Concert - Fete Musique - Artiste - Musicien
article comment count is: 0

« Imicoro » : inyifato itabereye ya bamwe mu bamenyeshamakuru b’imico n’akaranga

Turi mu gihe c’ici, ibiteramo biragwiriye. Abanyamuziki bamwe bamwe baba bafise abakunzi benshi cane baza kubashigikira. Ariko rero, hari uwoba azi aho izo ndanga ziba zaciye kugira zigere kuri urwo rwego ?

Akenshi, ibiganiro ku nsamirizi bikunda kurangira bavuga ngo :

« – Turabakengurukiye cane kuba mwashimye kwitaba ubutumire bwacu. Wari umunezero ntangere wo kubakira.

– Nanje vyanezereye. Mbere n’ubukurikira, nimwantumira, nzobitabana akanyamuneza ».

Imbere ya vyose, ayo majambo agaragaza ukwubahana hamwe n’imico myiza mu bantu bateye imbere. Rirya jwi riryohera ugutwi ry’umunyamakuru atera amashurwe uwo mutumire muhire ngo « umuririmvyi aje atavyorosha muri game » nk’uko benshi bakunze kubivuga, rishobora kutunyegeza ukuri kw’uko ibintu vyifashe koko, ni iry’umuntu akora ico azi nyene. Muti ico ni igiki ? Ni igikorwa c’umuremeshakiyago, wa wundi babanje bagaciranira, hama akaronswa ikiguzi kijanye n’agahembo ko kugira yakire uwo muririmvyi mu kiganiro ciwe canke kugira avuze indirimbo yiwe.

« Ata micoro, nta  micro »

Iyi mvugo irashobora gutuma abakunzi b’Ikirundi kiryohoye bamererwa nabi. Mbere nanje ndibaza nimba kuvyandika ukwo atari nk’ukubabaza umwe mu bakinonosoye, umuhisi Ntahokaja Jean Baptiste, iyo hiyo aho aruhukiye. « Imicoro » ni izina rivuye mu rivuga « gucora », rikoreshwa n’abantu bamwe bamwe, bisigura gusaba amahera umuntu, bikaba bigisibije mu gisata c’umuziki ndundi. Mbere umwe mu baririmvyi b’umudiho wa hip-hop i Bujumbura, B. Face, akaba atabihakana. Ati : « Umunyamakuru arashobora kwakira amahera yawe n’indirimbo yawe, ariko ukarindira ko azoyivuza, ukabura ! » Ni ko uwaririmvye indirimbo Hitamwo na La Différence avyemeza.   

Bej P wewe ari mu mugwi w’abaririmvyi bakarirwa na ba banyamakuru bataramenyekana cane, abacirondera. Ati : « Iyo utaramenyekana, ukora ibishoboka vyose kugira ibikorwa vyawe vyumvirizwe n’abantu benshi bashoboka. Sinovuga ngo ni bose, ariko hari benshi ata micoro, ukwamamara kwabo kworangirira i muhira ata co kubaviriyemwo », uwo muririmvyi ni uko ashimangira uwo mugirwa wo gucora.

Abanyamakuru bacirondera bosubiza amero mw’isaho

Vyongora kubona itandukaniro riboneka hagati y’abo banyagikenye bitwaje za micros hamwe n’abategetsi bacura bufuni na buhoro abatwarwa babo. Ubutandukane si bunini : bompi barondera gutera imbere baciye mu guhohotera abandi. Nimba koko, nk’uko wa mugani w’ikirundi ubivuga, « iyinizwe n’amata ata wundi mwerera », ni gute uwo muziki w’abakorera guhomba (nk’uko bamwe bavyibaza) uzotera imbere, mu gihe abotegerezwa kuwukwiza hose bishinga kwironderera inyungu zabo babicishije mu migirwa itabereye nk’imicoro ?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion