anes - indogobwa
article comment count is: 0

Burundi: ingingo yo kwirukana indogobwe hari abo iteye uruhombo

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buheruka gufata ingingo yo gukura indogobwe indogobwe cumi zari mu bari bazihawe muri komine Nyarusange mu ntara ya Gitega zikimurirwa ahantu hazonyene mu ntara ya Makamba. Mu gihe benshi babibona nko kwihindukiza mw’ijambo kw’ubwo bushikiranganji, Ndorukwingira Franck Arnaud asanga hari abatari bake bahahombeye.

Ubworozi bw’indogobwe bwatanguye mu Burundi mu kwezi kwa mbere kw’umwaka w’2015, mu ntara kama y’Ukumoso.  Bwahereye muri komine Kinyinya na Gisuru z’intara ya Ruyigi, hamwe na komine Cendajuru y’intara ya Cankuzo. Ngo akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze! Ubwo bworozi bwatangujwe n’Abarundi bari baje bahunguka, aho baburahuye ku babanyi bo mu gihugu ca Tanzaniya. Bifashijwemwo n’igihugu c’Ububiligi, indogobwe cumi n’icenda nizo zatanguye gushika mu Burundi.

Ubwo bworozi ntibwagarukiye aho gusa. Bwahavuye butandukira intara kama ya Kirimiro, butanguzwa n’indogobwe cumi muri Nyakanga 2017, muri komine Nyarusange y’intara ya Gitega ku mfashanyo y’igihugu c’Ubufaransa. Ishirahamwe Ogena-Burundi niryo ryaratanguje ubwo bworozi ku ruhusha rw’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi. Mu nteguro, uwo mugambi wategekanya indogobwe igihumbi, imwe imwe igahabwa umuryango w’abantu batanu. Abantu bashika ibihumbi mirongo ibiri na bitanu nibo bari guhabwa izo ndogobwe.

Amasezerano yacitse amasigaracicaro

Inyuma y’amezi umunani ubwo bworozi butangujwe muri komine Nyarusange, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwarisubiyeko, maze busaba ko izo ndogobwe zakwa abari bazihawe kubera ko “zinjiye hadakurikijwe amategeko”. Aha rero ikibazo umuntu yokwibaza ni ico kumenya nimba koko bishoboka ko mu gihugu hashobora kwinjira ibitungwa nk’ivyo vyose bisanzwe bitanamenyerewe hagaca amezi ashika kuri munani ubushikiranganji bubiraba butarabica n’ikanda? Maze ivyo bigatera amakenga y’ukwibaza ko ingorane yoba yaturutse ku zindi mvo itari ukwinjira kw’izo ndogobwe bidaciye mu mategeko.

Ku vyo nibaza, intandaro ya vyose yoba imigenderanire Uburundi bufitaniye n’ibihugu bimwe bimwe canke mbere n’ibihe vya poritike igihugu kirimwo. Kanatsinda, igihugu c’Ubufaransa cari cafashije mw’uyo mugambi, caheruka kunebagura reta y’Uburundi mu bijanye n’ubuzima bwa poritike. Ubona rero ko  aho impfizi zibiri zirwaniye, ubwatsi ari bwo buhagwa , bwa bworozi bwabaye nk’ivyo vyatsi. Abategetsi b’igihugu bafata iyo mfashanyo nk’igitutsi, bahera aho bibaza nimba indogobwe mu Burundi coba ari igikoko ciza canke kibi.

Abahomvye bo barahari

Ku barangura uwo mugambi akunguko ni kenshi, ndetse bavuga ko ataho bisa bisana n’ubworozi bw’inka bari bamenyereye. Fabiyano aturuka muri komine Kinyinya yiga muri kaminuza i Bujumbura umuryango wiwe uri mu borora indogobwe. Uwo rero agira ati: “Izo ndogobwe ziroroshe kugaburira kuko zirya ubwatsi buke ugereranije n’inka. Kubera zo, umwimbu wariyongereye kuko umwavu wazo umera cane. Ubu twarazambitse n’ ivyuma tuzikoresha mu mirima nka za nka zirima twakuze twumva, ndetse ziranadusahiriza mu kwikorera umwavu n’umwimbu”.

Kuri jewe, naho uwo mugambi ari muto ugereranije n’imfashanyo zihuta igihugu gikeneye, ubwo bworozi bwari bukwiye gushigikirwa kuko bwozamuye ubutunzi mu burimyi bukorwa n’ibice mirongo icenda kw’ijana vy’abarundi. Ivyo rero vyokwunganiye mu guteza imbere amagara y’abakenyezi n’ibibondo mu kubaremurura udukorwa tumwe tumwe.

 


Soma kandi : Rumonge : ingingo izotuma icamwa ca mandarena kizimangana

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion