article comment count is: 0

Burundi : kuki imiryango yivanga mu bugeni bw’abashimanye ?

Mu Burundi, bavuga bati : « urugo ni babiri ». Ariko umusore n’inkumi iyo baramutse bishimaniye, bagahitamwo kugira ubugeni, imiryango yabo ica itangura gutanga amategeko y’ukugene imanza zijanye n’ubugeni zotunganywa. « Iyo ngendo ikwiye guhinduka », nk’uko Déo Ndayishimiye abisigura.

Mu mwaka w’2016, ni ho natanguye kwizerwa n’abagenzi, bakanshira muri ya migwi itunganya imanza z’ubugeni bwabo. Kugeza uyu musi, maze gufasha mu manza ziri hagati ya 15 na 20.

Igihe cose nagiye mu bikorwa vy’iyo migwi, hari ikintu nama mbona kikantungura : iyo umusore n’inkumi bamaze kumenyesha imiryango ko bagiye gushinga urwabo, ino miryango ica itangura gutegeka ingene imanza z’ubugeni zizogenda ; bene urubanza bagasanga ivyo bifuje kuva bakireshanya si vyo bihereje kuba. Ikibabaje ni uko, akenshi, iyo miryango atari yo usanga yatanze uburyo bukora urwo rubanza.

Ni ko, kirazira guta akaranga ; ariko kandi, amase ya kera ntagihoma urutaro. Kuki none  imiryango yo mu Burundi ikibandanya yivanga mu vy’itunganywa ry’imanza z’ubugeni bw’abana bayo ? Bisa n’ugutera ingorane abo bana.

Amase ya kera ntagihoma urutaro

Kare na kare, umusore kanaka yarashima umwigeme mu muryango munaka, agaheza akabimenyesha se wiwe. Canke, abavyeyi barashobora gushima umukobwa wa senaka, maze bakifuza ko uwo mugeni yokubakana n’umuhungu wabo. Se w’umuhungu rero yaca abanguka akubakira inzu umuhungu wiwe, iyo amaze gushika mu bigero, hanyuma agakurikizako gutunganya imigirwa yose ijanye n’ubugeni, gushika umugeni bamutahane.

Ubu rero, ivyari i magera vyarageruye. Umuhungu iyo ashimye umukowa, ni we amwirehereza, akiyumvira kandi agatunganya bafatanije n’uwo mukunzi wiwe ivy’urubanza rwabo, hama bakabimenyesha imiryango yabo. Ino nayo igaca itangura kuzanamwo amategeko yayo rero.

Muri za manza nka zose maze kujamwo, imiryango usanga yatanguye kubwira umuhungu ivyo itashimye ku mugeni agiye gutwara, no ku mukobwa bikagenda uko. Bikunze urubanza rugatunganywa, imiryango ica itangura gutegeka ingene urwo rubanza ruzoba rusa : abatumire bategerezwa kuzoza, inzimano zizokoreshwa canke mbere n’aho urubanza ruzobera.

Ico bikoze, uko bagwiza ibitigiri vy’abatumire, bamwe mbere ugasanga na bene urubanza ntabo bazi, si ko batanga uburyo bwo gutunganya urwo rubanza ; bitandukanye n’uko vyagenda aho hambere. Maze bikaremera abagiye kubakana.

Abavyeyi nibisubireko

Ubu aho bigeze, hari urwaruka rumwe rumwe rumaze gutangura kugira ubugeni nka kurya kwo mu kizungu, aho umuhungu ahitanana n’uwo yashimye, bagahitana abagenzi nka cumi, urubanza rugakorwa n’abo.

Harakwiye ibiyago hagati y’abavyeyi n’abana. Mwe n’ivyo biyago vyotunganywa n’insamirizi, ibinyamakuru n’iyindi mibano gahuzamiryango. Ntivyumvikana ingene abavyeyi usanga ata buryo batanze mu gutunganya imanza, ariko ugasanga batumiye isinzi ry’abantu, canke bagategeka ngo : « Urubanza rwo gusohora umwana wacu rutegerezwa kuba rumeze uku ! » E mama ngo « kanaka yarantumiye mu rubanza rwiwe, nanje sinoreka kumutumira » ; ibizokenerwa vyose bigaharurwa ku gatwe ka bene kurushinga. Iyo ngendo yarashaje.

 


Soma kandi : Ubugeni bwa Annonciate na Bernard : « Urukundo ntiruraba igihagararo »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion