article comment count is: 1

Burundi: icokorwa kugira Intamba zishike mu nkino z’igikombe ca Afrika mu 2019

Umurwi nserukiragihugu mu rukino rw’umupira w’amaguru, Intamba mu rugamba, w’abadakwiza imyaka mirongo ibiri, uheruka gutera iteka igihugu mu kuronka itike yo kwitaba igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Niger mu ntango z’umwaka w’2019. Hari haheze imyaka ishika kuri mirongo ibiri n’ine iryo teka ridatashe i Burundi. Hari rero ivyokorwa kugira ngo ivyo bikunde no mu murwi w’abarenza imyaka 20 maze bashike mu gikombe ca Afrika kizoba mu mwaka uza mu gihugu ca Cameroon nk’ukwo Landry Rukundo abibona.

Kugira abatarashikana imyaka 20 baronke iryo tike, Uburundi bwasezereye umurwi nserukira gihugu wa Zambiya mu kuwutsinda ibitsindo bitatu ku busa mu rukino rwo gusubizanya, mu gihe urukino rw’intango rwabereye i Lusaka muri Zambiya, Uburundi bwari bwatsinzwe igitsindo kimwe gusa ku busa. Hari rero amahinduka Uburundi bwaraye bwerekanye mu gusubira gushika mu gikombe ca Afrika c’abadakwije imyaka 20 inyuma y’imyaka mirongo ibiri n’ine yari ihaciye. Aho rero umuntu arabona ko no mu murwi nserukiragihugu w’abakuze bishoboka ko dushika mu gikombe ca Afrika kizoba mu mwaka w’2019, mu gihugu ca Cameroon, hamwe ababijejwe bohindura ibintu bimwe bimwe.

Imyiteguro ishobora gufasha abakinyi

Amidou Hassan, umumenyereza w’abasamyi b’umurwi nserukiragihugu w’abadakwiza imyaka 20 aremeza ko Uburundi bufise abakinyi boshobora gukina neza: “Abakinyi b’Abarundi barafise ingabire kandi boshikana kure igihugu c’Uburundi mu gihe bamenyerejwe neza”. Arongera akavuga ati: “Icatumye ahanini dutsinda umurwi wa Zambiya, ari nawo waheruka gutwara ico gikombe ca Afrika c’abadakwiza imyaka 20, n’ishaka twashize mu bakinyi mu kubatahuza ko igihugu cose kibahanze amaso kandi ko bafise inguvu zotuma dutsinda Zambiya. Ikindi naco gikomeye ni uko twafashe umwanya ukwiriye wo gutegura abakinyi, twamaranye umwanya munini, bituma bamenyerana kandi natwe turaronka umwanya ukwiriye wo kubigisha”.  

Ariko kandi, amahirwe ni menshi ubu kurusha mu gihe giheze. Ivyo twobivuga dufatiye ku ngingo y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, aho riheruka kwongereza imirwi izohiganirwa igikombe ca Afrika, ikava ku mirwi cumi n’itandatu ikagera ku mirongo ibiri n’ine.  Ni mu gihe kandi umukinyi Saido Berahino asanzwe akinira umurwi wa Stoke City wo mu Bwongereza yemerewe gukinira Uburundi. Aho rero ivyizigiro vyo kubona Uburundi muri ico gikombe bikaba vyinshi uno mwaka kurusha mu minsi iheze.

Ivyokorwa kugira Uburunndi buvyifatemwo neza

Mu gihe Uburundi bwogira ihangiro ryo gushika mu gikombe ca Afrika c’abakuze kizoba mu kwezi kwa ruheshi mu mwaka uza, mu gihugu ca Cameroon, hari ivyo bwobanza gukora nyamukuru. Botumako abakinyi babishoboye hatabayemwo nkunzi mu kubacagura, hagategurwa inkino za kivandimwe n’ibindi bihugu, abakinyi bakitabwaho mu kuronswa ivya ngombwa vyose bikenewe, hama natwe Abarundi twese tukabaja inyuma mu kubereka ko tubafitiye icizere. Ivyo bikozwe nta cotuma tudashika  muri ico gikombe, na rirya mu nkino zo kurondera itike yo kuja muri ico gikombe Uburundi tukiri aba mbere, tugakurikirwa na Mali hanyuma hakaza igihugu ca Gabon. Sudani y’amaja epfo nayo ikaza mu kibanza ca nyuma. N’ukuvuga rero ko icizere kiriho cane.

 


Soma kandi : Uburundi mu nkino z’isi yose z’umupira w’amaguru mu mwaka w’2026

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)