article comment count is: 0

“Ikirundi gusa mu manama?” Iyo nzira yoduhomvya cane

Naho hari abashigikiye iciyumviro c’uko “ururimi rw’ikirundi rwokoreshwa mu manama y’amashirahamwe mpuzamakungu abera hagati mu gihugu c’Uburundi”, Egide Nikiza we avyamirira kure. Aratanga insiguro.

Mu ngingo yaryo ya gatanu, ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rivuga riti : «ururimi rw’igihugu ni ikirundi. Indimi zikoreshwa mu ntwaro ni ikirundi n’izindi ndimi zishingwa n’Ibwirizwa».

Ivyo bigasigura ko ico ikirundi gisumvya izindi ndimi ni uko ari ururimi rw’igihugu, ururimi rw’amavukiro ku gihugu c’Uburundi n’abenegihugu baco.

Ariko none ni kuki hari abiyumvira ko vyogirwa ikizira ukubangikanya urwo rurimi n’izindi, hano mu gihugu iwacu?

Ikirundi si ururimi mpuzamakungu

Ingingo y’uko “amanama y’amashirahamwe mpuzamakungu akorewe mu gihugu hagati yoja arakorwa mu Kirundi” yanteye kwibaza ibibazo bitari bike: ko ururimi rw’ikirundi rutari mpuzamakungu, ni gute twifuza ko ikoreshwa ryarwo ryoba nk’ibwirizwa mu manama mpuzamakungu abereye mu gihugu cacu ? Ko nziga ata vyigwa birakorwa vyo kugira hamenyekane ingereranyo y’ibitigiri vy’abantu boba bakoresha ururimi rw’ikirundi kw’isi yose, ubwo ntitwohava dusanga ari ukwihomvya hamwe twokwihutira gushira inyuma cane ikoreshwa z’indi ndimi kugeza no mu manama y’amashirahamwe mpuzamakungu ?

Mu mwaka w’1973, hari politike y’inyigisho mu mashure mato mato hakoreshejwe ikirundi gusa yafashwe, ariko ntaco yashitseko, maze ihereza gufutwa mu mwaka w’1992.

Abakoresha ikirundi burya ni bake cane

Ahandi, indimi zizwi ko zikunze gukoreshwa mu manama mpuzamakungu ni: icongereza, icarabu, igishinwa, icesupanyoli, igifaransa hamwe n’ikirusiya. Ivyo bigatumwa n’uko ziri muri cumi za mbere zivugwa cane kw’isi.

Ico kutirengagizwa ni uko abantu bavuga canke batahura ururimi rw’ikirundi bakiri ku rushi ugereranije n’ababa kw’isi yose.  Mu bantu barenga imiliyaridi ndwi, abashobora gutahura ikirundi boba bari hagati y’imiliyoni 15 na 20; hisunzwe amatohoza yagizwe n’ikigo nyafrika c’indimi c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika gisanzwe gifise icicaro mu gihugu ca Mali.

Abo bantu rero bakaba bari mu bihugu vyo mu karere: Urwanda, Ubuganda, Tanzaniya hamwe n’igihugu giharanira intwaro rusangi ca Congo.

Inzira zo guteza imbere ikirundi zirazwi

Mu mwaka w’i 2007, leta yarashizeho politike ijanye n’imico, ibicishije ku bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imicokama. Mu kigabane ca kane n’ic’umunani, haravugwamwo inyishu n’imigambi kugira ururimi rw’ikirundi rusubizwe iteka kandi rwongere rutezwe imbere.

Iyo politike irashimikira kw’ishingwa ry’urwego rujejwe gukingira no guteza imbere ururimi rw’ikirundi, itororokanywa ry’ivyanditswe vyose mu kirundi n’ishirwaho rya kazinduzi y’ikirundi.

Muri iyo nteguro, haravugwa guhindura mu kirundi ibisomwa vyanditswe mu mayagwa mvamahanga. Ariko kandi hakongera hakaba ihimiriza ryo kuvuga ikirundi neza mu ntwaro, mu mashure no mu mwuga wo kumenyesha amakuru.

Jewe rero mbona ko ingingo itegeka ikoreshwa ry’ururimi rw’ikirundi gusa mu manama abereye ku butaka bw’igihugu cacu yari ikwiye gusubirwamwo.

Hamwe ivyo vyokorwa, yoba ari yo ntambwe nini kandi nyakuri ishikana ku gukomeza n’uguteza imbere ururimi rw’ikirundi.

 


Soma kandi:

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion