article comment count is: 13

Imbuga ngurukanabumenyi : imibonano mpuzabitsina kuri bose ?

Abantu tuja ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntumbero zitandukanye. Hari bamwe baja kwinezereza, hakaba n’abandi baja kuhigira twinshi. Muri abo biga, inyigisho bataronka kwa ba se na ba nyina, barazironswa ku buntu mu migwi imwe imwe yo ku mbuga. Kiretse ko ata wutandukanya ikibi n’iciza muri ivyo vyigwa. Ng’izi intahe z’ababibayemwo.

Hari ku musi wa kabiri w’iyinga riheze. Nari nteramiye ku rubuga rwanje rwa Facebook, nitegereza ingene udusanamu abagenzi banje bashizeko duteye igomwe. Sinzi ingene ngize ntya, nza mbona hari uwansangije igisa ubutumire bwari mu rurimi rw’igiswahili ; ngerageje gushira mu Kirundi, bwagira buti : « ukaba ufise imyaka irenga icumi n’umunani, ukaba wifuza kuja uraganira n’abandi ivy’abakuze, siga inomero zawe ngaha maze duheze tugushire mu muryango wacu munini wo kuri WhatsApp ! »

Mu kanya isase, abari bamaze gusiga nya nomero zabo ngo babashiremwo barenga ijana na mirongo itanu. Nahavuye nsanga hafi ibice ijana kw’ijana vyabo ari ab’igitsina gabo, bagizwe ahanini n’urwaruka rukiri ruto,  mbere binashoboka ko rwoba rutarashikana n’iyo myaka bavuga, ariko kandi hakabamwo n’abakuze, mbere biboneka ko boba bubatse n’izabo.

Ikiyago caho

Pasikali* ni umusore w’imyaka 24, asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu kw’ipikipiki. Imbere y’uko yifatira ingingo yo kwiyegereza Imana mu mwaka uheze, nawe nyene yari asanzwe ari mu murwi nk’uyo, aho ngo yari awusangiye n’abandi Barundi isinzi, ndetse n’abandi bava mu bihugu bitandukanye muri bino dusanzwe dusangiye akarere. Avuga ati: « Umurwi jewe nari ndimwo, nta kindi kiyago cawuberamwo uretse ukuja hararungikwa buri mwanya amashusho n’amasanamu y’abantu bambaye ubusa, hamwe n’amareresi y’ababa bariko bararangura amabanga y’abubatse. »

Liyoneli* nawe, umunyeshure akiri muto cane yiga mu mwaka w’icumi na kabiri, avuga ko i ruhande y’ivyo biterasoni birungikwa, hanatangwa n’impanuro we asanga ko zoba zuzuyemwo ibinyoma gusa.  Avuga ati : « Hari igihe barungika nk’amajwi aduhimiriza ibitaja ntibize ; nk’akarorero, hari  nk’aho bavuga ko iyo umuntu akwije imyaka icumi n’itanu, aba akwiriye guca akora imibonano mpuzabitsina mu maguru masha ngo nayo ahandi ho ibihimba vyiwe vy’irondoka ntibiheza ngo bikure neza, kandi ko mu gihe atabikoze uko ngo bishobora no kumuviramwo ingwara nyinshi nk’ubugumba n’izindi. »

Inkurikizi

Umuntu rero yoca ahera ngaho akibaza mu vy’ukuri akamaro ko kuba mu mirwi nk’iyo canke ico abantu boba bayungukiramwo gituma bayihurumbira uko. 

Ku ruhande rwa Pasikali na Liyoneli rero, bati : «  Imirwi nk’iyo ni iyo gutera ivyatsi.» Ngo kuko basanze nayo ishobora kuba isoko ry’ukwadukana ingeso mbi  nk’ubuhumbu, ubushurashuzi n’izindi umuntu atari asanganywe maze nazo zigashobora no kumugirira ingaruka mbi zitandukanye ku buzima bwiwe.

Wa wundi ati « bibwirwa benshi, bikumva bene vyo », abayirimwo bakwiriye kuhagabira.

* yahinduwe izina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (13)

  1. İvyo bintu sivuimbeshere birahari kandi gose nanj mfise mutiyi wanje yiga mumwaka wa 9 ishule nshingiro naravye muri telegone yiwe nsanga afise groupe arimwo handitseko ngo warubizi. Ndavye message zaguma zinjira nasanze arizurukoza soni.ahubwo abajejwe kugenzura itumanaho amakuru kumbuga ngurukana bumenyi bararaba bahindure umukenyuro.mutakoze

  2. iyo mirwi nanje narayiciyemwo. aho usanga uri kumwe n’abantu batandukanye. abato, abakuze, imisore ( abenshi ni abagabo) ugasanga harimwo n’abakobwa bamwe bamwe. icibonekeza ni uko ivyo bahigira ata kuri na kumwe kurimwo. kuko bazana amashusho menshi y’amareresi y’ubusambanyi (pornoraphie). igiteye ubwoba, abo bagabo bubatse(akenshi bo hagati mu gihugu) baca baja gushira mu ngiro bimwe babona. hama mu gitondo bakazinduka baza kuvuga muri ya migwi(groupe) ingene abagore babo bavyakiriye. Ku bakiri bato nabo, bibatera kuja mu ri bamwe badandaza umubiri kuko bamara umwanya bariko baraba arya mashusho akabura inambu y’umubiri. abatabikoze uko, usanga baca batangura bimwe twita kwikinisha, kwinezereza, agasabuni, canke Punyeto( wa mugenzi wa adoti)… uko biri kwose, myinshi muri iyo migwi atari ico yica, nta co iriko irakiza. komera

  3. iyaba ari ibishoboka boza barafata abo bakora mweniyo migwi…
    en plus que ari ugtakaza umwanya , ivyo bisanamu biraruhisha umutwe kandi ugasanga umuntu abaye imbura kimazi …
    ndabivuze kuko nanje nigeze kuba ndi muri mwenuwo murwi kuri whatsap

  4. Ivyo bintu nivyo bikwiriye kumbuga, kandi ababishusha cane nabanya mahanga cane cane abatanzaniya, nukuri jewe nahora ndimwo, ntanyungu nimwe nabikuramwo atari kunyosha mumabi mbere ningaruka nahavuye ndayironka ndatwaza umwana wumukobwa inda