bize ibindi bisata ». Ivyo akaba yabivuze kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 2018. Aho ni mu gihe, kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi, ubushikiranganji bw’indero bwasohoye ingingo ivuga ko umwigeme ahuye n’ivyago vyo gusama imbanyi akiri ku ntebe y’ishure, co kimwe n’umuhungu yayimuteye, ata burenganzira bazoba bagifise bwo kubandanya bakurikirana izindi nyigisho, kiretse iz’imyuga.

Abatari bake babibona ukundi

Bacumva iyo ngingo isohotse, Abarundi batari bake bihaye akamo bati : « Ni ingingo ihohotera abo ikorako ! ». Uwo muvugizi w’ubushikiranganji we abona ko ingingo itatahuwe neza.  Avuga ati: « Ni ingingo ije gufasha abarerwa bazoba bashikiwe n’izo ngorane z’imbanyi batari bavyiteze ». Akibutsa mbere ko Leta ifise umugambi uteza imbere inyigisho z’imyuga. Ibindi uwo muvugizi w’ubushikiranganji ashira imbere kuri izo nyigisho, ni uko zoba zorohereza abazikurikiranye mu kwiyungunganya. Ariko kandi ngo ziranatanga n’ubushobozi bwo kwagukirwa mu vyo umuntu aba ariko arakora. Gutyo, agasaba Abarundi ko iyo ngingo batoyibonamwo igihano.

Hari ibibazo vyinshi

Nk’uko itegeko ry’igihugu rikingira abigeme bahura n’amabi afatiye ku gitsina rivyerekana, abigeme baba baciga mu mashure matomato n’ayisumbuye bafatwa nk’abakiri bato, ba bandi amategeko mpanavyaha ashira mu murwi w’ababa batararenza imyaka 17 (naho mbere boba bamaze kuyirenza).

Ingingo ya 17 y’iryo tegeko ivuga iti: « Abayobozi b’amashure yisumbuye co kimwe na za kaminuza bategerezwa gufata ingingo zose zikenewe kugira bashigikire abarerwa n’abanyeshuri bo muri za kaminuza bashikirwa n’amabi afatiye ku gitsina ». Mu ngingo ya 18 naho, ngo : « Abayobozi b’amashure bategerezwa kwubahiriza uburenganzira bwo kwiga bw’ababigeme bavyara batubatse. Ku bw’ivyo bategerezwa gufata ingingo zose zikwiye kugira abo bigeme bavyara batubatse bakingirwe ikumirwa abarezi, abigisha canke abo bigana bobagirira ».

None rero, ko ari uko bimeze, hagati y’uwuvuga ko ingingo itagabanya uburenganzira bw’urwo rwaruka n’itegeko ribakingira icohungabanya agateka kabo cose, ukudatahura neza kuri he? Jeho nkabona ko iteye kubiri n’amategeko. Mbe hoho, iyo ngingo yoba iturutse ku mwitwarariko w’ubushikiranganji bw’indero wo kugwanya ubuhumbu mu mashure? Ivyo ntawutobishima. Ariko rero, itegerezwa kuza yisunga ayandi mategeko y’igihugu.

Ibibazo umuntu yokwibaza si ivyo gusa. Ubwo abigeme bazosama izo mbanyi ntibazoca barondera kuzikorora? Mbe hamwe umuhungu kanaka yohakana ko ari we mwene imbanyi, bizogenda gute, ko iyo ngingo itabitegekanya?

Ku bwanje, iyo ngingo yari ikwiye kuba irabangirwako, hanyuma ikigwa neza, kuko bigaragara ko iteye kubiri n’itegeko ryo kuwa 22 Nyakanga 2016, eka mbere ikaba ifise n’inzitizi zohava zituma ivyononekara biba vyinshi gusumba ivyo ije gukiza.

 


Soma kandi :  Abigeme bakoresha uburyo bukinga imbanyi mu ntumbero zitabereye

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion