article comment count is: 0

Ihiganwa ry’igikombe c’isi ntiryari rikwiye guhungabanya imirimo !

Ku mugabane w’Ubulayi, mu gihugu c’Uburusiya, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’igikombe c’isi yose rirabandanya. Mu Burundi naho, imirimo ya minsi yose irabandanya. Ariko naho biri uko, hari agahaze : iryo higanwa ririko rirahungabanya ibikorwa mu buryo tutabona. Martial Hariyongabo agatera akamo kugira bamwe bikebuke.

Abakurambere barayamaze bati : « Aho utateye isuka ntukahatere intemere », barongerako bati : « Imburakimazi ibagara umushatsi ». Hari kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi uyu mwaka, aho hatangura inkino z’uguhiganirwa igikombe c’isi mu mupira w’amaguru, hariya i Bulaya, ku birometero 9 566, uvuye i Bujumbura mu Burundi. Kuva uwo munsi rero, aho umuntu aciye nka hose nta yindi nkuru iyagwa atari iryo higanwa ridasanzwe. Co kimwe n’ibindi bihugu vyo kw’isi, Abarundi ntitwasigaye inyuma mu kwitaho gukurikirana ivy’iryo higanwa. Yamara rero, ntako nsanzwe ndi umwe mu bakunzi b’izo nkino, hamwe Abarundi bamwe bamwe tutokwikebuka, tuzokwibuka kwifuka dusanga bwakeye !

Akajoreza !

Ejo bundi nagiye muri imwe mu ma banki asanzwe akorera mu gisagara ca Ngozi. Nk’uko ndabimenyereye, abantu isinzi bari bicaye barindiriye kwakirwa. Nanje ndafata icicaro nk’abandi ndarindira ko nshikirwa. Ico gihe nariko ndasiganwa n’umwanya kuko nari mfise ivyihutirwa vyinshi nategerezwa kuja gukora. Ariko mu kanya namaze nicaye ngaho, narihweje neza umwe mu bari bajejwe kutwakira ndabona ingene buri mwanya yaguma atereza amaso kuri ngendanwa yiwe aho yari iteretse. Uwo rero yariko yakira abaje kumwitura  yongera yirabira umupira w’amaguru wariko werekanwa ikibiriraho ku ngurukanabumenyi.

Ariko icaje kumbabaza kuruta ibindi n’ingene hagati y’ukwakira abantu babiri bakurikirana yabanza guharira n’uwo bakorana yari mu kandi kumba ku makosa yariko arakorwa n’abasifuzi n’ibindi vyariko bibera muri urwo rukino. Nanje aho nari ndi ishavu riraniga kubera umwanya unjanye. Nagiye gushikirwa maze gutakaza umwanya urenga isaha yose.

Ni ko ukwisamaza ngo umuntu aruhurire umutwe ivyo aba yiriwe arakora ntivyari bibi na gato. Nko ku bakunzi b’umupira w’amaguru bobo, iri higanwa ry’igikombe c’isi riba rimwe mu myaka ine riza turishashaye bidasanzwe gushika aho twumva umengo twoba duhomvye cane hagize nk’urukino rukomeye kanaka ruducika. Ariko kandi, ivyo ntibikwiriye gutuma umuntu agera n’aho yirengagiza gukora neza ivyo aba asanzwe ajejwe. Nyabuna, yobanza akabitunganya neza, maze mu  mwanya wo kuruhuka, akaraba izo nkino canke mbere bishobotse akanaja no mu bagenzi bagasangira uwo munezero w’iryo higanwa ata nkomanzi.

« Akari mu mpene ni ko kari no mu ntama »

Si mu mabanki gusa. Muri ya mazu bamweramwo canke basokorezamwo imishatsi, mu bubare, mu maduka atandukanye, hose ni uko. Ikitavuzwe ni abanyeshure bari mu bibazo birangiza umwaka w’ishure. Igisiga ubwenge ni nk’ukubona  umudandaza muzima yubahuka kwugara iduka ryiwe imbere y’amasaha kugira ngo aje kwirorerera izo nkino i muhira canke mu kirabo hamwe n’abagenzi.

Nayo ku banyeshure bari mu bibazo birangiza umwaka, nta nkeka ko uwihebeye iri higanwa azohahombera umwimbu w’amanota muri kino gice ca nyuma. Gutyo rero, nkabona ko hamwe tutokwikebuka, inkino zizorangira bamwe bammwe bace batangura kwicuza ngo : « Iyo tumenya ! »

 


Soma kandi : Ngo « akazi ka leta kica uwicaye » ? Ntirikabe ku magara yacu!

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion