Umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha Abarundi ugiye kwongerwa ikiringo co gukora, n’uburebure bw’ikivi utegerezwa gukutsa. Hari amakenga menshi ku co umuntu yokwitega ku gikorwa uwo mugwi ugiye kurangura. Egide Nikiza aratugirira umwihwezo.
Inyuma y’imyaka ine umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha Abarundi (« CVR » mu mpfunyapfunyo y’igifaransa) uri ku kivi, abashingamateka basanze ibikorwa vyawo bisa n’ivyari bikiri mu ntango. Ni naho haciye hava uguca basaba ko wokwongerwa ikiringo co gukora.
Ariko rero, uwo mugwi waranongewe kandi ikiringo wotohozako ivy’amatati yaranze Uburundi muri kahise : ni kuva ku ntwaro za gikoroni, mu mwaka w’1885, kuza mu mwaka w’2008. Yose hamwe ikaba ari imyaka 120.
Bazobikika gute ?
Abagize uwo mugwi bafise igikorwa kiremereye cane. Bazogira amatohoza ku myaka itoroshe kumenya ivyayiranze. Nko ku bijanye n’imyaka Uburundi bwari mu ntwaro y’ubukoroni bw’Abadagi n’Ababirigi, icobafashije ni inzandiko zoba zaranditswe muri ico gihe. Ariko izo si nyinshi zishobora kuboneka, kuko n’izihari zanditswe n’abazungu mu mpera z’ikinjana ca 19 no mu ntango z’ikinjana ca 20. Izindi na zo ziri mu minwe y’ivyo bihugu hamwe n’abihebeye Imana bo mu madini yariho ico gihe. Ukurondera ukuri kuri ico kiringo ivyo bihugu vyari bitwarwa na bo, bisigura ko ari ngombwa kuja gucukura iwabo. Ntivyoroshe! Kuko kumbure vyotuma haba indishi z’akababaro zirihishwa ivyo bihugu.
Ikindi na co; nko gufata abantu batatu gusa bakaba ari bo bongerwa muri uwo mugwi, mu gihe igikorwa wari ufise kigwijwe na gatatu, bahora bakorera ku mwanya w’imyaka 46, ubu umwanya ugiye kuba imyaka 123, bazobishobora gute?
Ikibazo c’uburyo na co
Nta wocirengagiza! Umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha Abarundi ufise ingorane zijanye n’uburyo. Mu miliyoni 34 z’amadorari y’abanyamerika wari wasavye, abafasha Uburundi bari bawemereye imiliyoni 10.
Umunyamabanga nshingwabikorwa w’uwo mugwi, Niragira Korotirida, yamenyesheje abashingamateka ko abo bafasha Uburundi batahavuye ngo bashitse ivyo bari bemeye. Kandi icizere c’uko bagiye kubishitsa vuba si ikirenga. Bizogenda gute none?
Ku bwanje, hamwe vyoshoboka ko uwo mugwi urangura neza ivyo waraye usabwe, ico kizoba ari igitangaza.
Soma kandi : Bururi na Rumonge: imanza zisesaguza